{"id":4092,"date":"2019-10-03T10:24:30","date_gmt":"2019-10-03T08:24:30","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4092"},"modified":"2019-10-13T17:10:43","modified_gmt":"2019-10-13T15:10:43","slug":"ingwara-umutima-burundi-bon-samaritain-oms","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ingwara-umutima-burundi-bon-samaritain-oms\/","title":{"rendered":"Mu kiringo c\u2019imyaka indwi, abarundi bashika 200 baravuwe babazwe imitima barakira"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kw\u2019igenekerezo rya 29 Nyakanga buri mwaka, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe umutima. Uwo munsi ushitse havurwa ibice bishika 31% vy\u2019abantu bapfa ku mwaka bahitanwe n\u2019indwara y\u2019umutima kw\u2019isi yose nkuko vyemezwa na OMS. Ku bw\u2019ivyo, ishirahamwe \u00ab\u00a0La Maison Bon Samaritain du Burundi\u00a0\u00bb ryarishiriyeho umugambi ufise ihangiro ryo gufasha kuvuza abagwaye iyo ndwara. Abarwayi bamaze kubitura barenga 1000, ariko muri bo abajanwe kuvuzwa hanze bashika 200 mu kiringo c\u2019imyaka indwi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00abNagarukiye aho rwotera izuba ariko ndashima kuba nararonse ubufasha. Maze kumenya ko ndwaye indwara y\u2019umutima nabona ko birangiye. Nari nsigaye mbona ko mbayeho niteze gupfa gusa. Mu vy\u2019ukuri vyarangoye kwakira. Jewe navutse nkomeye nkunda gukina agapira no kwiruka, mu mpera z\u2019umwaka wa 2013 ni ho natangura kugira ikibazo co guhema neza, nkakorora eka bitinda birakomera. Narivuje henshi bambwira ko nkomeye nanduruka nja kwipimisha umutima. Hari mu 2015 aho muganga Jolis ambwira ko kabaye, ndwaye umutima. Nahatswe guta ubwenge. Ariko akoranye n\u2019ishirahamwe \u00ab\u00a0<\/em> <em>Maison Bon Samaritain  du Burundi\u00a0\u00bb, baramfashije ndajanwa kuvurwa muri Sudani i Khartoum, mu mpera z\u2019umwaka wa 2016. Narabazwe umutima barasanasana uturingoti dukwiragiza amaraso mu mubiri (valves). Ubu narakize, mbayeho nk\u2019abandi. Nta na kimwe nabujijwe kubw\u2019indwara navuwe\u00bb<\/em>. Iyo ni intahe ya Annicet Ndarubonye, aba ku Mutakura.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Nkuko Butoyi Alexis arongoye ishirahamwe \u00ab\u00a0Maison Bon Samaritain du Burundi\u00a0\u00bb abimenyesha, indwara y\u2019umutima bafasha mu buvuzi ziri mu buryo bubiri. Hari iyo umwana avukana (Cardiopathies cong\u00e9nitales), iyi rero ngo umwana avuka umutima wuguruye. Hakaba n\u2019iyindi bita Cardiopathies Rhumatismales iba yatewe na angine itavuwe canke yavuwe nabi, hama igaheza ikonona uturingoti dukwiragiza amaraso mu mubiri, hama bagaheza bakamubaga bagasubiriza utwononekaye canke bakadusanasana. <\/p>\n\n\n\n<p>Butoyi agira ati:&nbsp;<em>\u00ab Ico dufasha twebwe, twakira abagwayi abaganga b\u2019umutima baturungikiye, kuko dukorana na bo. Turakira abana baba bavukanye iyo ndwara b\u2019imyaka iri munsi ya 15 bakeneye kubarwa umutima, tugaca tubaronderera ababavura ku buntu mu bihugu vya buraya, nko mu bu Faransa, mu Bubirigi, mu bu Tariyano, tukabaronderera imiryango izobakira, n\u2019abaza ku batora. Abawugwara bakuze na bo bivuye kuri angine itavuwe canke yavuwe ntikire, twakira abari munsi y\u2019imyaka 50, n&rsquo;abo turabaronderera ababavura ku buntu, abo na bo bavurirwa mu gihugu ca Sudani i Khartoum\u00bb.&nbsp; <\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Igitigiri c\u2019abamaze kwakirwa <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Alexis amenyesha ko ico gikorwa bagitanguye mu mwaka wa 2012. Muri iyi myaka yababa 7 bakora, bamaze kwakira abagwayi barenga igihumbi, muri bo abashika 200&nbsp;ni bo bamaze kuvugwa babazwe umutima kandi barakira neza. Akavuga ko abamaze gufashwa ari bake kuko ngo benshi ari abapfa kubera bataba baronse uburyo bwo kuja kwivuza hanze. Agira ati:&nbsp;<em>\u00ab Ku mwaka turakira abashika 100, nk\u2019akarorero mu mwaka uheze twarakiriye 120 tukaba twashoboye kuvuza abashika 30, dufasha abari hagati ya 30 na 40 ku