{"id":4111,"date":"2019-10-08T11:34:13","date_gmt":"2019-10-08T09:34:13","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4111"},"modified":"2021-01-27T16:27:24","modified_gmt":"2021-01-27T15:27:24","slug":"abatwa-zone-buterere-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abatwa-zone-buterere-burundi\/","title":{"rendered":"Bamwe mu batwa bo muri zone Buterere ntibagira aho bakika umusaya"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Imwe mu miryango y&rsquo;abatwa baba muri zone Buterere, komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura, barugarijwe n\u02b9ikibazo co kubura aho bakika umusaya. Bakaba bariko baritabariza basaba Reta n\u2019amashirahamwe ko bokwubakirwa nk\u2019abandi bagakira imvura n\u2019imibu ya buri gihe. Ikinyamakuru Jimbere caraganiriye na bamwe muri bo baratubwira ubuzima babayemwo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ukihagera wakirwa n\u02b9urutonde rw\u02b9inzu nyinshi zubatse kumwe, zigizwe n\u02b9ivyumba bibiri bibiri. Hagati muri zo hakaba utundi tuzu dutoduto twubakishije amarenga tukaba dusakaje ivyatsi. Utabizi wogira ngo ni inzu bubakiye ibitungwa ariko habe namba! Na two nyene tubamwo imiryango igizwe n\u02b9abavyeyi hamwe n\u02b9abana. Muri iki gihe rero imvura yatanguye kurwa, imwe mu miryango y\u2019abatwa ngo irageramiwe kuko amazi yose abasanga aho baryama.<\/p>\n\n\n\n<p>Jean claude Miburo ni umwe muri\nbo. Agira ati&nbsp;:<em>\u00ab&nbsp;Jewe\nn&rsquo;umuryango wanje tubayeho nabi cane kuko singira aho nkika umusaya. N\u2019ako nokwita\nngo ni inzu nihishamwo ntaho gataniye n&rsquo;igituru c&rsquo;inkoko kuko ndryama hamwe\nn&rsquo;abana banje. Imvura\nidutangurirako ikaduhererako. Vyongeye nta n\u2019aho mfise noshobora gutera n&rsquo;utuboga.\nNtunzwe n\u2019ugusegerereza kugira ndabe uko notunga umuryango&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ndinzemenshi Jean de Dieu na we nyene ni umutwa aba muri iyo zone, akaba adafise aho aba. Agira ati&nbsp;:&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Turi muyabira. N&rsquo;abatwemerera kutwubakira biherera mu mvugo gusa. Ariko mbabazwa nuko hama haje abakuru kuturaba ariko ata na rimwe barigera bashitsa ico bemeye&nbsp;\u00bb.<\/em> Arongera ati :&nbsp;<em>\u00ab Nkanje mfise umugore n&rsquo;abana bane. Aho mbaye ni umugiraneza yantije ikibanza nubakamwo ariko n\u2019ubwo biri uko mbaye ho nk\u2019umugererwa, kuko yansavye ko buri kwezi nzohora ndamuha uduhera ndonse gushika nkwije umuriyoni, maze ico kibanza kibone kunyegukira. Ariko n\u2019ubwo biri uko mbura uwumfasha kuko narize gukinjika ndafise n&rsquo;impapuro zivyemeza ariko simfise uwonserukira mu kundonderera akazi komfasha kuriha ideni mbazwa \u00bb. <\/em>Abo batwa bakaba basaba kuronswa uburaro bumeze neza nkuko bagenzi babo baburonkejwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abayobozi babivuga ko iki&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nengo Emmanuel, umuyobozi aserukira imbere y\u2019amategeko ishirahamwe ry\u2019abatwa mu Burundi, Uniproba, avuga ko abatwa hari akageso ko kudashima ivyo bakorerwa bafise. Agatanga akarorero k\u2019imiryango 87 yahoze iba ku buterere ahari irimbi. Aba rero haje mu 2003 ishirahamwe ryitwa Apad hamwe na Care international Burundi rirahabakura ribajana bose kububakira mu kigwati Nyarumpanga. Agira ati :&nbsp;<em>\u00ab&nbsp;Bose bari bafise aho baba n\u2019aho gutera utuboga. Ariko, baciye batangura guhamagarana ngo bariko barubakirwa batangura kuhuzura bibaza ko na bo bazoca bafatwa kimwe n\u2019abandi, bakibagira ko urutonde rwari rwatanzwe. N\u2019abubakiwe baciye birara mu vyo bari barafashishijwe batangura kubigurisha \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe rero abo batwa bariko basaba kwubakirwa nk\u2019abandi, Nengo amenyesha ko abo bavuga ivyo, ari bamwe mu bagurishije abandi na bo atari ho bahoze baba. Ahubwo nyabuna ngo bosubira iyo baje bava mu miryango yabo akaba ariho basabira ubufasha, kuko iyo bari i no baguma bafatwa nk\u2019abaje kuraba incuti zabo canke nk\u2019abaje guhiga amahera, kumbure nibayaronka canke inkumbu ziheze bazoduga iwabo mu mihana.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na Gis\u00e8le Uwimana, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n&rsquo;agateka k&rsquo;abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Imwe mu miryango y&rsquo;abatwa baba muri zone Buterere, komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura, barugarijwe n\u02b9ikibazo co kubura aho bakika umusaya. Bakaba bariko baritabariza basaba Reta n\u2019amashirahamwe ko bokwubakirwa nk\u2019abandi bagakira imvura n\u2019imibu ya buri gihe. Ikinyamakuru Jimbere caraganiriye na bamwe muri bo baratubwira ubuzima babayemwo. Ukihagera wakirwa n\u02b9urutonde rw\u02b9inzu nyinshi zubatse kumwe, zigizwe n\u02b9ivyumba [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4112,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,213],"tags":[23,240],"coauthors":[34],"class_list":["post-4111","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-ukubana","tag-bujumbura","tag-buterere"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4111","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4111"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4111\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4114,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4111\/revisions\/4114"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4112"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4111"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4111"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4111"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4111"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}