{"id":3999,"date":"2019-08-21T08:20:10","date_gmt":"2019-08-21T06:20:10","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3999"},"modified":"2019-09-17T12:42:42","modified_gmt":"2019-09-17T10:42:42","slug":"burundi-saidati-iradukunda-imboneza","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-saidati-iradukunda-imboneza\/","title":{"rendered":"Sa\u00efdati Iradukunda umupfasoni w\u2019intangarugero, icitegererezo ca bagenzi we"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Sa\u00efdati\nIradukunda<\/strong><strong> <\/strong><strong>ni umukuru w\u2019ikaritiye yo\nku Ntega, uwo mukenyezi ntarera amaboko ahubwo akora utuntu twinshi: arafasha\nmu guhereza ibikoresho abafundi bubaka amazu, ni umuririmvyikazi akongera akaba\nn\u2019imboneza. Eka ni urumuri rumurika abandi mu kibano.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ari mu mwitwikiro wirabura, ukimubona\nwomugereranya n\u2019umwisiramukazi abushitse, umwe yitwararika udukorwa two mu rugo\ngusa. Ariko Sa\u00efditi<strong>\n<\/strong>wewe abona ko kwemera mu vy\u2019idini bikwiye\nkujana no kwitunganya mu rugo no mu guteza imbere ikibano. N\u2019agatwengo kenshi,\nagira ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Jewe nkora akazi\nkabonetse kose, sintoranya \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Sa\u00efdatini umwirimizi, umukuru w\u2019ikaritiye, umuririmvyikazi, uwuhamagarira\nabandi bakenyezi kwijukira ibikorwa rusangi akongera akaba n\u2019umuhuza, emwe eka\nakora vyinshi ntiworaba. Nayo ku bijanye n\u2019ubuzima bwo mu rugo, arabumenyereye\ncane: Sa\u00efdati arubatse kandi afise abana icenda, ntaco atinya ku bijanye\nn\u2019akazi&nbsp; ico yiyumviriye ashirwa\nagishitseko. Yarakoze mu guhereza isima, ibeto n\u2019amatafari abafundi bariko\nbubaka inyubakwa y\u2019amanama y\u2019aho nyene ku Ntega. Nkuko vyemezwa na Josias\numwigisha wo ku Ntega, agira ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Ariko\naracanga ibeto yongera ayidugana ibikwa,ahereza amatafari ahiye n\u2019isima, emwe, uwamubona\nwese yaratangazwa n\u2019umwete afise&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>None\nhari uwoduga igikwa no kw\u2019isunzu ry\u2019inzu\u2026 mu mwitwikiro?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kuri ico kibazo Sa\u00efdati yishura ati<em>&nbsp;:\u00ab&nbsp;Oya! Ikintu cose gifise\numwanya waco<\/em>.&nbsp; <em>Iyo hageze kubaka nambara ipantaro, ariko iyo ari umwanya wo gusenga\nnambara umwambaro ujanye n\u2019ugusenga nyene\u00bb. <\/em>Ka muririmvyikazi, aramaze\ngutunganya indirimbo zitari zike zifatiye ku vyivugo bitandukanye\nnk\u2019ivy\u2019amagara y\u2019abantu, indero, \u2026 akaba arindiriye ko hogira umugiraneza\nyomushigikira kugira ace atangura kuzitunganya neza yongere azisohoze. Ukuririmba,\nngo uwo mukenyezi ashaka kubigira umwuga.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Iyija\nkurisha ihera ku nama\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Inyuma yo kubona ko inzoga zibujijwe (\nkanyanga n\u2019izindi) ziri mu ziteza indyane ku mutumba iwe, Sa\u00efdati yihaye\nintumbero yo kurwanya ingendo y\u2019uruhagarara rw\u2019ingwano zikurikira akaborerwe.\nAgira ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp; biciye mu\nnyigisho, ndakoranya abantu bose bo mw\u2019ikaritiye ndongoye tukaganira ku ngaruka\nmbi ziterwa n\u2019urwo ruvange rw\u2019inzoga zibujijwe. Hari n\u2019abahora bazenga bamaze\nkunshingira intahe ko bazisezereye&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mu vy\u2019ukuri, aho muri komine Ntega, inzoga\nzinyobwa ukuri kwamye no mu mwanya w\u2019akazi. Claver, umwe mu bahoze bakunda\nkwihereza kuri nzoga, yashinze intahe avuga ko igihe atari bwaronke impanuro za\nSa\u00efdati yari abanye &nbsp;nabi n\u2019umugore\nwiwe.&nbsp; Agira ati : \u00ab&nbsp;<em>Igihe cose\nnaronka amahera ikintu ca mbere nabanza kwiyumvira kwari ukuja kuyanyweshwa\ninzoga mu kirabo. Ariko kuva aho numviye akamo ka Sa\u00efdati, ubu mu rugo tubanye\nneza \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Nkuko abajejwe intwaro babivuga, inguvu\nSa\u00efdati yakoresheje ngo ntizapfuye ubusa, kuko hari abariko barahindura\ningendo. Biciye mu migwi y\u2019umutekano ihurikiyemwo bose, abahora benga\nn\u2019abihereza inzoga zibujijwe&nbsp; bose\nbarafashwe bikaba vyemezwa n\u2019indongozi. Maze iyo ndongozi ikagira ati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Ivyo twashitseko vyose tubikesha\nSa\u00efdati umukenyezi w\u2019imboneza yafashe ingingo yo kurwanya inzoga\nzibujijwe&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Sa\u00efdati Iradukunda ni umukuru w\u2019ikaritiye yo ku Ntega, uwo mukenyezi ntarera amaboko ahubwo akora utuntu twinshi: arafasha mu guhereza ibikoresho abafundi bubaka amazu, ni umuririmvyikazi akongera akaba n\u2019imboneza. Eka ni urumuri rumurika abandi mu kibano. Ari mu mwitwikiro wirabura, ukimubona womugereranya n\u2019umwisiramukazi abushitse, umwe yitwararika udukorwa two mu rugo gusa. Ariko Sa\u00efditi wewe abona ko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":7,"featured_media":4000,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[209],"tags":[301,302],"coauthors":[33],"class_list":["post-3999","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indanga","tag-abakenyezi","tag-imboneza"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3999","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/7"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3999"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3999\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4001,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3999\/revisions\/4001"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/4000"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3999"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3999"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3999"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3999"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}