{"id":4185,"date":"2019-10-22T19:41:32","date_gmt":"2019-10-22T17:41:32","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4185"},"modified":"2019-11-05T15:12:52","modified_gmt":"2019-11-05T14:12:52","slug":"burundi-abakenyezi-kwatirwa-ibanga-ubushingantahe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abakenyezi-kwatirwa-ibanga-ubushingantahe\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, n\u2019abakenyezi basigaye batirwa mw\u2019ibanga ry\u2019ubushingantahe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Jean Baptiste Ntahokaja, mu gitabu ciwe yise \u00ab Imigenzo y\u2019ikirundi 1978\u00bb ngo kuva kera na rindi umushingantahe yaratorwa ariko babanza ku muca irya n\u2019ino bakamwiga, hama bakabona kumwatira akamira akabuye k\u2019abagabo, agahabwa intahe, maze akabona kuba umucamanza abushitse. Carazira ko umugore canke umwana yatirwa. Ariko kubera ko amategeko agenga abashingantahe yahinyanyuwe, n\u2019abakenyezi ubu baratirwa. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko bishikirizwa\nn&rsquo;umushingantahe Balthazar Habonimana arongoye urwego rw\u2019abashingantahe mu\nBurundi, ngo umushingantahe ni uwo wese yatiriwe ibanga ry\u2019abashingantahe bene\numurango babona, yaba umugabo canke umugore, hakurikijwe ibiranga umuntu\nabereye kwatirwa. Agira ati: \u00ab<em>Ubu hatirwa umurundi canke umurundikazi\nashikanye canke arenza imyaka 35, yabisavye ashigikiwe n\u2019umuhetsi ari we\nmuvyeyi wo ku ntahe kandi akemererwa n\u2019abashingantahe n\u2019abapfasoni bo ku\nmutumba abako be n\u2019abarongoye urwego rw\u2019abashingantahe muri komine.\nNtawushobora kwatirwa atubatse urwiwe kiretse iyo asanzwe arangura amabanga\nazwi kandi yemewe ajanye n\u2019ukutubaka <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibiranga\nuwubereye ibanga ry\u2019ubushingantahe<\/strong><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko biri mu\ngatabo k\u2019amategeko agenga urwego rw\u2019abashingantahe ku rupapuro rw\u20197, uwatirwa\nategerezwa kuba ari imvuga kuri, agwanira ubutungane kandi agatunganiriza bose,\nabanye neza n\u2019uwo bubakanye kandi akamana ubwira mu gutunganya urugo rwiwe,\nyitaho imibano myiza y\u2019abantu, yizigiwe n\u2019abo babana hamwe n\u2019abo bakorana,\nagumya ibanga akanarigendera, afise impuwe, kuba ataraba nkunzi adakunda inda\ncanke ngo aguze amaronko ijambo, kuba atari imborerwa canke igihumbu, kuba azi\nkuvuga neza ikirundi kandi agashikiriza ijambo ritumbereye kandi afise ubwenge\nbutazindwa, yihangana kandi afise n\u2019inzindi ngeso nziza zo mu mico kama\ny\u2019abarundi. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Aho\nhambere ntibatira umugore, ariko ubu\u2026&nbsp;&nbsp; <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kera umugore we\nntiyatirwa, imvo ngo ni kubera yagereranywa n\u2019umwana, yibaraguza ntabike\nibanga. Babona ko yozindwa mu kuvuga agahava avuga ibitaroranye mu rubanza.\nAriko iyo umugabo yatiwe mu rugo, n\u2019umugore wiwe yaba yatiwe intahe\nigashikirizwa umugabo gusa, kuko ngo nta ntahe zibiri ziba mu rugo. <\/p>\n\n\n\n<p>Umushingantahe Balthazar Habonimana ati: <em>\u00abNo muri iki gihe ni ko bimeze. Muga ubu iyo umugore yapfakaye agasaba kwatirwa, iyo akwiza ibisabwa mw\u2019ibanga ry\u2019ubushingantahe, aratirwa akarahira indahiro imwe nk\u2019iyabagabo gutyo akitwa umupfasoni (Umukenyezi yatiwe). Ariko rero aho umugabo ahabwa intahe, umupfasoni we ahabwa agaseke gafundikiye kagereranywa n\u2019ibanga ry\u2019ubashingantahe azogumya kandi akazogendera kuva umunsi yatiwe \u00bb. <\/em>Uwomushingantahe akagirako anatanga akarorero k\u2019umupfasoni Christine Ntahe azwi kw\u2019izina rya \u00ab Mama Dimanche \u00bb yatiwe bose babiraba kubera babona ko abikwiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Godefroid Sindayihebura umushingantahe yabunyoye aba i Gitega na we avuga ko intahe idahinduka, iguma ari imwe. Ngo umupfasoni kirazira ntiyigera afata intahe. Ico akora, mu rubanza arashikiriza ijambo bigasosa kandi rikemerwa ahandi ho intahe igumana umugabo.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Jean Baptiste Ntahokaja, mu gitabu ciwe yise \u00ab Imigenzo y\u2019ikirundi 1978\u00bb ngo kuva kera na rindi umushingantahe yaratorwa ariko babanza ku muca irya n\u2019ino bakamwiga, hama bakabona kumwatira akamira akabuye k\u2019abagabo, agahabwa intahe, maze akabona kuba umucamanza abushitse. Carazira ko umugore canke umwana yatirwa. Ariko kubera ko amategeko agenga abashingantahe yahinyanyuwe, n\u2019abakenyezi ubu baratirwa. Nkuko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4186,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[336],"coauthors":[189],"class_list":["post-4185","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-abashingantahe"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4185","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4185"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4185\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4188,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4185\/revisions\/4188"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4186"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4185"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4185"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4185"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4185"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}