{"id":4030,"date":"2019-09-20T12:38:25","date_gmt":"2019-09-20T10:38:25","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4030"},"modified":"2021-01-27T15:22:03","modified_gmt":"2021-01-27T14:22:03","slug":"umugambi-abana-ibarabara-agateka-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/umugambi-abana-ibarabara-agateka-burundi\/","title":{"rendered":"Muri Reta bati \u00ab\u00a0abana 4.000 baramaze kuva mw\u2019ibarabara\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p class=\"has-text-color has-medium-font-size has-very-dark-gray-color\"><strong>Inyuma\ny\u2019umugambi wo gukura abana basegerereza mu bisagara, benshi muri bo\nbarasubijwe mu miryango abandi basubizwa mu ma shure. Muti none\nbigeze hehe&nbsp;? Ikinyamakuru Jimbere caregereye bamwe mu bana\nbahoze mw&rsquo;ibarabara hamwe n&rsquo;abavyeyi baratuyagira ubuzima babayemwo\nubu.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p style=\"color:#040404\" class=\"has-text-color\"><strong>Kuva mu mwaka w\u2019 2016, Reta y&rsquo;Uburundi ifatikanije n\u2019amwe mu mashirahamwe yitaho agateka k&rsquo;abana<\/strong> akorera mu Burundi barashizeho umugambi wo gukura abana basegerereza canke baba mw&rsquo;ibarabara. Si agaseseshwarumuri abana bari mw&rsquo;ibarabara ico gihe, baguma biyongera uko bukeye n\u2019uko bwije. Mu <strong>matohoza yakorewe mu bisagara vya Bujumbura, Gitega, Ngozi na Kayanza mu mwaka w\u2019 2010, yerekanye ko abana barenga 3260 ari bo bari mw&rsquo;ibarabara<\/strong> kandi akerekana ko atagikozwe vuba na vuba ico gitigiri cari kigiye kwongerekana.<\/p>\n\n\n\n<p>Uwo mugambi umaze kuja mu ngiro, ibitigiri vy\u2019abana bari mw\u2019ibarabara vyaragabanutse. Abahora banyuragirana mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, canecane ku gituro c\u2019amabisi, mu buriro no mu bunywero butandukanye aho wasanga bagandagaje k&rsquo;ubwinjiriro barindiriye gusega abinjira n\u2019abasohoka baragabanutse. Ivyo bikemezwa na Ignace Ntawembarira asanzwe atwara igisata kiraba abana n&rsquo;imiryango mu Bushikiranganji bw&rsquo;agateka ka zina muntu, imibano n&rsquo;iterambere ridakumira aho avuga ko<strong> abana bababa 4.000 ari bo boba bamaze gukurwa mw&rsquo;ibarabara.  <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p style=\"color:#05577a\" class=\"has-text-color\"><strong>Ni\nigiki gituma abana baja mw\u2019ibarabara&nbsp;?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubukene buri mu miryango<\/strong>, ukutitabwaho n\u2019abavyeyi ni bimwe muri bikuru bikuru bikunda gutuma abana bata imiryango yabo hama bakaza kugira uburaro n&rsquo;uburamuko ibarabara. <br>Nadia umwana w&rsquo;umwigeme w&rsquo;imyaka 12, ni umwe muri benshi birirwa gusegerereza mw&rsquo;ibarabara imbere yuko uwo mugambi uja mungiro. Agira ati&nbsp;:<em>\u00abTwava mu Buterere hamwe n\u2019uwundi mugenzi wanje w\u2019umukobwa tugiye gusega hagati mu gisagara ca Bujumbura&nbsp;. Hari igihe twaronka ikindi gihe naho tukabura. Ayo naronse nayakoresha mu gusuma ivyo dufungura muhira canke mu kuyagura uduhuzu canke uturato. Ariko kenshi papa izo mpuzu n\u2019ibirato nasanga yabigurishije. Hari igihe nigeze kumufata agiye kugurisha ikanzu zibiri nari naguze nca ndabibwira umupolisi twari duhuye ndiko ndamwirukako na we yanyishuye ngo wewe uracari umwana ntushobora kwitwarira umuvyeyi \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Alain\nBoris Ntirandekura asanzwe ari mw&rsquo;ihuriro ry&rsquo;abana ku rwego\nrw&rsquo;igihugu Foneb avuga ati&nbsp;: <em>\u00ab\nIgihe cose twagiye kuraba abana bo mw&rsquo;ibarabara bagaruka kw&rsquo;ijambo\nubukene: ngo sinogenda kw&rsquo;ishure nshonje, sinogenda kw\u2019ishure\nntafise impuzu\u2026&nbsp;\u00bb<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Arongera ati&nbsp;: <em>\u00ab Ntawovuga ko ari ubukene gusa butuma abana baja mw&rsquo;ibarabara <strong>hariho kandi n&rsquo;ikibazo c&rsquo;indyane usanga ziri mu miryango<\/strong> aho ushobora kubona abavyeyi bama bariko bararwana. Ivyo na vyo birashobora gutuma umwana yiyumvira kuhava akigira mw\u2019ibarabara<\/em>. <em>Ikindi tutokwirengagiza ni ubugaba bw&rsquo;abana, ico nokwita agakuku. Aho usanga umwana abonye bagenzi biwe basigaye bari mw&rsquo;ibarabara na we ngo natanzwe ! Agaca abakurikira. Ikibabaje rero ni uko bene abo bana usanga akenshi ataco baba bari babuze muhira iwabo \u00bb<\/em>.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"in\" dir=\"ltr\">????????&quot;<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Korako?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Korako<\/a>&quot;: Isekeza ryo kwegeranya imfashanyo y\u2019amakaye izohabwa abanyeshuri 300 ba ntahonikora bo mu ntara ya Bujumbura Rural na <a href=\"https:\/\/twitter.com\/MairieBujumbura?ref_src=twsrc%5Etfw\">@MairieBujumbura<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/Leq4lrRpLv\">https:\/\/t.co\/Leq4lrRpLv<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/school?