{"id":4008,"date":"2019-09-17T14:23:55","date_gmt":"2019-09-17T12:23:55","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=4008"},"modified":"2019-09-17T15:15:37","modified_gmt":"2019-09-17T13:15:37","slug":"burundi-igiterwa-artemisia-malaria","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-igiterwa-artemisia-malaria\/","title":{"rendered":"Igiterwa \u00ab Artemisia \u00bb gikinga kikanavura indwara ya marariya kigiye gukwiragizwa mu Burundi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu mezi 2 ari imbere, imivyaro y\u2019igiterwa \u00ab Artemisia \u00bb iri hagati y\u2019imiriyoni 5 na 10 izoba imaze gukwiragizwa mu gihugu nk\u2019uko Ginette Karirekinyana, umukuru w\u2019ikigo ACECI (Agence Consultative en Ethique de la Coop\u00e9ration Internationale) mu Burundi, yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Muri ico kiganiro\nyaboneyeho akaryo ko kumenyesha akamaro k\u2019ico giterwa aho yavuga ko ugifashe\nutaragwara uba uriko urikingira indwara ya marariya, mu gihe ugwaye naho ukaba\nuriko urayivura. Kurandurana n\u2019imizi iyo ndwara mu Burundi, ngo ni ryo shingiro\nry\u2019ikwiragizwa ry\u2019ico giterwa mu ntara zose z\u2019igihugu c\u2019uburundi. Ico giterwa\nkikaba citezwemwo urukiza aho indwara ya marariya izoba umugani mu gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu kurondera guha\nagaciro ico giterwa ndetse no kukigwiza mu Burundi, na reta y\u2019Uburundi ngo\nntireze amaboko. Karirekinyana amenyesha ko bigiye kuzoterwa no ku mitumba muri\nwa mugambi w\u2019igihugu <em>\u00ab <\/em>Ewe Burundi Urambaye<em>\u00bb<\/em>\nndetse hanakwiragizwe n\u2019uturima two gukurizamwo imivyaro (p\u00e9pini\u00e8re).<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uwo\nmuti utegurwa gute?&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp;&nbsp; <\/strong><\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/DSC_0904-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-4010\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/DSC_0904-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/DSC_0904-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/DSC_0904-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/DSC_0904.jpg 1900w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption>Maelle, Pierrick na Karirekinyana, mu kiganiro gishingiye ku  giterwa Artemisia <\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko\nKarirekinyana abimenyesha, ngo umuntu aracacura ico giterwa agateka amababi\nhamwe n\u2019umutumba waco. Araheza akanikira ivyo bihimba vyacacuwe bugingo bimaze\nkwuma agaheza akabisya. Agafu kabivuyemwo ngo karashobora gushingurwa maze\numuntu akazoza arikoreshereza gakegake anywa kurya kw\u2019akayi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Urugero?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Aho ku miti\ny\u2019ikizungu vyari bimenyerewe ko unyoye mwinshi ariho ugira ingorane, umukuru\nw\u2019ikigo ACECI amenyesha ko kuri \u00ab<strong> <\/strong>Artemisia\n\u00bb\nho&nbsp; ufashe muke ariho bigukomerana.\nAsigura ko ufashe muke uba usa n\u2019uko uriko urarika umubiri wawe mu kuwuronsa\numuti udakwiye kandi uca umenyera ukwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Amagarama 5\ny\u2019agafu niyo ashirwa mw\u2019iteremusi ipima iritiro imwe y\u2019amazi, ari nayo kire ku\nmuntu umwe kandi ku munsi umwe. Ni ukuvuga akayiko gato, mu gihe ataragwara\nariko amaze kugwara afata ikiyiko kinini. Naho biri uko, gushiramwo amagarama\n10 canke 15 ngo ntaco vyonona uretse ko bikiza ningoga. Yamara atanu (5g)&nbsp; ku bantu 2 canke barenga , bizana ingaruka.\nIcitonderwa, ngo nta sukari umuntu ashiramwo ariko arashobora kuvanga na\ntangawizi kugirango akarure kagabanuke.<\/p>\n\n\n\n<p>Ico kiganiro kikaba cabaye mu gihe umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu&nbsp; Thad\u00e9e Ndikumana yaheruka kumenyesha ko igisata c\u2019ubuvuzi bw\u2019imiti y\u2019ikirundi kigiye kuzoshigikirwa mu kuronswa igikoresho gipima urugezo rw\u2019umuti ndetse n\u2019inyigisho muri ivyo bikorwa. Twokwibutsa kandi ko uwo mushikirangaji yari yashikirije ko&nbsp;gushika mu kwa gatandatu, hafi abantu bangana imiriyoni 4,4 aribo bari bamaze gufatwa na marariya.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu mezi 2 ari imbere, imivyaro y\u2019igiterwa \u00ab Artemisia \u00bb iri hagati y\u2019imiriyoni 5 na 10 izoba imaze gukwiragizwa mu gihugu nk\u2019uko Ginette Karirekinyana, umukuru w\u2019ikigo ACECI (Agence Consultative en Ethique de la Coop\u00e9ration Internationale) mu Burundi, yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Muri ico kiganiro yaboneyeho akaryo ko kumenyesha akamaro k\u2019ico giterwa aho yavuga ko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":4009,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[303,291],"coauthors":[231],"class_list":["post-4008","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-artemisia","tag-malaria"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4008","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=4008"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4008\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4014,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/4008\/revisions\/4014"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4009"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=4008"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=4008"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=4008"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=4008"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}