{"id":3935,"date":"2019-09-09T09:02:18","date_gmt":"2019-09-09T07:02:18","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3935"},"modified":"2019-09-19T16:16:42","modified_gmt":"2019-09-19T14:16:42","slug":"burundi-indero-albinos","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-indero-albinos\/","title":{"rendered":"\u00abNa ba nyamwema bitwararitswe bokwiga nk&rsquo;abandi\u00bb"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu banyamwema bashika 1241 baba mu\nBurundi, 420 ni bo bari kw\u2019ishuri. Mu gihe rero umwaka w\u2019ishuri wa 2019-2020\nwatanguye kuri uwu wa 9 Nyakanga 2019, abatari bake muri bo ngo ntibararonka ibikoresho,\nkuko n\u2019imfashanyo y\u2019amakaye n\u2019amakaramu yatanzwe itabakwiye. Bishikirizwa na\nKazungu Kassim aserukira abanyamwema mu Burundi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Iyo amashuri atanguye usanga abanyeshuri buzuye akanyamuneza, bahimbawe koko&nbsp;kuko baba bahekereye ibikoresho vy&rsquo;ishure bishasha kandi bakaka.. Hari n&rsquo;abandi rero baba bijiriwe kuko baba batabona aho bazokura ivyo abandi bafise kubw&rsquo;amikoro make y&rsquo;abavyeyi . Rimwe na rimwe hari abiga ku magendera naho nyene kubw&rsquo;imfashanyo bahabwa n&rsquo;ababanyi canke n&rsquo;amashiramwe. Kubera ko atari&nbsp; ivyo baba biha, hari igihe batabironka ku gihe. Ukwo ni kwo igice kinini ca banyamwema usanga&nbsp; kiri, bagasaba&nbsp; kwitwararikwa no gufashwa kugira bige nk&rsquo;abandi.<\/p>\n\n\n\n<p>Kazungu\nKassim aserukira abanyamwema mu Burundi, avuga ko banyamwema benshi bavuka mu\nmiryango itishoboye, iyifise amikoro na yo ugasanga ntishimishwa no kubashira\nkw\u2019ishuri. Ngo ni co gituma hari amashirahamwe yama abafasha kuronka ibikoresho\nvy\u2019ishuri kugira babandanye kwiga. <\/p>\n\n\n\n<p>Agira ati<em>: \u00ab Mu bisanzwe twebwe ntituri benshi cane.&nbsp; Mu Burundi twese hamwe abato n\u2019abakuze dushika 1241. Muri ico gitigiri cose, abari kw\u2019ishuri bagera ku 420 gusa.&nbsp; Imfashanyo yabo biga tumaze kuronka twayihawe na \u2018Rotary Club Burundi Ingoma&rsquo;. Amakaye 500 n\u2019amakaramu 550 ni vyo twashikirijwe. Umwana rero ntashobora kwigana ikaye imwe gusa, turacabura izindi\u00bb<\/em>. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo amenyesha ko UNICEF hamwe n\u2019ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi bwabemereye kubafasha. Ngo  iyi ndwi yo gutangura amashuri, ishobora guhera vyabonetse, maze na bo bagume biga nk\u2019abandi.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>&nbsp;Ntiboroherezwa kw\u2019ishuri&#8230;<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ir\u00e8ne ni umunyeshuri w\u2019umunyamwema. Avuga ko kwiga kuri\nbo, ari ukurya umutima amenyo kuko bahura n\u2019ibibaca intege vyinshi cane. Agira\nati: <em>\u00ab Ku kigo kizima, aho urinze usanga\numunyamwema, aba ari nk\u2019umwe canke babiri. Kubera rero ukwo twavutse dusa kandi\ntuba turi na bake, abanyeshuri baratwinuba cane. Nta bagenzi pfampfe dukunda\nkuharonka, kuko n\u2019abo tworonka, bagenzi babo na bo baca batangura kubinuba.\nAkenshi rero twisanga umengo turi ibicibwa bigatuma tudebukirwa bamwe&nbsp; mbere&nbsp;\nbagaheba&nbsp;&nbsp; n&rsquo;ishuri\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Constance na we\nnyene amenyesha ko kugira bige ari akigoro n\u2019inguvu nyishi bakoresha. Agira\nati:<em> \u00abAbanyamwema, twifitiye ikibazo co\nkutabona neza ku kibaho. Kubera ivyo, hari igihe usanga bitadushobokera ko\ntwandika mu makaye ivyo umwigisha aba ariko arandika muri uwo mwanya. Rero, aho\nabandi baba bariko barigira muhira natwe tuba turiko turimura ivyo tutabonera\nku kibaho. Hari n\u2019igihe mbere usanga abigisha badufata nabi ngo ntidukwiye\nkwiga, ngo umunyeshuri ni uwushobora kubona ku kibaho. Kuribwa umutima\nn\u2019umwigisha bituma tutoroherwa mw\u2019ishuri, tukamana umutima mubi. Nay\u2019ubundi\ntwitwararitswe twokwiga neza\u00bb. <\/em>Akavuga rero ko amajambo bene ayo abaca\nintege cane, agatuma bo ubwabo biyitako umwikomo.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubera ko ata\nmwana n\u2019ikinono, Kazungu Kassim asaba ko abanyeshuri bofatwa kumwe kw\u2019ishuri,\nmbere binashobotse, abanyamwema bakoroherezwa kugira baterwe umutima wo kuguma\nkw\u2019ishuri. Akagirako anatera akamo abigisha n\u2019abanyeshuri boba bagifise agatima\nko gutoteza no gukumira umwana w\u2019umunyamwema, ko bohindura ingendo bakabiheba,\nnyabuna bagaterera mw\u2019iterambere ry\u2019indero y\u2019abo bana. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu banyamwema bashika 1241 baba mu Burundi, 420 ni bo bari kw\u2019ishuri. Mu gihe rero umwaka w\u2019ishuri wa 2019-2020 watanguye kuri uwu wa 9 Nyakanga 2019, abatari bake muri bo ngo ntibararonka ibikoresho, kuko n\u2019imfashanyo y\u2019amakaye n\u2019amakaramu yatanzwe itabakwiye. Bishikirizwa na Kazungu Kassim aserukira abanyamwema mu Burundi. Iyo amashuri atanguye usanga abanyeshuri buzuye akanyamuneza, bahimbawe [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3936,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[95],"coauthors":[189],"class_list":["post-3935","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-albinos"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3935","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3935"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3935\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4028,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3935\/revisions\/4028"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3936"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3935"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3935"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3935"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3935"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}