{"id":4157,"date":"2019-10-16T13:08:24","date_gmt":"2019-10-16T11:08:24","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4157"},"modified":"2019-11-05T15:12:21","modified_gmt":"2019-11-05T14:12:21","slug":"burundi-uturimbi-ibisagara-intara","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-uturimbi-ibisagara-intara\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, hagiye kwigwa ikibazo co gushinga uburimbi bushasha bugabanya intara, amakomine n\u2019ibisagara"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe hibonekeza ukutabona kumwe uburimbi butandukanya amakomine n\u2019ayandi canke igisagara ca Bujumbura (Mairie) n\u2019ayandi makomine bihereranye yo mu ntara ya Bujumbura (Rural), ngo ubushikiranganji bubijejwe bugiye gufata mu minwe ico kibazo ku buryo hazoshirwaho imbibe zerekana neza aho bamwe n\u2019abandi bagarukiriza. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Vyashikiririjwe mu ngoro y\u2019inama nshingamateka mu Kigobe, igihe\numushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, hamwe\nn\u2019uwujejwe iterambere ry\u2019amakomine, Jean Bosco Hitimana, aho bari baramutse\nbishura ku bibazo vy\u2019abashingamateka.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko vyagiye\nbiragarukwako n\u2019abashingamateka batandukanye, ngo hariho ikibazo mu bijanye n\u2019uturimbi\ntugabanya uturere tubamwo abantu, haba hagati mu gihugu canke mu gisagara ca\nBujumbura. Ivyo rero ngo bikaba bishobora gutuma abantu batamenya neza aho\nbatwarwa mbere n\u2019ibikorwa vy\u2019iterambere rusangi ngo bakabikora aho bategukira.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu\ngisagara ca Bujumbura \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uko igisagara ca Bujumbura kiguma caguka, ni ko kumenya mu vy\u2019ukuri aho Mairie ya Bujumbura igarukira bigora. Ivyo rero bikavugwa n\u2019abashingamateka bafatiye ku kuntu ahahoze hari mu ntara ya Bujumbura (bamwe bita Bujumbura rural) hegeranye na Mairie harinze hubakwa inyubakwa nziza canke hagashirwa i karitiye yubatse bishemeye ica yitirirwa Mairie. Akarorero ngo ni ku kibuga c\u2019indege citiriwe Melchior Ndandaye kiri mu Maramvya. Ngo iyo Maramvya rero ntiyahoze iri muri Mairie, ariko ngo iyo havuzwe ico kibuga baca bavuga ko kiri muri Mairie.<\/p>\n\n\n\n<p>Ico ngo ni na co kibazo kiri mu ma karitiye ya za Sororezo n\u2019ahandi hari ku mpera z\u2019igisagara, kubera hubatswe neza, ngo baguma bahitiranya mbere n\u2019abarongozi bo muri Mairie ugasanga barinjiranamwo n\u2019abo muri Rural. Ubu naho hari ugushaka kumenya nimba ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu yitiriwe umwami wa mbere Ntare Rushatsi yubatswe mu Gasenyi izohava yegukira igisagara ca Bujumbura canke intara ya Bujumbura nkuko isanzwe ari na ko karere irimwo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu\nmakomine yo mu gihugu hagati<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ico kibazo\nc\u2019imbibe ngo ntikiri mu gisagara ca Bujumbura gusa. No mu makomine yo hagati mu\ngihugu, ngo hariho nk\u2019ingo ziba zibereye kure cane y\u2019umugwa mukuru wa komine,\nugasanga zubatse munsi y\u2019imisozi ariko zegeranye n\u2019izindi komine.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo hagezweho igihe co gukora ibikorwa vy\u2019iterambere mu makomine, izo ngo zisunga  ivy\u2019ikomine zihereranye kubera ukutamenya neza aho zibwirizwa kuba. Akarorero katanzwe kakaba ari ako mu Cankuzo, aho abantu baba ku mitumba ya Nyabisindu, Nyanembo na Twinkwavu ivyo bakora usanga bisunga ikomine ya Cendajuru, ivyo vyose bikava ku kutamenya neza uturimbi. Eka ngo ni henshi mu gihugu hibonekeza bene utwo turorero kuko na komine Ndava na Giheta nta kintu na kimwe gihari kihatandukanya, usanga ari igikumba c\u2019inkaratusi gusa kihatandukanya.<\/p>\n\n\n\n<p>Pascal Barandagiye\namaze kwumva ivyashikirijwe n\u2019abashingamateka batandukanye ku bijanye n\u2019imbibe,\nyaciye abamenyesha ko ico kibazo nabo cari kibaraje ishinga cane, kuko ngo mu\nbushikirangaji arongoye bari bagifise ku mutima. Akavuga ko hari integuro\nzitegekanya ivy\u2019imbibe ziriko zirigwa, ko nizahera gutunganywa zizoshikirizwa\nkugira zizoshirwe mu ngiro bamwe bose babone aho bagarukiriza gutwara,\nabanyagihugu na bo bamenye neza aho begukira.<\/p>\n\n\n\n<p>Mwomenya ko mu\nBurundi hari intara 18, zigizwe n\u2019amakomine 119, imitumba 2 639 n\u2019amakaritiye\n363, vyose hamwe uturere tw\u2019uburongozi 3&nbsp;002.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe hibonekeza ukutabona kumwe uburimbi butandukanya amakomine n\u2019ayandi canke igisagara ca Bujumbura (Mairie) n\u2019ayandi makomine bihereranye yo mu ntara ya Bujumbura (Rural), ngo ubushikiranganji bubijejwe bugiye gufata mu minwe ico kibazo ku buryo hazoshirwaho imbibe zerekana neza aho bamwe n\u2019abandi bagarukiriza. Vyashikiririjwe mu ngoro y\u2019inama nshingamateka mu Kigobe, igihe umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4158,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[329,330],"coauthors":[189],"class_list":["post-4157","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-ibisagara","tag-uturimbi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4157","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4157"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4157\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4159,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4157\/revisions\/4159"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4158"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4157"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4157"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4157"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4157"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}