{"id":4057,"date":"2019-09-25T12:10:19","date_gmt":"2019-09-25T10:10:19","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4057"},"modified":"2019-09-25T12:19:00","modified_gmt":"2019-09-25T10:19:00","slug":"akaranga-ingoma-burundi-unesco","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/akaranga-ingoma-burundi-unesco\/","title":{"rendered":"Sobanukirwa ibiranga ingoma, imwe mu bigize itunga rusangi kw\u2019isi yose"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu benshi barakunda umurisho w\u2019ingoma y\u2019Uburundi. Ikivyemeza ni uko mu 2014 yashizwe mu mugwi w\u2019ibigize itunga rusangi kw\u2019isi yose. Ariko burya ngo naho ingoma ikunzwe, bose ntibayitahura kumwe. Ikinyamakuru Jimbere caraganiriye na Oscar Nshimirimana umukuru w\u2019ikigabiro co mu Gishora<\/strong> <strong>hamwe na Ast\u00e8re Ndikumana atwara umugwi w&rsquo;intambo ndangakaranga \u00ab Intatana \u00bb , baratuyagira ibintu twomenya ku ngoma. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ndikumana aratanga\ninsiguro zimwe zimwe ziranga ingoma. Agira ati: <em>\u00ab Uvuze ingoma, abantu bumva ibintu vyinshi. Igereranya ubukuru, intwaro\ncanke inganji. Uzokwumva canke warumvise bavuga ngo ku ngoma ya Mwezi Gisabo (aho\nbaba bavuze igihe uwo mwami yaganza). Isigura kandi intambo yerekana akaranga\nk&rsquo;abarundi itambwa n&rsquo;abatimbo. Ikongera ikagereranywa kandi n\u2019umugore (Ngoma\ny\u2019ikirwa). Ubwa nyuma, isigura irya sekuro babaza bagakanirako urusato abatimbo\nbakubitako imirisho kugira baryoshe ibirori iyo biyereka canke baseruka\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Naho umenga zirasa, ntizitiranwa<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Zirya ngoma abatimbo\nbavuza ziri mu migwi y\u2019amazina itatu, nk\u2019uko zidondagurwa na Nshimirimana, hari\nizitwa Ibishikizo. Izo ni zimwe zinini zinini cane zisumba izindi zose. Hari\nigishikizo ca mbere kizisumba zose, hakaba ica kabiri gutyo gutyo. Zinatondeshwa\nhisunzwe uko zikurikirana mu bunini kandi n&rsquo;abazivuza bakurikirana uko\nbarushanya inguvu n&rsquo;ubuhinga. Ibishikizo rero bivuzwako umurisho uwo na wo\nukaba uvuzwa baririmba uturirimbo canke barindiriye uwugire aje guseruka. Ziravuzwako\nkandi umuhindo (ni igihe bavuza utuntu bose usanga bahurijeko). <\/p>\n\n\n\n<p>Hakurikira\nAmashako, ayo na yo akaba ari ingoma ntonto. Na zo zitonda nk&rsquo;ibishikizo. Izo\nrero uwiga wese kuvuza ni zo atangurirako gushika amenyere. Amashako arakokera\nni ukuvuga ko baguma bazikubita hejuru ahitwa mu kibenga c\u2019ingoma. Ni na zo\nzishayura umuvuduko w&rsquo;amajwi iyo ariko arakwama. <\/p>\n\n\n\n<p>Hanyuma haza Inkiranya.\nIyi yo ni ingoma\nitwara izo zindi. Ihagarara\nimbere hagati y&rsquo;ibishikizo n&rsquo;amashako. Iteye amabara y&rsquo;ibendera ry&rsquo;igihugu. Iba\nari nziza isenye neza ikanywe mw&rsquo;isekuro imeze neza ku buryo iseruka ikarusha\nizindi ubwiza. Ubuhinga bwose bubera kuri iyo ngoma, ni yo itera ijwi ni na yo\nberekanirako ibimenyetso vy&rsquo;ivyo bagire bakore. Abaseruka bose bayicako kandi\nni na yo yugara ibirori igihe ziba zikiri ku muheto ni ukuvuga zigitonze ku\nmurongo uvunye kabiri (demi-cercle) imbere y&rsquo;uko zisubizwa mu kigabiro (aho\nzishingurwa).