mwaka\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko Butoyi abivuga, abagwayi babakorera ibikenewe vyose&nbsp;: kubaronderera\nababafasha ku buntu, kuronka amatike y\u2019indege n\u2019ibindi. N\u2019iyo bamaze gushika\niyo bavurirwa, ngo baguma babakurikirana. Ariko muri ico gikorwa ngo hari\nbenshi babemerera kuvura ku buntu abo borungika hanze, mugabo iyo baba bariko\nbararondera uburyo bwo kujanwa, amahera arabura, ugasanga umurwayi yaremerewe\nkuvurwa ariko bikanka ko ajayo akandukiramwo gupfa kubw\u2019ubukene. Kuko buri mu\ngwayi basanga bakeneye amafaranga ari hagati y\u2019imiriyoni 3 na 4. Igice kinini\nkikaba ari ico kumurihira itike y\u2019indege.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hokorwa\niki&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku bwa Butoyi, uburyo bwo kwirinda iyo ndwara ni ukugira isuku, umuntu\nakivuza hakiri kare, kuko cane cane iyo cardiopathie iterwa na angine. Bishitse\numuntu agasanga arayirwaye akaja kumiti bisabwa ko ayimara kuko iyo abazwe\nagahindurirwa uturingoti (valves) aca aja ku miti ubuzima bwiwe bwose. <\/p>\n\n\n\n<p>Kubera ko iyo ndwara isa n\u2019iyititaweho gose mu gihugu, ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu bwari bukwiye kugira igisata kiyiraba bagafashanya n\u2019ishirahamwe \u2018Bon Samaritain\u2019 hamwe n\u2019abaganga bavura umutima, kugira barabe ingene abahitanwa n\u2019iyo ndwara bogabanuka. Muri ico gihe, boheza bakanarabira hamwe ivyokorwa kuko ngo benshi baza bamaze gusinzikara biturutse ku bukene bw\u2019abahinga mu gihugu naho nyene abenshi bibereye i Bujumbura kiretse uwuri i Karusi, n\u2019i Ngozi. Ivyo rero bigatuma abantu benshi batamenya ivyo barwaye kubera ko ata baganga bashobora kwemeza iyo ndwara bari ku mavuriro menshi. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"> Twibutse yuko mu kiganiro catanzwe  n\u2019<a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abaganga-bavura-indwara-zumutima-ni-12-mu-burundi-hafi-bose-bagakorera-i-bujumbura\/\">abaganga bavura indwara z\u2019umutima  mu Burundi<\/a> kuri uwu wa 20 Nyakanga, Dr Constantin Nyamuzangura yagarutse  kuri zimwe mu ntambamyi bahura nazo:<br>&#8211; Abaganga bavura umutima ni 12 gusa mu Burundi, ibice 80 bakorera i Bujumbura, abandi bari i Ngozi n\u2019i Karusi.<br>&#8211; Haracari ingorane y\u2019imiti myiza idahari, ibipimo bimwebimwe vyo mu maraso bitegerezwa gukorwa, ariko bitaboneka kubera bizimvye, ikibazo c\u2019ubushakashatsi hamwe n\u2019ic\u2019ugutanga ibiharuro vy\u2019abagwayi n\u2019abo zihitana ku rugero rw\u2019igihugu cose (recensement)<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo rya 29 Nyakanga buri mwaka, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe umutima. Uwo munsi ushitse havurwa ibice bishika 31% vy\u2019abantu bapfa ku mwaka bahitanwe n\u2019indwara y\u2019umutima kw\u2019isi yose nkuko vyemezwa na OMS. Ku bw\u2019ivyo, ishirahamwe \u00ab\u00a0La Maison Bon Samaritain du Burundi\u00a0\u00bb ryarishiriyeho umugambi ufise ihangiro ryo gufasha kuvuza abagwaye iyo ndwara. Abarwayi bamaze kubitura barenga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4093,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[307],"coauthors":[189],"class_list":["post-4092","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-umutima"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4092","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4092"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4092\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4096,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4092\/revisions\/4096"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4093"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4092"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4092"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4092"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4092"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}