{"id":4068,"date":"2019-09-27T11:22:50","date_gmt":"2019-09-27T09:22:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4068"},"modified":"2021-01-27T15:23:33","modified_gmt":"2021-01-27T14:23:33","slug":"imiryango-abatwa-abana-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imiryango-abatwa-abana-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab Benshi mu miryango y\u2019abatwa ntibandikisha abana babo muri komine ku bw\u2019ubukene n\u2019ukutamenya \u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Kwandikisha umwana akivuka ni kimwe mu burenganzira bwiwe nkuko amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k&rsquo;abana abivuga. Naho biri uko haracibonekeza abantu bataratahura akamaro kavyo. Ikinyamakuru Jimbere caregereye bamwe mu miryango y&rsquo;abasangwabutaka bivugwa ko batitabira ico gikorwa, baratuyagira igituma.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko itegeko rigenga abantu n&rsquo;imiryango ribivuga : \u00ab Umwana wese avukiye ku butaka bw&rsquo;Uburundi ategerezwa kwandikishwa muri komine, mu kiringo kitarenze iminsi 15 uhereye akivuka \u00bb. Imiryango y&rsquo;abatwa rero ngo ni imwe mu yidakunda kwitwararika iryo tegeko, ivyo bikemezwa na Nengo Emmanuel aserukira imbere y&rsquo;amategeko ishirahamwe Uniproba (Unissons-nous pour la promotion des Batwa) aho agira ati : \u00ab<em> Abavyeyi benshi ntibakunze kwandikisha abana babo. Ivyo na vyo bikaba bituruka ku bubegito hamwe no kutamenya akamaro kavyo. N&rsquo;abiyumviriye kubikora akenshi bagenda bacerewe bigaca bituma babaca amande y\u2019amafaranga y\u2019amarundi 1000. Muri ico gihe baca babireka kuko &nbsp;atabushobozi bwo kuyariha baba bafise\u00bb.<\/em> <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Abavyeyi bo babivugako iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Bamwe mu bavyeyi baba i Nyarumpanga, kimwe mu bigwati bibamwo imiryango y&rsquo;abatwa giherereye muri zone Buterere, komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko amahera y\u2019umurengera asabwa kugira bandikishe abana ari kimwe mu bituma badakunda kwitabira ako kamo.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Minani Aline, umupfasoni w&rsquo;abana 4 twayaze\nyagize ati&nbsp;: <em>\u00ab Umwana mutoyi ni we yanditswe\ngusa. Bakuru biwe na bo naragerageje kubandikisha ariko kugeza n\u2019ubu ntibirakunda\nkuko baduca 10.000 ku mwana umw\u2019umwe ngo twaracerewe. Ni menshi cane nta yo\nnoshobora kuronka kuko ndabareze jenyene, se wabo yaradutaye. Amahera angana nk\u2019uko\nntayo ndigera ndonkera rimwe. Na dukeduke ndonka ndadukoresha mu gusuma ivyo\nbafungura. Abayobozi barigeze kutubwira ko baje kubandika ku buntu, ariko n\u2019ubu\nntituzi iyo vyahereye \u00bb.<\/em> <\/p>\n\n\n\n<p>D\u00e9sir\u00e9 na we agira ati&nbsp;: \u00ab <em>Mfise abana 3. Naragerageje kubandikisha akatari gake ariko kubera ko bansaba amahera menshi vyarananiye. Abaduhimiriza bavuga ko kwandikisha abo twibarutse ari ku buntu, ariko iyo ugiye, urarindira urupapuro rwemeza ko banditswe amaso agahera mu nzira. Iyo twacerewe naho twari twabwiwe ko twotanga 1000. Ariko urishe ayo barayakira ukarurindira amaso agahera iyo. Ushaka ko binyaruka ni ngombwa urihe 10.000 kandi hoho n\u2019urupapuro urarutahana \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nyandwi Sylvestre arongoye karitiye Mugaruro ari na yo ico kigwati giherereyemwo, avuga ko atako atagira ngo ahimirize abo atwara bitabire akamo ko kwandikisha abana babo. Na yo ku vy\u2019uko abacerewe barihishwa 10.000, avyamirira kure, ahubwo akavuga ko basabwa 1000 gusa. Agira ati: <em>\u00ab Kenshi twama twakoze inama tubereka akamaro ko kwandikisha abana. Ariko dukunda gusanga ubukene ari yo ntambamyi ikunze gutuma batitabira ico gikorwa. &nbsp;Iyo nk\u2019umuryango ufise abana 4 canke 5 batanditswe, biba bigoye ko umuvyeyi yegeranya uburyo bwo kubatangira bose na canecane ko abenshi muri bo basanzwe batunzwe ni vyo batorora mw&rsquo;iyarara. Amahera 1.000 bari gutangira umwana umw\u2019umwe bahitamwo kuyasumisha \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingaruka ku buzima bw&rsquo;abana batanditswe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo umwana atandikishijwe akivuka, birazana ingaruka mbi nyinshi yaba ku\nbuzima bw\u2019uwo mwana nyene eka ndetse n&rsquo;ubw\u2019umuryango wiwe muri rusangi. Akarorero\nni aka Mariya, umuvyeyi bagonze umwana wiwe atanditswe agira ati: \u00ab<em>Umwana wanje yakorotse ku modoka yari ije\ngusesa umwavu. Namutwaye ku mavuriro 2 yose bansubiza inyuma kubera ata\nrupapuro rw&rsquo;amavuka afise. Ahagira 3 ni ho umuganga yaterwa ikigongwe n\u2019ingene\nuwo mwana yari ameze, hama aratinda aramwakira. Ariko abanza kumpa itegeko\nry\u2019uko mu minsi itarenga ibiri nzoba narushikanye \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Kiretse kutaronka uburenganzira bwo kuvuzwa, iyo umwana atanditswe\nntaheza ngo aronke kandi izina rimuranga, nta bwenegihugu aba afise, nta burengazira\nbwo kwiga eka ndetse n\u2019ubwo gukingirwa aheza ngo aronke.<\/p>\n\n\n\n<p>Twaragerageje kurondera ibitigiri vy&rsquo;abana b\u2019abatwa boba banditswe, haba muri Uniproba, Fenabed, Isteebu n\u2019ahandi, ariko ntitwashoboye kubironka. Naho biri uko turacabandanya kubitohoza.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n&rsquo;agateka k&rsquo;abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kwandikisha umwana akivuka ni kimwe mu burenganzira bwiwe nkuko amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k&rsquo;abana abivuga. Naho biri uko haracibonekeza abantu bataratahura akamaro kavyo. Ikinyamakuru Jimbere caregereye bamwe mu miryango y&rsquo;abasangwabutaka bivugwa ko batitabira ico gikorwa, baratuyagira igituma. Nkuko itegeko rigenga abantu n&rsquo;imiryango ribivuga : \u00ab Umwana wese avukiye ku butaka bw&rsquo;Uburundi ategerezwa kwandikishwa muri komine, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4070,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,213],"tags":[312],"coauthors":[34],"class_list":["post-4068","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-ukubana","tag-intwaro-yo-hasi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4068","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4068"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4068\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4071,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4068\/revisions\/4071"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4070"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4068"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4068"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4068"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4068"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}