{"id":4130,"date":"2019-10-11T13:29:39","date_gmt":"2019-10-11T11:29:39","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4130"},"modified":"2019-10-13T17:11:47","modified_gmt":"2019-10-13T15:11:47","slug":"abana-ingwara-gufungura-nabi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abana-ingwara-gufungura-nabi-burundi\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, ibitigiri vy\u2019abana barwara bivuye ku gufungura nabi vyaragabanutse gushika ku bice 4% mu kiringo c\u2019imyaka 9"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Naho\nhacibonekeza abana barwara indwara zituruka ku gufungura nabi, ivyo na vyo\nbikaba kenshi biva ku bukene canke ku kutamenya kw<\/strong><strong>&lsquo;<\/strong><strong>abavyeyi kw\u2019ukugene botegura imfungurwa,\nFid\u00e8le Nkezabahizi arongoye ikigo c<\/strong><strong>&lsquo;<\/strong><strong>igihugu kiraba ibijanye no gufungura neza Pronianut\n(programme National de l&rsquo;Alimentation et la Nutrition) avuga ko kuva mu mwaka\nwa 2010 gushika 2019, ibitigiri vyagabanutse gushika ku bice 4%.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab <\/em><em>Dukoreye ku bitigiri turonka ku mwaka ku\nmwaka, harabaye ihinduka ku bijanye n\u2019abana barwara indwara ziva ku gufungura\nnabi. Ivyo bikerekanwa nuko mu mwaka wa 2010 abana barwaye izo indwara bari ku\nbice 58<\/em><em>%,<\/em><em> hama kuva\nmuri 2016 gushika 2017 bija kuri 56%, ariko gushika ubu bageze ku bice 54%. Ni\nukuvuga ko ibice bingana na 4% ari vyo vyagabanutse mu kiringo c\u2019imyaka yababa\n9 <\/em><em>\u00bb<\/em><em>,<\/em> nkuko bivugwa na Fid\u00e8le Nkezabahizi. <em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abandanya avuga kandi ko igabanuka ry&rsquo;ivyo bitigiri\nryatewe n\u2019ihimiriza ryabaye ku bijanye n\u2019ugupimisha abana babifashijwe n\u2019abari\nmu migwi y&rsquo;abakorerabushake bazwi kw\u2019izina ry\u2019aba \u2018mama muco\u2019 \u00bb. Akamenyesha kandi ko intara zibangamiwe cane ari\nMuyinga, Cankuzo, Ngozi, Ruyigi na Kirundo.<em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Niyonkuru Anne Marie ajejwe igisata cakira abo bana mu\nbitaro Prince R\u00e9gent Charles biri mu gisagara ca Bujumbura avuga koakenshi izo ndwara zikunda guturuka ku\nbukene buri mu miryango, ukutamenya no gufata ibintu minenerwe kw\u2019abavyeyi kuko\nhari abo usanga bafise ivyo bofungurira abana babo ariko bakayoberwa ingene\nbobitegura neza. Akavunira akagohe abavyeyi agira ati : <em>\u00ab <\/em><em>Kugira umwana aronke amagara meza\nategerezwa kugaburirwa uko bikwiye mu kumuronsa ubwoko bwose bw&rsquo;imfungurwa\naribwo nsanganyangaburo, ndemamubiri na ntanganguvu <\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ibiriko birakorwa\u2026<\/strong><em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab <\/em><em>Iyo havuzwe indwara ziva ku gufungura\nnabi abenshi batahura ko mu gihugu ata mfungurwa zihari, haba namba. Ico\nkumenya ni uko abarimyi bama bari ku bikorwa vyabo, gusa ikibuze ni ukumenya\nuko umuntu ategerezwa gufungurira ibibondo vyiwe.&nbsp; Ku bw\u2019ivyo, turiko turakora uko dushoboye\nkwose mu kugwiza ibibanza vyo gufungurira abana ku mashure (Cantines\nScolaires), kwigisha gutegura neza ibimfungurwa, guhimiriza ingo n\u2019imiryango\nkwijukira isuku kuko iyo ribaye rike n\u2019ibifungurwa bitegurwa nabi gutyo\nbigatera indwara, turanahimiriza abavyeyi kwonsa abana nkuko bikwiye, \u2026&nbsp;\u00bb<\/em>, nkuko bishikirizwa na Fid\u00e8le Nkezabahizi.&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p>Ariko ngo naho biri ukwo, ibikorwa vyo kugwanya\nugufungura nabi bitwara uburyo bwinshi, akaba ari na yo ntambamyi\nababikurikirana bahura. Fid\u00e8le Nkezabahizi agatumirira abantu bose gushira\ninguvu hamwe kugira bigishe ibijanye no gufungura neza akizera ko nko mu mwaka\nwa 2030 ibitigiri bizogabanuka gushika nko ku bice 30%. <em><\/em><\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na Gis\u00e8le Uwimana, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n&rsquo;agateka k&rsquo;abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Naho hacibonekeza abana barwara indwara zituruka ku gufungura nabi, ivyo na vyo bikaba kenshi biva ku bukene canke ku kutamenya kw&lsquo;abavyeyi kw\u2019ukugene botegura imfungurwa, Fid\u00e8le Nkezabahizi arongoye ikigo c&lsquo;igihugu kiraba ibijanye no gufungura neza Pronianut (programme National de l&rsquo;Alimentation et la Nutrition) avuga ko kuva mu mwaka wa 2010 gushika 2019, ibitigiri vyagabanutse gushika ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4131,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[247],"coauthors":[34],"class_list":["post-4130","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-abana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4130","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4130"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4130\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4134,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4130\/revisions\/4134"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4131"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4130"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4130"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4130"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4130"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}