{"id":4164,"date":"2019-10-18T16:27:26","date_gmt":"2019-10-18T14:27:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4164"},"modified":"2019-10-23T13:59:12","modified_gmt":"2019-10-23T11:59:12","slug":"burundi-ishure-inyigisho-zidakumira-foreami","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ishure-inyigisho-zidakumira-foreami\/","title":{"rendered":"Umugambi w\u2019inyigisho zidakumira kw&rsquo;ishure FOREAMI"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Inyuma y\u2019ukwezi kurenga umwaka w\u2019ishuri wa 2019-2020 utanguye, abanyeshuri barenga 1000 ni bo biyandikisha kw\u2019ishuri Foreami. Abashika 45 muri bo, bagendana ubumuga butandukanye. Baba abakomenye canke abamugaye bose bahurira mu birasi bakigana, akaba ari mu ntumbero yo gutsimbataza umugambi w\u2019inyigisho zidakumira (Plan Educatif Inclusif). Bishikirizwa na Marceline umuyobozi w\u2019iryo shuri.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nta mwana n\u2019ikinono. Uwo ari we wese\nyaba uwugendana ubumuga canke uwukomeye bose barafise uburenganzira bwo kwiga.\nIgishimishije cane ni uko abo bose bashobora kwigana kandi bose bakunguruzwa\nata kibazo. Ivyo ni ko biri kw\u2019ishuri Foreami riri mu Buyenzi hepfo gato\ny\u2019ikigo cigisha ivy\u2019ubuvuzi INSP. Abanyeshuri batandukanye, abakomeye n\u2019abamugaye\nusanga bicaranye abandi bakina. Eka mu vy\u2019ukuri urabona ko inyigisho idakumira\nyamaze kwinjira kuri iryo shuri. Kanatsinda riri mu mashure ya mbere yatangurijwemwo\nuwo mu gambi (Ecole pilote \u00e0 \u00e9ducation inclusive). <\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Marceline umuyobozi w\u2019iryo shuri abishikiriza, muri uwu mwaka  wa 2019-2020, ibitigiri vy\u2019abana bose hamwe birarenga 1310. Muri bo, abashika 45 bagendana ubumuga butandukanye. Ubwo na bwo, ngo bwibonekeza mu mice itatu: Hari abafise ubumuga bushingiye ku bwenge. Aba rero akenshi ngo usanga baguma bacira inkonda, batavuga canke ngo bumve neza hamwe n\u2019abataguma hamwe baguma bazungazunga. Hari abamugaye ibihimba vy\u2019umubiri ari nk\u2019ijisho, amaguru canke amaboko, hamwe rero n\u2019abo ubwo bumuga bwose buhurirako (situation d&rsquo;handicap compliqu\u00e9).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kw\u2019ishuri abagendana\nubumuga bafatwa gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko bishikirizwa na Niyuhire Marie\numwigisha kuri iryo shuri, ngo habanje kubaho inyigisho ku barezi no kubana zatanzwe\nn\u2019ishirahamwe \u2018Handicap International\u2019 kugira babakuremwo agatima ko kwinuba\nabana bagendana ubumuga. Agira ati:&nbsp;\u00ab<em>&nbsp;Abamugaye\nbagitangura kuza kwiga, abana barabatinya, bakabinuba. Ariko twebwe abarezi,\ntwaca tubiyegereza, tukabaganiriza, tukabicara iruhande kugira n\u2019abandi\nbanyeshuri bigana babone ko abo bamugaye badatandukanye na bo&nbsp;\u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Yongerako ati:<em>&nbsp;\u00ab Ndafise umunyeshuri mu wa gatanu atabona neza, kubera ukuntu\nndamukurikirana mu bumuga bwiwe n\u2019abanyeshuri baboneyeho akaryo keza ko\nkumwiyegereza.Yiyicariye mu bandi n\u2019amarori yiwe, ntiwomenya ko ahwihwisha mu kuraba.\nKuri iri shuri nyene, hari n\u2019uwundi agendana ubumuga bw\u2019amaguru n\u2019amaboko. Abavyeyi\nbiwe bakimushikana, abana bigana ni bo baciye baza baramwitwararika,\nbakamuheka, bakamujana aho abasavye hose nko gukina canke mu kazu ka surwumwe.\nNo kuva aho aronkeye agakinga agahawe n\u2019iryo shirahamwe ryatanze inyigisho, abo\nbigana baratanguranwa kumutembereza, kumwinjiza mw\u2019ishuri no kumutahana i\nmuhira\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong><em>Ubwo bariga bakamenya?<\/em><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Niyuhire abandanya abivuga,\nngo abo bana bamugaye, barafise ingene babakurikirana. Ukumenya kwabo kuvana\nn\u2019ihangiro umwigisha aba yarihaye ashaka kubashikanako. Nk\u2019iyo uwo mwana afise\nikibazo co kutaguma hamwe kandi akaguma acira urukonda ahari hose, umurezi\narashobora kwiha ihangiro ry\u2019uko umwaka uzohera yicara agatekana kandi yamenye\nkwihanagura inkonda. Iryo hangiro arishikije uwo munyeshure aca yunguruzwa\nnk\u2019abandi. Arangiza avuga ko iyo ari umunyeshure atavuga kandi ntiyumve neza,\nbamwicarikana n\u2019umwana aza aramwereka ivyo umwigisha avuze. Gutera imbere\nkw\u2019abamugaye bagukesha ukwitanga kw\u2019abanyeshuri bakomeye n\u2019abigisha bose hamwe.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubera ko bene abo bana rimwe na\nrimwe usanga batimukira ku manota amwe n\u2019aya bandi bakomeye, iyo bageze mu\nbibazo vya reta ntibaheza ngo bunguruzwe bikaba ngombwa ko basibira. Marceline\navuga ko hari hakwiye kubaho iyindi ndingazo y\u2019abo bana kugira bace bajanwa mu\nbindi bigo, ari nk\u2019ivy\u2019imyuga bagahurirayo n\u2019abandi bakomeye, gutyo bagume\nbisanga mu bandi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Inyuma y\u2019ukwezi kurenga umwaka w\u2019ishuri wa 2019-2020 utanguye, abanyeshuri barenga 1000 ni bo biyandikisha kw\u2019ishuri Foreami. Abashika 45 muri bo, bagendana ubumuga butandukanye. Baba abakomenye canke abamugaye bose bahurira mu birasi bakigana, akaba ari mu ntumbero yo gutsimbataza umugambi w\u2019inyigisho zidakumira (Plan Educatif Inclusif). Bishikirizwa na Marceline umuyobozi w\u2019iryo shuri. Nta mwana n\u2019ikinono. Uwo ari [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4165,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[247,299,327],"coauthors":[189],"class_list":["post-4164","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-abana","tag-ishure","tag-ubumuga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4164","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4164"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4164\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4168,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4164\/revisions\/4168"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4165"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4164"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4164"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4164"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4164"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}