{"id":4211,"date":"2019-10-25T17:04:52","date_gmt":"2019-10-25T15:04:52","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4211"},"modified":"2021-01-27T16:15:11","modified_gmt":"2021-01-27T15:15:11","slug":"abana-ibarabara-ibiyayuramutwe-bapud-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abana-ibarabara-ibiyayuramutwe-bapud-burundi\/","title":{"rendered":"Mu myaka 4 gusa, ibitigiri vy&rsquo;abana banywa ibiyayuramutwe vyariyongereye incuro 2"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu mwaka wa 2015, ibitigiri vy&rsquo; abana bihereza ibiyayuramutwe vyangana 150. Inyuma y imyaka 4 gusa, ivyo bitigiri bigeze hagati ya 230 na  380. Ivyo bitigiri bishikirizwa n&rsquo;ishirahamwe BAPUD rihurikiyemwo abahoze bihereza ibiyayura mutwe.  Eric Nsengiyumva, asanzwe ariserukira imbere y&rsquo;amategeko avuga ko benshi muri abo bana bataba barashikana n&rsquo;imyaka 18.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ingorane ziri mu miryango itandukanye canecane izishingiye ku bukene ziratuma abana baba mu buzima bubi ivyo bigatuma umwana akora ico atokoze kandi imibereho canke agateka kiwe gahungabana.<\/p>\n\n\n\n<p>Bizimana Aimable n&rsquo;umwana afise imyaka 14 akaba avuka mu ntara ya Bubanza. Ariko ubu akaba ari umwana wo mw&rsquo;ibarabara bimwe abenshi bita abatimbayi canke ba mayibobo. Ku kibazo c\u2019ingene yisanze mw\u2019ibarabara agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Papa wanje yarapfuye hama mama aca arongorwa ku wundi mugabo jewe baca baranyirukana. Naciye nja kuba kwa datawacu ariko kubera yagomba kutunyaga itongo kandi aho twaburana hose namutsinda, yagize ishavu afata ibikoresho vy\u2019ishure vyose nari mfise arabiturira agirako aranyirukana. Mbonye bigenze uko, nahisemwo kuja mw&rsquo;ibarabara&nbsp;ku gutinya ko yongambanira bakangirira nabi\u00bb.<\/em> Uwu mwana ngo ubuzima ntibwamworoheye kubamwo kuko vyatumye yamana ukwihebura yanduruka atangura kunywa ibiyayuramutwe kugira yiyibagize ibibazo arimwo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubuzima\nbwiwe bwarononekaye\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab&nbsp;Ibarabara ntirirera kuko rikorerwamwo vyinshi&nbsp;\u00bb<\/em>, mugani w\u2019abakurambere. Inyuma yo kwirukanwa kw&rsquo;ico kibondo vyatumye yomokera mugisagara ca Bujumbura aca atangura kunywa ibiyayura mutwe. N\u2019umwiheburo mwinshi agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Kumvo zuko ntari mbona uko ngiye kubaho naciye ntangura gusangira urumogi n\u2019abandi bana bo mw&rsquo;ibarabara nyene kugira nibagire ivyambabaje , mbuze urumogi naca nywa ipaki y\u2019itabi, kandi nyoye urwo rumogi naca numva mfise inguvu nyinshi ngaterura ibintu biremereye&nbsp; cane&nbsp;\u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ariko n\u2019ubwo biri uko ntiyakomeje iyo ngeso kuko vyamuteye kugwara ibihere mu maso arafutana cane kuburyo ayoberana, kubera ukubura uburyo bwo kwivuza yahisemwo kubiheba. Agashinga intahe avuga ati\u00a0:\u00a0<em>\u00abKunywa ibiyayuramutwe narabihevye kubera nkibifata narimeze nk\u2019umugwayi wo mu mutwe, sinubaha umuntu n\u2019umwe naragwaragurika ariko kuva ndabihevye meze neza sinkigwaragurika n\u2019aho mbayeho\u00a0nabi\u00bb.<\/em> Agirako anatera akamo ku bandi bana bose bakinywa canke biyumvira kunywa ibiyayuramutwe kubiheba kuko ngo nta co bimaze atari ukubicira ubuzima gusa.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igituma ivyo bitigiri bitera vyiyongera<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abahurikiye muri BAPUD bavuga ko imvo nyamukuru ituma hibonekeza abana benshi bari muri izo ngorane z\u2019ibiyovyabwenge, iva ku vyo bita amarigara menshi agwiriye aha na hariya bigatuma uwufise ingeso mbi azigisha uwundi, canke bigaterwa n&rsquo;ingorane zo mu miryango.<\/p>\n\n\n\n<p>Eric akavuga ko ishirahamwe BAPUD ririko rirakora ibishoboka vyose ngo rishire ahabona ibitigiri nyezina vy&rsquo;abana banywa ibiyayuramutwe agasaba ko n\u2019abandi boca bafasha mu kurwanya iyo ngeso mbi yiziziye abana baba mw\u2019ibarabara, ngo aho abenshi bihutira kubatwara mu bigo vyakira abagwayi bo mumutwe nyabuna ko bobanza bakumviriza ikibazo bafise mu buzima kugira gitorerwe inyishu.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na Gis\u00e8le Uwimana, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n&rsquo;agateka k&rsquo;abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu mwaka wa 2015, ibitigiri vy&rsquo; abana bihereza ibiyayuramutwe vyangana 150. Inyuma y imyaka 4 gusa, ivyo bitigiri bigeze hagati ya 230 na 380. Ivyo bitigiri bishikirizwa n&rsquo;ishirahamwe BAPUD rihurikiyemwo abahoze bihereza ibiyayura mutwe. Eric Nsengiyumva, asanzwe ariserukira imbere y&rsquo;amategeko avuga ko benshi muri abo bana bataba barashikana n&rsquo;imyaka 18. Ingorane ziri mu miryango itandukanye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4212,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,213],"tags":[247,340,341],"coauthors":[34],"class_list":["post-4211","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-ukubana","tag-abana","tag-bapud","tag-ibiyayuramutwe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4211","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4211"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4211\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4264,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4211\/revisions\/4264"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4212"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4211"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4211"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4211"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4211"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}