{"id":4100,"date":"2019-10-04T10:14:24","date_gmt":"2019-10-04T08:14:24","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4100"},"modified":"2019-10-13T17:10:59","modified_gmt":"2019-10-13T15:10:59","slug":"indero-abigisha-ishure-shingiro-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/indero-abigisha-ishure-shingiro-burundi\/","title":{"rendered":"\u00abAbigisha baheruka gukarihirizwa ubwenge bagiye kuronswa amahera y&rsquo;impamba yabo yose \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe abigisha bo mu myaka ya mbere y\u2019<a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-indero-abana-unicef-banque-mondiale-makamba-education\/\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"ishure shingiro (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\">ishure shingiro<\/a> bari bamaze iminsi bidoga ko batahawe amafaranga yabo yo gukurikirana inyigisho nkarishabwenge yari yabategekanirijwe, Edouard Juma avugira ubushikiranganji bw\u2019indero n\u2019inyigisho z\u2019imyuga aratanga umuco. Avuga ko utunenge twibonekeje ku ntonde, aho hari abatisanzeko bivuye k\u2019ukwihenda canke ugusubiriza bamwe bitamenyeshejwe. Ivyo bikaba vyatumye ukubaha amahera yose bakoreye biteba ariko rero agahumuriza abo bigisha ko mu ndwi iza igice c\u2019amafaranga casigaye bazokironswa.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hari ku wa 2 Gitugutu, aho Juma Edouard yaha ikiganiro abamenyeshamakuru mu ntumbero yo guhumuriza abigisha batahawe udufaranga twabo yongera anatanga umuco w\u2019ingene ibintu vyagenze. <\/p>\n\n\n\n<p>Yagize ati: <em>\u00ab Ni vyo utunenge twarahabaye, ariko&nbsp; twavuye ku kuntu intonde z\u2019abigisha baje gukurikirana inyigisho zitahuye n\u2019izari zatanzwe ubwa mbere. Ivyo rero biraheza bitera ingorane ku buryo mbere&nbsp; batashoboye kuronswa amafaranga&nbsp; ku gihe nk\u2019uko vyari vyategekanijwe. Ababijejwe rero barinze gusubiramwo intonde zose, ikomine imwe ku yindi, kugira ngo abo bashasha binjiye muri izo ntonde babashire ku ruhande baheze bihweze ivyabo mu nyuma\u00bb<\/em>. Akamenyesha rero ko ico gikorwa cafashe umwanya bituma amahera adasohoka ku gihe, ariko babaye bararonswa igice c\u2019ayo bari bakoreye. Akavuga ko ababijejwe bahejeje kubitunganya, ko igice cari gisigaye kizotangura gutangwa mu ndwi iza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Izo nyigisho\nzahawe abangana gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko Juma abimenyesha, ngo Reta\ny\u2019Uburundi yararonse imfashanyo y\u2019ibanki y\u2019isi yose yaje gushigikira ishirwa mu\nngiro ry\u2019umugambi w\u2019ishure shingiro. Uwu na wo ukaba uheruka gutandukira umwaka\nwa mbere. Akavuga&nbsp; ko uwo mugambi ufise\ninkingi zijanye n\u2019ibikorwa uzorangura. Imwe muri izo ni iyo gushigikira\nabigisha mu kubakarihiriza ubwenge, no mu kubegera kugira ngo babafashe\ngutahura no gukoresha bisanzuye izo ndinganizo z\u2019inyigisho nshasha. Ku bw\u2019ivyo\nrero ngo haratunganijwe ibikorwa vy\u2019inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abigisha\nbo mu mwaka wa mbere vyabereye mu makomine yose y\u2019igihugu. Abigisha bakurikiye\nizo nyigisho, bakaba barenga ibihumbi 9, harimwo n\u2019abayobozi barenga ibihumbi 4\nhamwe na bamwe babunganira bita aba \u2018Ma\u00eetres Responsables\u2019. Izo nyigisho&nbsp; zamaze iminsi 14 kandi muri rusangi ngo\nzagenze neza mu gihugu cose naho utunenge tutabuze.<\/p>\n\n\n\n<p>Ubushikiranganji bw\u2019indero rero ngo bugiye kwifatira mu minwe ico kibazo, kuko ngo butazokwemera ingendo yose yoza ibera intambamyi ishirwa mu ngiro ry\u2019umugambi w\u2019inyigisho shingiro, kuko biheza bigatosekaza umubano mwiza bwari bufitaniye n\u2019ababafasha. Ku bw\u2019ivyo ngo&nbsp; bwiyemeje ko inyigisho zizokurikira zizotunganywa neza ku buryo utunenge twose twagiye turibonekeza tutazosubira kubaho kugira ibikorwa bizogende uko bikwiriye.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe abigisha bo mu myaka ya mbere y\u2019ishure shingiro bari bamaze iminsi bidoga ko batahawe amafaranga yabo yo gukurikirana inyigisho nkarishabwenge yari yabategekanirijwe, Edouard Juma avugira ubushikiranganji bw\u2019indero n\u2019inyigisho z\u2019imyuga aratanga umuco. Avuga ko utunenge twibonekeje ku ntonde, aho hari abatisanzeko bivuye k\u2019ukwihenda canke ugusubiriza bamwe bitamenyeshejwe. Ivyo bikaba vyatumye ukubaha amahera yose bakoreye [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4102,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[320],"coauthors":[189],"class_list":["post-4100","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-ishure-shingiro"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4100","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4100"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4100\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4105,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4100\/revisions\/4105"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4102"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4100"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4100"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4100"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4100"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}