{"id":4088,"date":"2019-10-02T13:43:31","date_gmt":"2019-10-02T11:43:31","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4088"},"modified":"2019-10-13T17:10:37","modified_gmt":"2019-10-13T15:10:37","slug":"uburimyi-igiterwa-ikawa-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/uburimyi-igiterwa-ikawa-burundi\/","title":{"rendered":"Mu Burundi, abakozi bo mu gisata c\u2019ikawa baridoga kuba badahembwa ku gihe"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kw\u2019igenekerezo ryo ku wa 1 Gitugutu\nuko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe igiterwa c\u2019ikawa. Ubu\nrero, uwo munsi ushitse humvikana imyidogo &nbsp;ivugirwa mu bwongoshwa &nbsp;ishingiye ku kudahembwa ku gihe kw\u2019abakozi bo\nmuri ico gisata hamwe n\u2019amafaranga make ariko aratangwa kuri ico giterwa\ngisanzwe kinashorerwa hanze ku rugero rw\u2019ibice birenga 60%.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Abarimyi\nbakorera mu gisata c\u2019ikawa baridoga cane ko ata karusho bariko bararonka kava\nkuri ico giterwa kubera ko amahera bemererwa kuzohabwa adahuye n\u2019inguvu baba\nbakoresheje kuva bakigikorera gushika kije kw\u2019isoko. Ngo n\u2019ayo make ntayo\nbaronka ku gihe.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Nkurunziza Jean Marie, umurimyi w\u2019ikawa wo mu ntara ya Kirundo komine Bugabira ahurikiye mw\u2019ishirahamwe CNAC Murima w\u2019Isangi, avuga ko ico giterwa ata co abona kiriko kirafasha abarimyi bo hasi. Agafatira ku kuntu uduhera baronka tubashikira bahavye, n\u2019amadeni ari mu guheba ngo abomore. Agira ati<em>: \u00abAbarimyi b\u2019ikawa dusha ata co twokora. Kuba ata matonorero dufise ino iwacu, bituma dusanga umenga dukorera abaza kurangura <\/em> <em>nya kawa<\/em> <em>. Naho nyene, nta n\u2019amahera baduha kuko duhabwa udupapuro turiko ibiro twashoye gusa.&nbsp; Ni nk\u2019ideni twihera abaja kwidandariza hanze bakazoduha ayacu mu nyungu baronse, naho nyene bakaduha intica ntikize. Iyumvire nawe ikiro kigurwa 500Fbu, ayo na yo bakazoyaduha nko mu mezi ane canke atanu\u00bb<\/em>! Yongerako ati: <em>\u00ab Uravye nk\u2019umuruho tugira dukurikirana ico giterwa, iyo ceze ikiro cari gikwiye kugurwa 700, na ho nyene bakayaduha \u2018cash\u2019 umuntu akikanda\u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Oscar Baranyizigiye, umunyamabanga mukuru w\u2019ishirahamwe InterCaf\u00e9, avuga ko ingorane zitari ku barimyi b\u2019ikawa gusa ahubwo ko ziri ku bakozi bose bo muri ico gisata. Agira ati: <em>\u00ab Baba abarimyi, baba abazitonora canke abazishora kw\u2019isoko mpuzamakungu, bose bahura n\u2019ikibazo c\u2019igiciro kiri hasi cane. Ivyo rero biraheza bikagira ingaruka ku bari muri ico gisata bose.<\/em> <em>Ni na ho muzumva havugwa ko abakozi bo muri Sogestal boba bamaze amezi indwi badahembwa. Ivyo ntivyiyadukije, vyavuye ku biciro vy\u2019ikawa bitifashe neza kw\u2019isoko mpuzamakungu. Bikaba vyatumye amahera yo kubahemba abura\u00bb.<\/em> Ariko n\u2019ubwo biri uko avuga ko atari abo gusa kuko hari n\u2019abandi. Akizeza ko ikibazo c\u2019abantu batarahembwa bose kiriko kirakurikiranwa mbere reta yanacifatiye mu minwe iriko irabashigikira mu mabanki ibashirirako amahera azoba arabafasha mu kurindira ko ibintu bimera neza.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ico twomenya ku giterwa c\u2019ikawa ubu<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Kibeshejeho imiryango itari mike mu Burundi. Oscar, afatiye kuri rusasuma ya nyuma yakozwe mu mwaka wa 2008, amenyesha ko imiryango irenga 600.000 yo mu Burundi yitaho igiterwa c\u2019ikawa. Gushika ubu, ngo ibiti vy&rsquo;ikawa mu gihugu vyoba bishika imiriyoni 120 bikaba bitewe kw\u2019ihegitari zishika ibihumbi 48.<\/p>\n\n\n\n<p>Baranyizigiye abandanya avuga ko ico giterwa kigizwe n\u2019amahindagurika haba ku bijanye n\u2019umwimbu canke ibiciro. Agira ati: \u00ab <em>Dufatiye mu kiringo c\u2019imyaka ibiri, dushobora kuronka umwimbu uharurirwa hagati y\u2019amatoni ibihumbi 12 na 25. Nko kw\u2019isizeni yo mu mwaka wa 2017-2018 hari habonetse amatoni ibihumbi 25 y\u2019ikawa zija kw\u2019isoko mpuzamakungu mu gihe mu mwaka wa 2018-2019 hazoboneka ayashika ibihumbi 10\u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Na yo ku bijanye n\u2019igiciro, uwo munyamabanga mukuru avuga ko igisata c\u2019ikawa ari co cinjiza amahera menshi y\u2019agaciro kuko haboneka ayari hagati y\u2019ibice 60 na 65%. Kw\u2019isoko mpuzamakungu, ikawa y\u2019Uburundi irakengurukwa cane. Kukaba nkako iza imbere y\u2019izindi kubera akanovera keza ifise. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo igiciro cayo ubu ni co kibazo. Muri iyi myaka 3 iheze ibiciro biri hasi cane. Ikiro kiriko kiragurwa amafaranga ari munsi y\u2019amadorari 2, mu gihe iyo bimeze neza ikawa iba igurwa hagati y\u2019amadorari 3 na 5.<\/p>\n\n\n\n<p>Abo bakora mu gisata c&rsquo;ikawa rero basaba ko reta ari yo yoja irafasha mu gushira uburyo hakiri kare ku mabanki, mu ntumbero yo kubavunanura<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo ryo ku wa 1 Gitugutu uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe igiterwa c\u2019ikawa. Ubu rero, uwo munsi ushitse humvikana imyidogo &nbsp;ivugirwa mu bwongoshwa &nbsp;ishingiye ku kudahembwa ku gihe kw\u2019abakozi bo muri ico gisata hamwe n\u2019amafaranga make ariko aratangwa kuri ico giterwa gisanzwe kinashorerwa hanze ku rugero rw\u2019ibice birenga 60%. Abarimyi bakorera mu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4089,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[313,314,315],"coauthors":[189],"class_list":["post-4088","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi","tag-ikawa","tag-intercafe","tag-sogestal"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4088","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4088"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4088\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4091,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4088\/revisions\/4091"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4089"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4088"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4088"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4088"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4088"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}