{"id":4256,"date":"2019-09-13T08:56:58","date_gmt":"2019-09-13T06:56:58","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4256"},"modified":"2019-10-30T19:08:01","modified_gmt":"2019-10-30T18:08:01","slug":"kayanza-abanyeshure-igitabu-rwegura-ntahe-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/kayanza-abanyeshure-igitabu-rwegura-ntahe-burundi\/","title":{"rendered":"Mu Kayanza, abanyeshure barahimbawe n\u2019ukubona igitabu ca Ntahe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe aho ico gitabu cagiye kiracishwa mu ntara zitandukanye cerekwa abantu bose, mu ntara ya Kayanza cashikiriye urwaruka rw\u2019abanyeshure muri komine Kabarore itariki 9 Nyakanga, 2019. Kw\u2019ishure ryisumbuye rya komine riri mu Rwegura, abanyeshure n\u2019umuyobozi wabo barakengurutse. Vyabereye ku kibuga c\u2019iryo shure. Abakenyezi Mariya Roza Nicimpaye na Koreta Ndaruzaniye bakaba barahashingiye intahe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abanyeshure bari bahimbawe aho bari ku kibuga c\u2019ishure. Hari akabeho igihe c\u2019isaha zine z\u2019agatondo. Mu burengero hari imirima minini y\u2019icayi.<em> \u201cYooo\u00a0! Ndabonye icayi yemwe ibi bintu binyeretse ico ntari bwabone! Sinobabesha jewe sinari bwabone icayi.\u201d<\/em> Uwo ni umwe muri ba bapfasoni baje gushinga intahe bava i Karusi atangaye.  <\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi\nw\u2019iryo shure yaratanze ikaze, maze asaba abanyeshure gutega amatwi\nabagira babayagire ubutwari bagize mu bihe vy\u2019amakuba.<\/p>\n\n\n\n<p>Yagize\nati: <em>\u201cNdahaye\nikaze aba bantu bashitse hano namwe mubatege yompi kuko ni mu\nntumbero yo guharanira amahoro. Twama twababwiye tubaha impanuro ko\nmwobumbatira amahoro. Mu mahoro ni ho muheza mukiga mugatera\nimbere.&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Adatevye Mariya Roza yaciye afata ijambo abagira ku muriri ivyamushikiye mu gihe c\u2019amakuba yo mu 1993. Na Koreta nyene vyagenze uko, bompi baravuze ukuntu bemeye kwitangira amahoro bakahakurwa n\u2019Imana gusa bagira bicwe kubera kunyegeza abo badasangiye ubwoko.  <\/p>\n\n\n\n<p>Aho hose, ubona ko mu banyeshure bari ngaho ata n&rsquo;umwe yari bwavuke igihe iryo bara ryagwa, warabona ko bateze amatwi batangaye cane.  <\/p>\n\n\n\n<p>Christine Ntahe na we nyene yaragarutse ku mpanuro yagiye aratanga mu ntara zose 17 ico gitabu caciyemwo.  Yasavye nya banyeshure kugaragaza urukundo bahereye mw\u2019ishure no mu kibano i muhira iwabo.Gukundana ngo bibonekera mu gutizanya agakaramu n\u2019utundi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Barakengurutse\nbiyemeza guharanira amahoro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p> <em>\u00ab\u00a0Twimirije ibihe vy\u2019amatora. Twebwe urwaruka dukundane kuko turi bato ntituri abanyeporitike. Dufatane mu nda nk\u2019abanyeshure. Igihugu ni rwacu, twe Burundi bw\u2019ejo dufashanye kwimura mw\u2019ikaye, dutizanye ikaramu.\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Kayanza-ikiyago-ku-gitabu-ca-Ntahe-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-4269\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Kayanza-ikiyago-ku-gitabu-ca-Ntahe-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Kayanza-ikiyago-ku-gitabu-ca-Ntahe-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Kayanza-ikiyago-ku-gitabu-ca-Ntahe-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/10\/Kayanza-ikiyago-ku-gitabu-ca-Ntahe.jpg 1500w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption> \u00a9Jimbere&nbsp;| <strong><em>Christine Ntahe ariko ari kumwe n\u2019umuyobozi, kumwe na Koreta, Mariya Roza ariko arashinga intahe.<\/em><\/strong><\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Ivyo\nvyashikirijwe n\u2019umwigeme Nibaruta Josephine. Abari aho bose baciye\nbamukomera amashi.