{"id":4161,"date":"2019-10-17T11:35:34","date_gmt":"2019-10-17T09:35:34","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4161"},"modified":"2019-11-05T15:12:26","modified_gmt":"2019-11-05T14:12:26","slug":"burundi-umwami-kwiha-ubuki","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umwami-kwiha-ubuki\/","title":{"rendered":"Uzi ko mu Burundi ata mwami yahambwa mw\u2019ivu ?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Aho ha mbere hahise, ku ntwaro ya cami, carazira kikaziririzwa ko ingogo (ikiziga) y\u2019umwami ihonyozwa mu nda y\u2019isi. Imvo : arinze atabwa mw\u2019ivu, isi yobaye ihumanye, ntiyosubiriye kumera indya. Urupfu rwiwe rero rwaba rutandukanye n\u2019iz\u2019abandi bantu bose mbere ashengeye bavuga ko ijuru ryakorotse. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva\nkera na rindi, abarundi baremera ko umuntu apfuye atagenda akagirire. Ni nk\u2019uko\nbatigera biyumvisha ko uwabo yabavuyemwo ahubwo nyabuna ngo : \u00ab <em>impwemu\nnzima yari muri we ni yo yaba ivuye mu kibiribiri maze ikaba iritambatambira mu\nkirerere aho hafi yihweza utwo abasigaye bikoza ku muvyimba wayo, bawufashe\nnabi bikazobasubirako, bawufata neza naho bakaroranirwa <\/em>\u00bb. Vyemezwa n\u2019umuhinga\nJean Baptiste Ntahokaja mu gitabu ciwe yise \u00ab Imigenzo y\u2019ikirundi, 1978 \u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Ku muvyimba w\u2019umwami ho vyari\nibindi. Umwami w\u2019i Burundi yaba asanzwe ari nk\u2019Imana mu gihugu ciwe. Icubahiro\nn\u2019ubutware vyiwe vyaramwomera naho yaba atakiri muzima.&nbsp; Bari bazi ko asanzwe afise ubushobozi bwose&nbsp;:\nuguhezagira, ukuvuma, ukugaba, ukwaka, ukugerera, ukwangaza, ugukiza n\u2019ukwica.\nKubw\u2019ivyo vyose abantu bamuzigamwo, n\u2019iyo bishitse agatanga, babwirizwa\ngushingurana iteka ingogo yiwe, n\u2019icubahiro cinshi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kwiha\nubuki<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abaganwa n\u2019abashingantahe\nbakurubakuru bakibona umwami wundi ageze kwima baca batera umwami bati&nbsp;<em>:<\/em>\u00ab<em> Mwami w\u2019i Burundi, uwundi mwami yakuze none\nuriha ubuki umubise tumushikirize <\/em>\u00bb.\nUwuri umwami ati&nbsp;: \u00ab <em>Nzobiraba<\/em> \u00bb.\nHaciye iminsi, umwami yaca ahamagara abatoni biwe n\u2019abaganwa, maze akiha ubuki\n(bwaba buvanze n\u2019imiti yica). <\/p>\n\n\n\n<p>Aho rero ntibavuga ko\numwami yapfuye, ahubwo bavuga ko yatanze kuko hapfa abantu basanzwe. Bukeye mu\ngitondo abantu bamaze kubimenya, baca bavuga ko ijuru ryakorotse. Kuva ubwo ntawasohora\nisuka, baca bamugandarira.<\/p>\n\n\n\n<p>Abo bita abanyange b\u2019i\nGatwaro, mu Rusaka mu ntara ya Mwaro, ni bo bari bajejwe ibanga ryo guhamba\numwami. Abo baraheza bakabanguka mu kibanza umwami yatangiyemwo bakanyaga inka\nzose zari zihari, ico kirimba bakagisambura, bakanyuranya ibikingi vyaco, ico\nharuguru kikaja epfo ic\u2019epfo kikaja haruguru, nk\u2019uko vyagenzwa iyo se rugo\nyapfuye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Yafubwa\ngute&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Amaze gucikana, Abanyange\nbaca babanguka bakarerura ikiziga c\u2019uwo mwami bakaja baragisiga ngo ntigihumure\nnabi, bakakijana ku nganzo i Muganza (mu ntara ya Kayanza) bagasanga abandi\nbubatse akararo (indaro) n\u2019agasenge bagashika barambikako ca kiziga. Baguma\nbamuraririye, bacana munsi ya nya gasenge. Baraheza bakahatereka icansi ngo\nurunyo ruzomusokorokamwo ruzokorokere muri ca cansi kiguma cuhirwamwo amata na\nrwo rwiryoherererwa.<\/p>\n\n\n\n<p>Bugingo rumaze gukura\nhafi kwuzura ico cansi, ngo baraheza bakarusuka mu gisuku rukabandanya\nkwimerererwa neza, eka rukadoha, rwacuzura na co bakarwungururiza mu mpange,\nhanyuma mu bwato ngo rugahava rucika intambwe nayo ca kiziga kikazosangukira\nkuri ka gasense aho cari cinangarariye hejuru mu cubahiro caco.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ukugandarira\numwami<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Igihugu cagandara cose\nmbere n\u2019ibitungwa bidasigaye inyuma. Nta ngere y\u2019abadasigana bahora bamusavye. Abo, co kimwe n\u2019abaganwa,\nabungere, abakamyi n\u2019abandi baraja mw\u2019ihangarizo gushika ku munsi wo kumarirwa.\nKuri uwo munsi nyene ari naho haca himikwa uwundi mwami, bamwe bari\nmw\u2019ihangarizo baca bagabana nayo inka zigasubira kurisha n\u2019ugushoka zigashoka.<\/p>\n\n\n\n<p>Urupfu rw\u2019umwami rero ngo ntirwategerezwa gusanishwa n\u2019izindi mpfu kuko\nrwari urw\u2019umuntu ahambaye cane mu gihugu. Uretse n\u2019ivyo, nimba umuzimu wa se\nrugo warashobora gutera abawufashe nabi ukabahana, uwa Se Barundi wo\nworushirije kuzanira imivumo igihugu cose ukagihumira mu gihe batawitwararitse\nneza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Aho ha mbere hahise, ku ntwaro ya cami, carazira kikaziririzwa ko ingogo (ikiziga) y\u2019umwami ihonyozwa mu nda y\u2019isi. Imvo : arinze atabwa mw\u2019ivu, isi yobaye ihumanye, ntiyosubiriye kumera indya. Urupfu rwiwe rero rwaba rutandukanye n\u2019iz\u2019abandi bantu bose mbere ashengeye bavuga ko ijuru ryakorotse. Kuva kera na rindi, abarundi baremera ko umuntu apfuye atagenda akagirire. Ni [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4162,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[332,331],"coauthors":[231],"class_list":["post-4161","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","tag-kwiha-ubuki","tag-umwami"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4161","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4161"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4161\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4163,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4161\/revisions\/4163"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4162"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4161"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4161"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4161"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4161"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}