{"id":3928,"date":"2019-09-06T08:52:43","date_gmt":"2019-09-06T06:52:43","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3928"},"modified":"2019-09-10T08:38:55","modified_gmt":"2019-09-10T06:38:55","slug":"burundi-kwiyunguruza-bus-bujumbura-atrabu","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-kwiyunguruza-bus-bujumbura-atrabu\/","title":{"rendered":"Uburyo bwo kwiyunguruza buracari ikibazo mu gisagara ca Bujumbura?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>\u00a0Mu gihe haheze ukwezi n\u2019igice mu gisagara ca Bujumbura amashirahamwe Seviteb na Memento azanye imiduga minini itwarira icarimwe abantu benshi, bamwe mu biyunguruza n&rsquo;ama bisi bavuga ko ata kinini cahindutse kuko ngo bagitonda imirongo nk\u2019uko vyari biri ubwambere, yahaguruka naho ikagenda irahagarara mu nzira.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ku mugoroba, usanga ku gituro c\u2019amabisi kiri mu gisagara ca Bujumbura imirongo y\u2019abantu igereza kure. Ubaye nk\u2019uwuhicisha usanga abari ku mirongo bariko \u00a0barasunikana kugira barabe ko bokwegera imbere gutyo bashikire umuduga batahe narirya buba buriko burira. Imyidogo ntibura muri bamwe n\u2019abandi. Ugize ngo \u00a0urabaza impamvu imirongo ari miremire kandi haraje imiduga minini minini ishobora gutwarira benshi icarimwe, umenga urabacuririye.<\/p>\n\n\n\n<p>Wizeyimana Consolatte atonze ku murongo w\u2019izija mu Mirango, agira ati: \u00ab <em>Jewe hakiza iyo miduga \u00a0nibaza ko ikibazo co gutonda imirongo giheze. Yamara \u00a0nta kintu kinini cahindutse. Ugira gutonda umurongo uyirindiriye, n\u2019ukwuzura ntiyuzure vuba. Hoho na nya miduga nyene ni mpaka ngo uyihasange? \u00a0Mpfuma nza kuba ndahagaze hamwe n\u2019abandi ku mirongo y\u2019amabisi  yuzura vuba kandi aboneka\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p> Nahayo Sylvestre wo mu Kanyosha, yiyicariye muri wa muduga mushasha wa Seviteb. Agira ati: \u00ab<em> Iyi miduga uyicayemwo ni myiza, ariko sha uja gushika iyo uja wishuye ndakurahiye\u2026Burya wihuta, hako uyurira wopfuma ufata ibisi \u00bb<\/em>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>None biva kuki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umwe mu bagendesha iyo miduga mishasha, avuga ko uguteba bivana n\u2019ingene abiyunguruza babonetse. Agira ati<em>:<\/em> \u00ab<em> Abiyunguruza ntubasanga mu bibanza bimwe. Niyo mpamvu duhagurutse tutujuje tugenda turahagarara kuko ntiwotwara imodoka igaragara nawe ntu kandi uba uriko uraca agafaranga. Ikindi na co, nta bituro vyinshi biri aha mu gisara aho abiyunguruza bashobora kuturindirira canke kwururukira. Rero aho dusanze uwiyunguruza wese tutujuje ntitwomusiga. Nta wokwirengagiza kandi ko mu gihe izo bisi ntonto zuzuza abantu ningoga izacu zimara umwanya zitaruzura kandi ko kugira turonke abo tugarukana bigorana<\/em>\u00bb. Akamenyesha kandi ko bagiye baratwara imodoka ituzuye bwoca kabiri bakaba barahomvye kuko ataho igitoro cova. Aho rero ntiyibagiye kuvuga ikibazo c\u2019amabarabara yimburutse, atuma bagenda barakatakata, bikabatevya mu nzira.<\/p>\n\n\n\n<p>Ntirandekura Charles umunyamabanga mukuru akaba n\u2019umuvugizi mw\u2019ishirahamwe Atrabu nawe nyene asa n\u2019uwuvuga ururimi rumwe n\u2019uwo mushoferi. Agira ati<em>:<\/em> \u00ab <em>Kuba bishika abiyunguruza bagateba canke bagatonda imirongo birumvikana kuko \u00a0abantu bavira ku buzi umwanya umwe bose bagahurira mu kibanza kimwe ariho ku gituro. Ikindi na co, mugisagara ca Bujumbura nta mabarabara akwiye dufise. N\u2019ayo dufise ni mato mbere hari naho usanga yarononekaye cane arimwo ibinogo. <\/em>Naho biri ukwo amenyesha ko \u00a0ico kibazo c\u2019amabarabara\u00a0 co kimwe n\u2019ic\u2019ibituro bagishikirije ubushikiranganji bwo gutwara abantu n\u2019ibintu kugira bugire ico buterereye. <\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00a0<\/em>Charles akamenyesha<em> <\/em>ko<em> <\/em>\u00a0n\u2019ubwo abiyunguruza bidoga hatabuze ivyahindutse kandi vyiza \u00a0kubw\u2019uwo muzo w\u2019imiduga mishasha yisununuye. Ivyo rero akabivuga afatiye ku mwanya umuntu ategereye ibisi asigaye amara ku gituro. Agira ati<em>:<\/em> \u00ab<em> Ubu abiyunguruza barihitiramwo bisi bafata kandi naho boba batonda irya bisi nini ije ikayorera abantu 100 rimwe, harabaho akarusho\u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Mu\nbushikiranganji bujejwe gutwara abantu n\u2019ibintu, kuri ico kibazo c\u2019amabarabara\nn\u2019ibituro vy\u2019imiduga bakaba bemeye kugira ico babivuzeko mu nyuma.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>\u00a0Mu gihe haheze ukwezi n\u2019igice mu gisagara ca Bujumbura amashirahamwe Seviteb na Memento azanye imiduga minini itwarira icarimwe abantu benshi, bamwe mu biyunguruza n&rsquo;ama bisi bavuga ko ata kinini cahindutse kuko ngo bagitonda imirongo nk\u2019uko vyari biri ubwambere, yahaguruka naho ikagenda irahagarara mu nzira. Ku mugoroba, usanga ku gituro c\u2019amabisi kiri mu gisagara ca Bujumbura [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3929,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[268],"tags":[23,297,269],"coauthors":[189],"class_list":["post-3928","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-kwiyunguruza","tag-bujumbura","tag-memento","tag-seviteb"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3928","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3928"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3928\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3930,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3928\/revisions\/3930"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3929"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3928"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3928"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3928"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3928"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}