<\/p>\n\n\n\n<p>Uko uwo mwana yavuze, n\u2019abandi barashikiriza ijambo ry\u2019inkoramutima. Uwitwa Jonathan Tuyisenge wewe ni umwana muto gose yiga mw\u2019ishure shingiro mu mwaka wa gatanu. Yemeje abari ngaho bose ko azogaragaza urukundo agatiza agakaramu n\u2019agakaye uwugakeneye, ataravye iyo ava canke ikindi ico ari co cose comutandukanya na we. Uwo mwana na we nyene baramukomeye amashi.<\/p>\n\n\n\n<p> Uwitwa\nJimmy Bukebuke na we nyene yaremeje ko agiye kubumbatira amahoro,\nmugabo yerekana ko hari n\u2019ibindi vyamushegeshe. \n<\/p>\n\n\n\n<p>Yarinamuye\nati: <em>\u201cBinyigishije\nkubumbatira amahoro kurusha. Ibi bihe usanga abanyamahanga baririmba\nguhuza ibitsina, ugasanga urwaruka rurapfuye kubera kwitwara nabi.\nMpanuye n\u2019abandi bave muri iyo ngeso bareke kwitegereza ivyo bintu.\nDufise ingeso nziza binezera abavyeyi.\u201d<\/em>\n\n<\/p>\n\n\n\n<p>Abandi\nmu rwaruka rwo kuri iryo shure, bariyemeje gufasha ukundi. Uwundi\nyavuze ko agiye guhimiriza urwaruka gufasha abatishoboye ataravye\nubwoko canke ikindi gitandukanya abantu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubona ko ata mwonga ubura isato iba idahizwe, no muri iyo komine yabo ya Kabarore ngo amacakubiri aracariho. Uwitwa Irakoze Ariane yamenyesheje ko mu kibano iwabo abakiba mu makambi y\u2019abateshejwe izabo n\u2019abasigaye mu zabo hari abatarabana ryiza. Yasavye urundi rwaruka gufasha kwubakira abakiba muri bene ayo makambi. Yaciye anagirako avuga ko yiyemeje gufasha gukura abana mw\u2019ibarabara abicishije mu migwi (clubs) bazoshinga hamwe n\u2019abandi bangana. Yarateye akamo abana bose ko bogwanya amacakubiri bivuye inyuma.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwasozereye gufata ijambo mu banyeshure ni uwurongoye abandi yitwa Salvator Nyandwi. Yavuze ko bagiye kubandanya bakora uko basanzwe ati: <em>\u201cIco twashize imbere ni ukurondera ubumenyi. Twese turaja kuraba uwugwaye muri site n\u2019udukwi, n\u2019utundi. Turafungurayo, twitwaza imbombo ivyo vy\u2019amoko twarabirengeye.\u201d<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi n\u2019abanyeshure barashimye cane kubw&rsquo;impanuro n&rsquo;inyigisho zidasanzwe bahungukiye. Abafashe amajambo rero bakaba baciye bahabwa ubushimwe, ishure na ryo risigarana ibitabu bitari bike.<\/p>\n\n\n\n<p>Igitabu cari gihejeje kwishikira mu ntara zose z\u2019Uburundi<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe aho ico gitabu cagiye kiracishwa mu ntara zitandukanye cerekwa abantu bose, mu ntara ya Kayanza cashikiriye urwaruka rw\u2019abanyeshure muri komine Kabarore itariki 9 Nyakanga, 2019. Kw\u2019ishure ryisumbuye rya komine riri mu Rwegura, abanyeshure n\u2019umuyobozi wabo barakengurutse. Vyabereye ku kibuga c\u2019iryo shure. Abakenyezi Mariya Roza Nicimpaye na Koreta Ndaruzaniye bakaba barahashingiye intahe. Abanyeshure bari [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":34,"featured_media":4268,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[236],"tags":[],"coauthors":[237],"class_list":["post-4256","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-abakenyezi-bintwari-bibagiwe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4256","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/34"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4256"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4256\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4280,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4256\/revisions\/4280"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4268"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4256"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4256"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4256"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4256"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}