{"id":4124,"date":"2019-10-10T08:59:01","date_gmt":"2019-10-10T06:59:01","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4124"},"modified":"2019-10-13T17:11:42","modified_gmt":"2019-10-13T15:11:42","slug":"bujumbura-uruja-uruza-ibarabara-rn1-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-uruja-uruza-ibarabara-rn1-burundi\/","title":{"rendered":"Abakorera  kw\u2019ibarabara RN1 rigana ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu basabwa kwitegurira kwimuka"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Inyuma\ny\u2019iminsi mike ihaciye huguruwe ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu iri mu Gasenyi mu gisagara\nca Bujumbura, abantu bandira utuntu kw\u2019ibarabara (RN1) basabwa n\u2019umukuru\nw\u2019igisagara kuba baritegurira kuhava kugira ibarabara rigume rihita neza. Ivyo\nna vyo bikaba bitakiriwe neza n\u2019abahisumamwo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uciye kw\u2019ibararabara ryiswe RN1, uva\nkuri Gare du Nord, uhasanga uruja n\u2019uruza rw\u2019abantu bashakisha icorirenza. Uri amakinga,\namapikipiki, amabisi, abanze utuntu kw\u2019ibarabara, abandaza eka ntiworaba. Ariko\nn\u2019ubwo biri uko bamwebamwe mu baharangurira imirimo, imitima ntiri mu nda kuko\numwanya n\u2019umwanya bavuga ko bashobora kuhimurwa bakarondera ahandi baja\ngukorera. Ni inyuma yaho umukuru w\u2019igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa\naganiririye n\u2019abasanzwe bahafise ivyo bahakorera.<\/p>\n\n\n\n<p>Manirumva Juv\u00e9nal yari mu nama\nyabahuje n\u2019umukuru w\u2019igisagara. Uwu avuga ko bitagiye kuborohera kuko ngo iryo\nbarabara rigiye kwubahirizwa risigarizwe imetero zisabwa n\u2019amategeko, hamwe ata\nbantu barivogera ngo barikorereko utuntu n\u2019utundi. Si ivyo gusa ngo n\u2019amabutike\nyose ahari bisabwa ko ibidandazwa vyose vyocururizwa indani ata vyo kubirunda hanze.\nUwu rero agaterwa amakenga n\u2019uko uruja n\u2019uruza rw\u2019abantu rwahora ruzanwa\nn\u2019abahatereka utuntu, nirwagabanuka bazohava babura abaguzi, gutyo batinde\nbiyomore. <\/p>\n\n\n\n<p>Na yo kubijanye n\u2019abo yoba yarumvise\nbashobora kuhava mu maguru masha, agira ati<em>:\n<\/em><em>\u00ab<\/em><em>Nimba\nnatahuye neza, bashaka gukura mu nzira barya bantu bamaze kurengera ibarabara\ncanecane turya tumeza turi impande n\u2019impande z\u2019ibarabara RN1, ariko kandi bavuze\nko bashizeho umugwi uzokwiga ingene iryo barabara borikubura, mugabo atari\nukwirukana bose, ahubwo abatari mu mategeko canke bari mu bibanza birenze. Naho\nbimeze uko, ngo inkuru itomoye izova mu vyo umugwi washizweho uzoshikiriza<\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><em>&nbsp;<\/em><strong>Iryo gabisha\nryakiriwe gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab Aha ubu ndahari nta hari. Ndara nti buca niyumvira aho nshobora kwungururiza. Iri barabara ryari rintungiye umuryango kuko ni ho naza kwanda amapasiteke n\u2019utuyoba abahita bagenda baragura. None ngo dutegerezwa kuhava kugira ubwinshi bw\u2019abantu n\u2019ibintu bugabanuke. Vyanguye nabi, ariko nta co ndi buhindure kuvyamaze kwiyumvirwa n\u2019abakuru\u00bb<\/em>, nkuko vyiganwa na Eliane umwe mu bahadandariza.<\/p>\n\n\n\n<p>Na yo Claude we, ngo n\u2019ubu ntaratomokerwa neza ko vyoba ari ukuri. Aracizeye ko ibintu bizoguma uko vyari bimeze. Ngo atari ukwo abatari bake bazokwangara batagira iyo bata umutwe. Akagira ati<em>: \u00abJewe aha nsanzwe ndahatereka ibirato, kandi hari hamfashe neza.\u00a0 Abantu baca muri iri barabara bahita baragura ivyo baduga baduganye ni benshi, bigatuma natwe dushikirwa. Rero nimba, ikibazo ari ugutaramuka umukuru w\u2019igihugu agire arengane, nta co vyodutwaye twohava \u00a0tukinjira mu mazu nk\u2019uko vyari bisanzwe bikorwa akarengana, hama tukagaruka tukabandanya ibikorwa \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Candide Kazatsa ajejwe kumenyesha amakuru muri Mairie ya Bujumbura ati\u00a0:\u00a0\u00ab\u00a0<em>Ni mutenyenye , umuco muzowuronka, kuko hariho umugwi ubikurikirana, uzoshikiriza uko bigiye kugenda\u00bb. <\/em>Ubwo uwo mugwi uzohava ubareka babandanye kwicira akanoti ko kw\u2019ibarabara nkuko Claude abisaba?<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Inyuma y\u2019iminsi mike ihaciye huguruwe ingoro y\u2019umukuru w\u2019igihugu iri mu Gasenyi mu gisagara ca Bujumbura, abantu bandira utuntu kw\u2019ibarabara (RN1) basabwa n\u2019umukuru w\u2019igisagara kuba baritegurira kuhava kugira ibarabara rigume rihita neza. Ivyo na vyo bikaba bitakiriwe neza n\u2019abahisumamwo. Uciye kw\u2019ibararabara ryiswe RN1, uva kuri Gare du Nord, uhasanga uruja n\u2019uruza rw\u2019abantu bashakisha icorirenza. Uri amakinga, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4125,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[322,285],"coauthors":[189],"class_list":["post-4124","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-rn1","tag-urudandaza"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4124","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4124"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4124\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4128,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4124\/revisions\/4128"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4125"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4124"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4124"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4124"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4124"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}