{"id":4015,"date":"2019-09-18T10:16:25","date_gmt":"2019-09-18T08:16:25","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4015"},"modified":"2019-09-19T15:58:08","modified_gmt":"2019-09-19T13:58:08","slug":"burundi-umupoil-ub-lift","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-umupoil-ub-lift\/","title":{"rendered":"\u00ab Umupoil \u00bb ngo yiruka mu gihe ca \u00ab lift \u00bb gusa"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Abantu\nbatari bake baranegura umuco w\u2019abanyeshuri bo muri kaminuza y\u2019Uburundi (\u00ab abapoils\n\u00bb) wo kwama bahagaze kw\u2019ibarabara bagonze urutoke basaba \u00ab lift \u00bb. Ivyo bikaba\nvyibonekeza mu gihe baba baja canke bava kwiga. Ariko burya uwo muco ngo\nntiwizanye. Wamutse ku kuntu bahoze bagenda n\u2019imiduga, nk\u2019uko bishikirizwa na\nJean Ndikumana, umunyeshure yahoze ahiga.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Isaha cumi na zibiri z\u2019agatondo,\nab\u2019amarere baba bamaze gushika kw\u2019ibarabara ryitiriwe Mwezi Gisabo. Aho ni ku\nbw\u2019injiriro bw\u2019ikigo ca Kaminuza co Ku Mutanga. Usanga batonze ari bane bane mu\ntugwi. Imvo ikaba ari uko iyo baronse bashobora gutwarirwa rimwe. Baba abigeme\ncanke abahungu, bose baramaze kubimenyera mbere bisigaye biri mu biranga \u00ab umupoil\n\u00bb (imvugo isigura umunyeshure wo muri kaminuza y\u2019Uburundi). Kuri bamwebamwe,\nKuja kw\u2019ishuri n\u2019amaguru baramaze kubigira umugani.<\/p>\n\n\n\n<p>Jean Ndikumana ni umwe mu banyeshuri\nbahoze biga kuri kaminuza y\u2019Uburundi. Agira ati:&nbsp;\u00ab<em>Ukwo kugonda ntikwizanye. Abanyeshure bakiri bake mu bigo, hari ho\nimiduga ya kaminuza yabunguruza ikabashikana aho biga hose. Ariko uko iminsi\nyagiye irahera ni ko n\u2019abanyeshuri bagiye baragwira maze bisanga bitagikunda ko\nbaba bagishikanwa kw\u2019ishuri. Kubera rero ko bari bamaze kumenyera kugenda\nbicaye buri gihe, baciye batangura kuja barasaba &lsquo;lift&rsquo; ivy\u2019ukurerurwa bimaze\ngukurwaho. Muri ico gihe ntibari bwabe benshi cane bararonka ababunguruza,\nbiteba bicika akamenyero. Ari naho uzumva basigaye bagira bati, umupoil\nntiyiruka na ho ivyiwe vyose vyoba bigeramiwe kiretse mu gihe ca &lsquo;lift&rsquo; gusa,\nna yo ahandi baragawusinga (bashaka kuvuga kugenda buhoro buhoro) <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><em>Esp\u00e9rance Kabatesi we n\u2019ubu aracagonda. Uwu agira ati: <\/em>\u00ab<em> Mw\u2019i Rohero burya si hafi uvuye ku Mutanga ku buryo wokwama wahadiridimvye n\u2019amaguru. Ushikayo warushe wabaye intere gutyo bigatuma umuntu adashobora gukurikirana ivyigwa atekanye. Kugonda kuba ari ukugira urabe ko woshika umerewe neza mu ntumbero yo gutonda mw&rsquo;ishuri unonokewe, ata buruhe canke intuguta ufise. Kandi kubera ko dusohoka dushonje biragorana kuva mw\u2019i Rohero ku ruzuba. Uca uhitamwo gusaba &lsquo;lift&rsquo; <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Birafise\ningaruka mbi \u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ndayiragije Innocent agira ati<em>: <\/em>\u00ab<em>&nbsp;Kiretse ko hari uwushobora kukwunguruza akagenda aragutuka ngo abanyeshuri b\u2019ubu basigaye ari abanebwe, hari n\u2019abashika bacerewe kubera bagumye bategereye bagasanga nk\u2019umwarimu yahejeje gutora urutonde rw&rsquo;abatonze. Hari n\u2019abasiba hagaca hagatangwa nk\u2019udukorwa two mu migwi gutyo bakaba baraduhomvye bikabakwegera kudakora ikibazo muri ico cigwa canke kuronka amanota make kubera hari ivyo baba batize <\/em>\u00bb<em>.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Si ivyo gusa ngo biratuma haba\nn&rsquo;abagira akamenyero kabi ko kubona ko buri gihe batabonye uwubunguruza batova\naho bari. Ngo biranatuma kandi bama baguma bumiye kuri za ngingo ngenderwako\nzabo zigira ziti<em>: <\/em>\u00ab<em>Imiduga myiza yose ni iy\u2019abapoils <\/em>\u00bb<em>. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ariko rero naho bamwe babona ko kuba\numupoil akunda kugonda urutoke asaba \u00ab lift \u00bb biva ku bunebwe canke akamenyero\nkabi, bo bavuga ko biva ku rugendo rurerure bafata ku buryo bagiye kwiga\nn\u2019amaguru bashika indugumba yabaye nyinshi, uburuhe na bwo bwabishe. <\/p>\n\n\n\n<p>Weho ubibona gute?<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abantu batari bake baranegura umuco w\u2019abanyeshuri bo muri kaminuza y\u2019Uburundi (\u00ab abapoils \u00bb) wo kwama bahagaze kw\u2019ibarabara bagonze urutoke basaba \u00ab lift \u00bb. Ivyo bikaba vyibonekeza mu gihe baba baja canke bava kwiga. Ariko burya uwo muco ngo ntiwizanye. Wamutse ku kuntu bahoze bagenda n\u2019imiduga, nk\u2019uko bishikirizwa na Jean Ndikumana, umunyeshure yahoze ahiga. Isaha cumi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":4016,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[252],"coauthors":[189],"class_list":["post-4015","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions","tag-ub"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4015","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4015"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4015\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4020,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4015\/revisions\/4020"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4016"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4015"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4015"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4015"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4015"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}