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#school<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/schoollife?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#schoollife<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/gMsqgfDyT9\">pic.twitter.com\/gMsqgfDyT9<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1169967492791447554?ref_src=twsrc%5Etfw\">September 6, 2019<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p style=\"color:#054468\" class=\"has-text-color\"><strong>Amashirahamwe arafasha <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuva aho Reta ishiriyeho umugambi wo gusubiza abana mu miryango yabo, <strong>hari amashiramwe menshi yagiyeho ngo afashe bene abo bana canecane mu bijanye no gusubira kw&rsquo;ishure<\/strong>. Aha twovuga ishirahamwe JSBM (Jeunesse au service d&rsquo;un Burundi meilleur) mu mugambi bise &lsquo;Nanje Nobaho&rsquo; ari na wo washoboye gufasha Nadia co kimwe n\u2019abagenziwe 133.<\/p>\n\n\n\n<p>Ruremesha\nHugues Hardy arongoye JSBM avuga ko abo bana babafasha mu buryo 4 ari\nbwo : gusubira kw&rsquo;ishure, kubazanira abahinga mu bijanye n\u2019inyifato\nkugira babumvirize banabafashe kubakuramwo ingeso mbi baba barakuye\nmw&rsquo;ibarabara, kubasubiririmwo ivyo baba bize kw\u2019ishure no\ngushigikira abavyeyi babo bana mu bijanye no kwiyungunganya\nbabicishije mu kuziganya no kuguranana ivyo na vyo bica bituma\nabavyeyi baronka ukwo bafungurira abana babo hama ba bana bahora baja\ngusegerereza kubera inzara ntibabe bakibaho.<\/p>\n\n\n\n<p>Baba\nabana ndetse n&rsquo;abavyeyi bafashwa n\u2019uwo mugambi, barashima aho\nbabakuye naho bamaze kubageza mu kiringo c&rsquo;imyaka 2. Nadia agira\nati&nbsp;: <em>\u00ab\nBaranyandikishije muri komine bongera baranjana kw\u2019ishure\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Isabelle\nNgendakumana umwe mu bakenyezi bafise abana bafashwa n\u2019umugambi\n\u2018Nanje Nobaho\u2019 avuga ati<em>:\n<\/em><em>\u00ab<\/em><em>Akenshi\nabavyeyi twasanze tutitaho abana bacu, twatwarwa n\u2019ibitagira\nakamaro, ariko kuva aho  duhuriye n\u2019ishirahamwe JSBM twarahawe\ninyigisho zidukuramwo ubugaba twari dufise. Baranadufashije mu kuduha\nimitahe yo kwiyungunganya kugira dushobore kuronka ingene tubeshaho\nimiryango yacu. Ku bwanje novuga ko Nanje Nobaho atari umuvyeyi waba\nbana gusa ahubwo na twebwe irahindukira ikadufasha <\/em><em>\u00bb<\/em><em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ubwo\nibitari bike vyakozwe mu bijanye no gukura abana mw\u2019ibarabara,\nabatari bake baracaririmwo. Ku bw\u2019ivyo, Reta hamwe n\u2019amashirahamwe\nyitwararika abana arakwiye guhagukira ico kibazo maze abana bakajanwa\nkw\u2019ishuri bakanitwararikwa n\u2019abavyeyi babo nk\u2019uko biri mu\nmategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka kabana.<\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-text-color has-very-dark-gray-color\"><strong>Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu <a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/burundi-presse-unicef-jimbere-enfants-journalism\/\" target=\"_blank\" rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n'agateka k'abana mu Burundi (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\">Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n&rsquo;agateka k&rsquo;abana mu Burundi<\/a>.<\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Inyuma y\u2019umugambi wo gukura abana basegerereza mu bisagara, benshi muri bo barasubijwe mu miryango abandi basubizwa mu ma shure. Muti none bigeze hehe&nbsp;? Ikinyamakuru Jimbere caregereye bamwe mu bana bahoze mw&rsquo;ibarabara hamwe n&rsquo;abavyeyi baratuyagira ubuzima babayemwo ubu. Kuva mu mwaka w\u2019 2016, Reta y&rsquo;Uburundi ifatikanije n\u2019amwe mu mashirahamwe yitaho agateka k&rsquo;abana akorera mu Burundi barashizeho [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":4031,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[486,205],"tags":[247],"coauthors":[34],"class_list":["post-4030","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijwi-ryabana","category-indero","tag-abana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4030","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4030"}],"version-history":[{"count":10,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4030\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":6067,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4030\/revisions\/6067"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4031"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4030"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4030"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4030"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4030"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}