{"id":3960,"date":"2019-09-12T09:37:57","date_gmt":"2019-09-12T07:37:57","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3960"},"modified":"2019-09-19T15:56:29","modified_gmt":"2019-09-19T13:56:29","slug":"burundi-utumwanya-kudandaza-burundi-environment","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-utumwanya-kudandaza-burundi-environment\/","title":{"rendered":"Hasigaye amezi 4 utumwanya twose dusubirizwe n\u2019ibitekezo bidatitura isi: ntibizokworoha"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Amezi 4 niyo asigaye ku kiringo catanzwe na Reta y\u2019Uburundi ngo ntihagire akamwanya kazoba kacibonekeza mu gihugu.\u00a0Ni mu gihe amashirahamwe akora ibitekezo bidatitura isi akiri make ku buryo ivyo bahingura bitokwira ibice 90% vy\u2019abanyagihugu bahora bakoresha utumwanya nk\u2019uko Hugues Nimpagaritse, umukuru wa rimwe mu mashirahamwe abikora abimenyesha yisunze ivyigwa vyakozwe mu gisagara ca Bujumbura. Naho biri ukwo, avuga ko hamwe ababihingura boshigikirwa vuba, ivyo bitekezo bitobura kuboneka, abadandaza n\u2019abasumyi bakoroherwa.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Impungenge ni nyinshi ku\nbadandaza ndetse n\u2019abasumyi kubw\u2019ingingo iri mw\u2019itegeko ry\u2019Umukuru w\u2019igihugu\nyimirije kuzoshirwa mu ngiro mu mezi 4 ari imbere, ivuga ko ata kamwanya na\nkamwe kazoba kacibonekeza mu gihugu. Bakibaza nimba hazoba hamaze kuboneka\nibitekezo bisubirira utwo tumwanya ku rugero twahorako n\u2019ibiciro bitavunanye.<\/p>\n\n\n\n<p>Uciye kw\u2019isoko yo kuri Cotebu, ndetse no kwa Siyoni, usanga\u00a0 utumwanya turi ku biciro twahozeko. Hari utw\u2019amafaranga 50, 100,\u00a0 200 na 500. Hari n\u2019ibitekezo bifise imigozi wogira ko bikozwe mu mpuzu, kimwe kikagwa hagati y\u20191000 na 5000. Prosper Ndikumana, umudandaza akorera kw\u2019isoko ya Cotebu. Agira ati: \u00ab <em>Twarasiguriwe ingaruka y\u2019utumwanya kw\u2019isi ndimwa ndetse no ku magara yacu, turabitahura. Ariko rero mfise amakenga ko ikiringo catanzwe n\u2019umukuru w\u2019igihugu kizohava gishika ata bitekezo bikwiye dufise\u00a0 kuko\u00a0 ata mashirahamwe abikora agwiriye mu gihugu ariho, n\u2019ayahari arabizimbako<\/em> \u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Pascal Karikurubu\nadandariza kwa Siyoni, we yibaza nimba amashirahamwe ahari akora ibitekezo\nafise vyangombwa bikwiye ku buryo azoshobora gukora ibingana n\u2018ibikenewe mu\ngihugu kuva ku bitekera irobo gushika ku biro 5 nk\u2019uko vyahora biri ku\ntumwanya. Agira ati: \u00ab <em>Ko hafashwe\ningingo ibuza kwinjiza utumwanya mu gihugu birakwiye ko herekanwa igikorwa\nkiboneka kiriko kirashirwa mu ngiro ntituzohave dusanga tuburiye icarimwe utwo\ntumwanya n\u2019ivyo bindi bitekezo kuko ibihari ubibajije ngo ubirangure\nbarabizimbako, ntitworonka abakiriya babigura<\/em> \u00bb.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo Adelphine Iratabara, umusumyi twahuye kuri Cotebu, agira ati:\u00ab <em>Asangwa agatekezo k\u2019ibiro 5 kazohora kagurwa kuva ku mafaranga 1000 kuduga uko ndiko ndabibona, aho buca utumwanya tuviraho ntibizoroha. Vyari bikwiye ko hagira igikorwa kugira ngo ibitekezo bigwizwe gutyo binagurwe ayaciriritse ahandi ho bamwe ntituzobihamvya \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Amashirahamwe\nahari afise ubushobozi bungana gute?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hugues Nimpagaritse aserukira ishirahamwe riharanira gukingira ibidukikije APBEE (Association pour le Bien-Etre de l\u2019Environnement) avuga ko batanguye ibikorwa vyo guhingura ibitekezo bibora inyuma yo kubona ko isi ndimwa ishobora gutiturwa n\u2019utumwanya, ndetse n\u2019amagara y\u2019abantu akahasinzikarira. <br>Nk\u2019uko abandanya abimenyesha, iryo shirahamwe rikora ibitekezo kandi ryama ryabikwiragije mu tuguriro igihe cose bikenewe. Nayo ku vyerekeye ibiciro avuga ko naho hari abavuga ko bizimvye atariko biri kuko ikigurwa amafaranga 3 000 gikoreshwa amezi arenga 6 kandi kikaba gitekera nk\u2019ibiro 7 kuduga mu gihe igitekera irobo canke ikiro kigurwa hagati y\u2019amafaranga 50 na 100.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"613\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/1-4-1024x613.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-3958\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/1-4-1024x613.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/1-4-300x180.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/1-4-768x459.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/1-4-1000x600.jpg 1000w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/1-4-450x270.jpg 450w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/1-4.jpg 1900w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption>Hugues, umukuru w\u2019ishirahamwe APBEE ari aho akorera ibitekezo <\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p>Naho biri uko Hugues aremera ko badafashwe mu mugongo bitokunda ko bakora ibitekezo vyokwiragira mu Burundi bwose muri iki kiringo c\u2019amezi 4 gisigaye. J\u00e9r\u00e9mie Nkinahatemba, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw\u2019ibidukikije, agahumuriza abadandaza n\u2019abasumyi ko batazobura ibitekezo uko vyogenda kwose kuko ngo hariko harigwa ukuntu amashirahamwe abikora yoshigikirwa, agakura mbere agakora vyinshi. Akagira ati: <em>\u00ab Nimba harafashwe ingingo ibuza kwinjiza utumwanya mu gihugu, n\u2019ibikorwa biyiherekeza vyo kudusubiriza ntivyibagiwe \u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Umuyobozi w\u2019ibiro bijejwe gutororokanya ibiharuro muri ubwo bushikiranganji akaba atashoboye kuboneka ngo hamenyekane ibitigiri vy\u2019amashirahamwe yiteguriye gukora ibitekezo ariko umwe mu banyamabanga bakorera muri ivyo biro akamenyesha ko ivyigwa bigikorwa.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Amezi 4 niyo asigaye ku kiringo catanzwe na Reta y\u2019Uburundi ngo ntihagire akamwanya kazoba kacibonekeza mu gihugu.\u00a0Ni mu gihe amashirahamwe akora ibitekezo bidatitura isi akiri make ku buryo ivyo bahingura bitokwira ibice 90% vy\u2019abanyagihugu bahora bakoresha utumwanya nk\u2019uko Hugues Nimpagaritse, umukuru wa rimwe mu mashirahamwe abikora abimenyesha yisunze ivyigwa vyakozwe mu gisagara ca Bujumbura. Naho [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3956,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208,212],"tags":[23],"coauthors":[231],"class_list":["post-3960","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","category-ibidukikije","tag-bujumbura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3960","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3960"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3960\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3967,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3960\/revisions\/3967"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3956"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3960"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3960"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3960"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3960"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}