{"id":4106,"date":"2019-10-07T09:26:28","date_gmt":"2019-10-07T07:26:28","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4106"},"modified":"2019-10-13T17:12:06","modified_gmt":"2019-10-13T15:12:06","slug":"burundi-igiciro-urupfu-umuntu","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-igiciro-urupfu-umuntu\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, mu miryango yifise, urupfu rw&rsquo;umuntu ruherekezwa n&rsquo;imiriyoni zababa 5"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amafaranga yababa imiriyoni zitanu ni yo&nbsp; imiryango yifise yabuze umuntu canecane iyo mu gisagara ca Bujumbura yegeraniriza umupfu, uhereye ku kumusiga ugashitsa ku kuganduka. Ivyo bikavana n\u2019ukuntu bene kubura&nbsp; baba bipfuza guherekezanya iteka ikiziga c\u2019uwabo ndetse no kucubakira. None vy\u2019ukuri&nbsp; nyakwigendera hari amahera angana gutyo aba agiye yarakoreye&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwari muzima&nbsp; amaze guhwera, imiryango irisuganya, igakorakoranya uburyo, bitegurira gufuba uwabo. Yaba ava mu muryango ukenye, uwubayabaye canke uwutunze, bamwe bose barikazanura&nbsp; uko bashoboye&nbsp; ariko uwabo bakagerageza kumunezereza naho aba atakiriho . Ivyo bikaba biva ku kuntu baba bashaka kumusezerana iteka mu rugendo rwiwe arangije rw&rsquo;ubuzima bwo kubaho kw&rsquo;isi. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Mu buruhukiro<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo imyiteguro itarakwira neza canke ngo imiryango iri hirya no hino yegerane, ikiziga c\u2019umuntu kirashobora kumara iminsi irenga cumi mu buruhukiro. Ibiciro vy\u2019icumba birahindagurika bivanye n\u2019ibitaro, ariko ni kuva ku mafaranga ibihumbi bitanu kuduga nk\u2019uko twavyiganiwe na bamwe mu bamaze kubura. Ku bitaro vy\u2019abasirikare vy\u2019i Bujumbura ni 10.000 mu gihe kuri Kira Hospital ari 200.000 ku munsi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Isandugu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uciye ku mazu y\u2019idandarizo y\u2019amasandugu y\u2019abapfuye anatunganya imanza bijanye,&nbsp; usanga atondetswe uko asumbasumbanya ibeyi. Hari izikuyengeje (zibaje) neza zikozwe mu mbaho ziva hanze zikagira aho bafata&nbsp; mu gihe baziterura , mbere n\u2019aka \u00abmousse\u00bb imbere bagashiramwo. Izo zigurwa hagati y\u2019ibihumbi amajana atatu na mirongo ibiri (320000) n\u2019umuriyoni (1.000 000) kenshi zikagurwa n\u2019abifise nk\u2019uko D\u00e9o Manirakiza azidandaza abimenyesha. <\/p>\n\n\n\n<p>Iz\u2019ababayabaye zigugwa hagati y\u2019ibihumbi ijana (100&nbsp;000)&nbsp; n\u2019ibihumbi amajana atatu na mirongibiri (320000). Nayo iza batobato zikozwe mu mbaho zisanzwe ariko zishanjeko agatambara zikagwa mu bihumbi 20 n\u2019ibihumbi mirongo itanu. Kuri izo sandugu zose, ibiciro birahindagurika bafatiye ku bunini bw\u2019uwashengeye. Mu ntara zo hagati mu gihugu ho nka Kayanza, Muyinga, Kirundo, abakene bitiza ibirago bigasubirira isandugu.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Imva<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko twavyiganiwe na Patrick ajejwe ivyo gutunganya imva, ngo na zo nyene ibeyi yazo iratandukanye bivanye n&rsquo;aho umuntu aba yipfuza kwubakira uwiwe yitahiye. Agira ati:\u00ab <em>Burya zirya parasera zo ku mpanda haba hari abantu baziranguye. Abo ni bo witura iyo ugomba gufuba uwawe mukavugana maze bakakwubakira bisunze ivyo uba&nbsp; wasavye. Imva iteye amakaro imbere n\u2019inyuma, yubakiye, bayigushikiriza ku 850.000 Fbu. Iyibayabaye ikagwa mu mafaranga 200.000\u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuja ku maziko<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umunsi\nw\u2019amaziko ugishika, ababuze umuntu baba baramaze gukotesha amabisi bisunze\nibitigiri vy\u2019abazobaherekeza ukuntu bangana. Bisi ziba nyinshi canke zike\nbivanye n\u2019abaje guherekeza nyakwigendera. Imwe ikaba ikotwa amafaranga ari\nhagati y\u2019ibihumbi 100&nbsp; na 150&nbsp; ku munsi. Aho rero umuntu ntiyokwiyobagiza ko\nimodoka itwara isandugu y\u2019uwapfuye ikoteshwa hagati y\u2019ibihumbi 50 (minibus ) na\n80&nbsp;000 (limousine)<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Gukaraba<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bakiva ku\nmaziko, baraheza bagaca mu kibanza kiba carakoteshejwe amafaranga kuva ku\nbihumbi amajana atatu (300&nbsp;000) kuduga, bagaheza bakahiherereza&nbsp; ibinyobwa ari na vyo bita gukaraba.\nUmushingantahe aba yatowe araheza agashikiriza ijambo, aho umuryango\nunatangariza itariki n\u2019ukwezi vy\u2019urubanza rwo kuganduka bagaheza bagashenguruka.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kuganduka<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hagisigaye amezi 2 canke 3 imbere y\u2019uko igenekerezo ry\u2019urubanza rwo kuganduka rugera, harabaho gukoresha amakarata y\u2019ubutumire aho usanga imiryango yakobanije mu myiteguro, inzarwa, amakaziye y\u2019ibiyeri n\u2019amakarato y\u2019amafanta agaterekwa aho, urubanza rukaba rushasha. Urwo rubanza rutwara hagati ya 300.000&nbsp; na 500.000&nbsp;&nbsp; ku miryango ibayabaye, abifise bo bagakoresha nk\u2019imiriyoni 2 canke zirenga.<\/p>\n\n\n\n<p>Kuva umuntu agipfa gushika ku kuganduka, uburyo bw&rsquo;amafaranga umuryango ushaka gushingurana iteka uwabo mu kibanza co mu gisagara bushobora kwababa canke gushika imiriyoni 5. None vy\u2019ukuri, ayo mafaranga urupfu rubangira ingata inyuma yo kwikorera umuntu, hari ayo aba yarinjije?<\/p>\n\n\n\n<p><br><br><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amafaranga yababa imiriyoni zitanu ni yo&nbsp; imiryango yifise yabuze umuntu canecane iyo mu gisagara ca Bujumbura yegeraniriza umupfu, uhereye ku kumusiga ugashitsa ku kuganduka. Ivyo bikavana n\u2019ukuntu bene kubura&nbsp; baba bipfuza guherekezanya iteka ikiziga c\u2019uwabo ndetse no kucubakira. None vy\u2019ukuri&nbsp; nyakwigendera hari amahera angana gutyo aba agiye yarakoreye&nbsp;? Uwari muzima&nbsp; amaze guhwera, imiryango irisuganya, igakorakoranya [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4107,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[321],"coauthors":[231],"class_list":["post-4106","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana","tag-urupfu"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4106","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4106"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4106\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4110,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4106\/revisions\/4110"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4107"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4106"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4106"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4106"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4106"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}