{"id":4050,"date":"2019-09-23T17:49:35","date_gmt":"2019-09-23T15:49:35","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4050"},"modified":"2021-01-27T15:59:44","modified_gmt":"2021-01-27T14:59:44","slug":"amashure-bujumbura-ubukene-intebe-abana-gasenyi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/amashure-bujumbura-ubukene-intebe-abana-gasenyi-burundi\/","title":{"rendered":"Ku mashure amw\u2019amwe yo mu gisagara ca Bujumbura, abanyeshure biga barambije hasi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe\nhaciye iminsi mike gusa umwaka w&rsquo;ishure wa 2019-2020 utanguye, mu gisagara ca\nBujumbura haribonekeza ubwinshi bw&rsquo;abana mu mashure amw\u2019amwe, ivyo na vyo bigatuma\nhari abiga bicaye hasi. Ikinyamakuru Jimbere caragendeye amwe muri yo\nbaratuyagira ibitari bike.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kw\u2019ishure shingiro rya Gasenyi II riri muri komine Ntahangwa, ucinjira mu birasi bimwe bimwe usanga abanyeshure bamwe bagandagaje hasi bararamura amaso bagerageza gukurikira ivyo umwigisha aba ariko arandika ku kibaho. Abandi na bo baba barundanye ku dutebe duke duhari. Hari abaruha bakegamira ibihome abandi bakaryamanako. Ivyo rero bikaba biva ku bukene bw\u2019intebe zidakwira ibitigiri vy\u2019abanyeshuri bahiga. <\/p>\n\n\n\n<p>Rurihose B\u00e9atrice ni umwigisha mu mwaka wa kane kuri iryo shure, avuga ko afise abana benshi mw\u2019ishuri kandi ata ntebe bafise babicarikako. Agira ati&nbsp;<em>: \u00ab Mfise abanyeshuri 63, abahungu 28 n&rsquo;abakobwa 35. Abo rero mu kwicara barakurakuranwa uko haca imisi ibiri. Ku bw\u2019ivyo abo bana ntibiborohera mu gihe baba bariko bariga bicaye hasi, kubera ko biruhisha umugongo n\u2019igikanu\u00bb.<\/em> Uwo mwigisha akaba afise n\u2019impungege z\u2019uko bashobora kurwara indwara zifatira ku mwanda biturutse ku kuntu baguma bakora hasi bakongera bakikora no ku munwa. Vyongeye ngo n&rsquo;ibitabo birahononekarira kuko baguma babitagaguza hasi.<\/p>\n\n\n\n<p>&nbsp;Mbazimana Esp\u00e9rance hamwe na Sindayigaya Chris\nbiga mu wa kane kuri iryo shure. Kuba baje gutangura bagasanga biga bicaye hasi\nngo vyarababaje cane kuko ngo hagera gutaha barushe kandi basanzwe banibera\nkure. Bagira bati&nbsp;<em>:\u00ab&nbsp;Ntibitworohera\nna gato. Amagara yacu arahasinzikarira cane. Umugongo, igikanu, \u2026 hagera\ngusohoka tutiyegura umubiri wose kubera uburuhe. Imicafu yo ku mubiri no ku\nmpuzu yoyo ntitukiyivuga kuko abavyeyi twabamazeko udufaranga twokwama baguze\namasabuni ya buri gihe \u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ahandi ho bimeze gute&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikinyamakuru\nJimbere caraciye no kw\u2019ishure shingiro rya Bassin II riri muri zone Buyenzi\nhamwe na Musaga I, asanzwe na yo nyene yibonekezako ubwinshi bw\u2019abanyeshure.&nbsp; Kuri ayo mashuri rero n\u2019ubwo twasanze abana\nbashobora kuronka intebe babandanirako, ngo zaracotse ntizigikomeye bama bariko\nbarasanasana izavunaguritse kugira iminsi ibe iricuma, nk\u2019uko bishikirizwa\nn\u2019abigisha bo kuri ayo mashuri. Banavuga kandi ko kubera kutagira aho bicarika\nabana, vyatumye hari abanyeshuri bankirwa kwandikwa kandi bipfuza kuhiga.<\/p>\n\n\n\n<p>Iyo rero umunyeshure aticaye neza mw&rsquo;ishure ntashobora gukurikirana neza ivyigwa. Yama afise intege nke mw\u2019ishuri zituruka ku buruhe, hari abiryamira hasi, abisinzirirako eka hari n\u2019abasiba mw\u2019ishuri kuko baba babona ko naho botonda birirwa nabi. Vyongeye ngo n&rsquo;abarezi ntibiheza ngo biborohere mu kubakurikirana nk\u2019uko bikwiye. Abarezi bo kuri ayo mashuri bakaba basaba ababijejwe ko bobaronsa intebe zikwiye hamwe n&rsquo;ibitabo kugira abanyeshure bige atankomanzi. <\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-cyan-bluish-gray-background-color\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na Gis\u00e8le Uwimana, ariko arimenyereza mu <a rel=\"noreferrer noopener\" href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n&rsquo;agateka k&rsquo;abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe haciye iminsi mike gusa umwaka w&rsquo;ishure wa 2019-2020 utanguye, mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza ubwinshi bw&rsquo;abana mu mashure amw\u2019amwe, ivyo na vyo bigatuma hari abiga bicaye hasi. Ikinyamakuru Jimbere caragendeye amwe muri yo baratuyagira ibitari bike. Kw\u2019ishure shingiro rya Gasenyi II riri muri komine Ntahangwa, ucinjira mu birasi bimwe bimwe usanga abanyeshure bamwe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4051,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,205],"tags":[247],"coauthors":[34],"class_list":["post-4050","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-indero","tag-abana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4050","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4050"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4050\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4055,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4050\/revisions\/4055"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4051"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4050"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4050"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4050"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4050"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}