<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Ingoma-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-4059\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Ingoma-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Ingoma-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Ingoma-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Ingoma.jpg 1500w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Zavugirizwa abakuru ku minsi mikuru\ny\u2019igihugu ariko ubu\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Uwutwara\numugwi w&rsquo;intambo ndangakaranga \u00ab Intatana \u00bb avuga ko kubera ingoma yagereranya\nintwaro canke ubukuru, ubwa mbere bayivugiriza umwami yibambuye (avyutse) canke\nzikamuherekeza mu ngendo zose yagira. Zaravuzwa kandi mu bihe bikomeye\nvy&rsquo;iminsi mikuru y&rsquo;igihugu, nko ku muganuro, kw&rsquo;iyimikwa ry&rsquo;umwami n&rsquo;ahandi mu\nntumbero yo kuryosha ibirori. Muri iki gihe, na ho ngo zikwiye kuvuzwa mu\nbirori vy\u2019iminsi mikuru y\u2019igihugu gusa. Ariko kubera hari abahindagura imico,\nha mpande y&rsquo;ibiringo bikomeye vy&rsquo;igihugu iranakoreshwa mu buryo butaribwo mu manza\nzo kwiryohera nko mu bugeni, mu kuyicisha amafaranga.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;<strong>Kuki\nabagore batemerewe kuvuza ingoma<\/strong>? <\/p>\n\n\n\n<p>Nshimirimana\nati: \u00ab <em>Umugore ntavuza ingoma kuko ifise\nibihimba nk\u2019ivy\u2019umukenyezi. Irafise mu Kibenga (harya ku rushato bakubita umurisho,\nahasanzwe hagereranywa n&rsquo;igihimba c&rsquo;irondoka c&rsquo;umugore). Umurisho wo usanishwa n\u2019igihimba\nc&rsquo;irondoka c&rsquo;umugabo. Irafise kandi urugori, amabere, inda, umubabo hamwe\nn&rsquo;umukondo. Umugore rero ngo ni ingoma y\u2019ikirwa (ikirwa bwari uburiri bw&rsquo;umwami)\nni ukuvuga rero ko umwami atanguye uruhigi (kurangura amabanga y\u2019abubatse) yaba\narikumwe na ngoma y\u2019ikirwa. Muzokwumva abatimbo baririmba bati Ngoma y\u2019ikirwa\nturamuzanye. Baba bavuze umugore. Rero umugore avugirizwa ku kirwa, wewe ntavuza,\nahubwo atera intege uwuvuza. Ni hamwe muzobona gusa bazitambira, kuko aramutse\nabikoze yoba yivugije, ivyo na vyo bikaba bitokunda ata murisho afise \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Umukuru\nw\u2019ikigabiro co mu Gishora arangiza amenyesha ko ingoma y\u2019Uburundi yamye\nyubahirizwa kuva kera na rindi, kanatsinda ni yo yanatumye Uburundi bumenyekana\nmu makungu. Ingoma iranga akaranga ka basokuru ntikwiye gucishwa amahera mu\nmanza z\u2019abifise ahubwo ikwiye gutera iteka iminsi mikuru y\u2019igihugu mbere\nn\u2019abaruka ubu bakaziga kugira ngo na bo bazoyihererekane nk\u2019uko ari iragi\nryarazwe umurundi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu benshi barakunda umurisho w\u2019ingoma y\u2019Uburundi. Ikivyemeza ni uko mu 2014 yashizwe mu mugwi w\u2019ibigize itunga rusangi kw\u2019isi yose. Ariko burya ngo naho ingoma ikunzwe, bose ntibayitahura kumwe. Ikinyamakuru Jimbere caraganiriye na Oscar Nshimirimana umukuru w\u2019ikigabiro co mu Gishora hamwe na Ast\u00e8re Ndikumana atwara umugwi w&rsquo;intambo ndangakaranga \u00ab Intatana \u00bb , baratuyagira ibintu twomenya ku [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4058,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[211],"tags":[72],"coauthors":[189],"class_list":["post-4057","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imicokama","tag-ingoma"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4057","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4057"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4057\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4063,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4057\/revisions\/4063"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4058"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4057"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4057"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4057"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4057"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}