{"id":3906,"date":"2019-09-04T08:00:29","date_gmt":"2019-09-04T06:00:29","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3906"},"modified":"2019-09-10T08:38:32","modified_gmt":"2019-09-10T06:38:32","slug":"burundi-kibenga-amazu-arasoma-nturi-mu-kiyaga-tanganyika","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-kibenga-amazu-arasoma-nturi-mu-kiyaga-tanganyika\/","title":{"rendered":"Mu Kibenga, vuba amazu arasoma nturi mu kiyaga Tanganyika"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Imishinge y\u2019impangu za bamwe mu baba muri karitiye kibenga rural zibaditse ku nkombe y\u2019ikiyaga Tanganyika kandi n\u2019 izindi zibandanya zihaduzwa. Naho biri ukwo, mu buyobozi bujejwe ivyo gutunganya igisagara ndetse n\u2019abajejwe ibidukikije basaba ko iyo ngendo yohagarara, atari uko ngo abariko barubaka mu bibanza biri munsi y\u2019imetero 150, n\u2019agasho bazokarya.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ni muri komine Muha, zone Kinindo neza na neza muri karitiye\nkibenga \u2018rural\u2019, utera uja mu kabondo, ku nkengera y\u2019ikiyaga Tanganyika.\nImishinge y\u2019amazu iteye mu kiyaga, bamwe mbere amazi akaba yaramaze no\nkubinjirana mu mpangu nayo urufunzo ku mbuga ni nka twa twatsi twa gazo.\nHarajega. Ariko bamwe bibereye mu nzu yo hejuru, nta mpungenge,\nbarahamenyereye.<\/p>\n\n\n\n<p>Anne Marie Butoyi, umupfakazi asanzwe afise urupangu aho\nhantu agira ati: <em>\u00ab Jewe aha hantu\nndahamaze igihe kingana n\u2019imyaka indwi, kandi amazi araza akisuka ku rupangu\nhanyuma agasubira inyuma, ntangorane mbona binteye \u00bb.<\/em>&nbsp; Naho biri uko ngo ubwa mbere amazi y\u2019ikiyaga\nTanganyika ntiyashikira inzu yiwe ariko ngo uko iminsi yahera, ni ko yegereza\naho inzu yiwe yubatse.<\/p>\n\n\n\n<p>Richard\nMakenze we ngo n\u2019aho ahaba hamutera amakenga, ariko ngo ntakwo ari bubigenze.\nAgira ati:<em>\u00abAmazi aduga tuyaraba ariko twahubatse ataradushikira. Bamwe\ntwipfuza kwimuka tukahava ariko ntivyoroshe kwirundurira parasera i Bujumbura\nkuko n\u2019udufaranga twari dufise twaduhereje aha nyene, biragoye \u00bb<\/em>.&nbsp; Agasaba ko ababijejwe boraba ico bokora ari\nnk\u2019ukwubaka impome amazi aza arisukako ntabashikire ahandi ho ngo barageramiwe.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ingaruka\nku binyabuzima biba mu mazi\u2026<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko\nNifasha Abain asanzwe aba aho mu Kibenga abimenyesha, ngo abanyagihugu benshi\nbaba ku nkengera y\u2019ikiyaga Tanganyika ngo ntibagorwa n\u2019aho basuka imicafu. Ngo\nbikinga akajoro kuko ico kiyaga giheza kikayibakuriraho vyoroshe kandi\nkikanayegeza kure. Imvubu zo ku murango ngo zirigwa zitemberera hagati y\u2019amazu\nn\u2019utwana twazo, bwagoroba zigaheza zigashoka mu mazi nk\u2019uko Butoyi\nyabimenyesheje.<\/p>\n\n\n\n<p>Epymerie Nibizi\nakora mu buyobozi bw\u2019ibidukikije n\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe, agira ati: \u00ab<em> Burya\nifi zita amagi ku nkengera y\u2019amazi. Iyo bishitse rero abantu bakegereza amazu\nku kiyaga, hejuru y\u2019uko na bo nyene baba bariko bariyimbira, baba bariko\nbaragirira nabi ivyo binyabuzima kuko bidaheza ngo bironke aho birondokera\nbigateba bigahona. Ushize umucafu ku nkengera y\u2019ikiyaga, rero za fi\nzirayifungura mu nyuma zikiherezwa n\u2019abanyagihugu, bakaba bihereje ya micafu \u00bb<\/em>.\nAmenyesha kandi ko n\u2019imvubu zidaheza ngo zironke aho zirisha gutyo\nzikarushirizaho kumererwa nabi. Eka hari n\u2019aho mbere ngo usanga ayo mazi nyene\nbahindukira bakayanywa gutyo bakama bagwaragurika.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Photo2-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-3908\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Photo2-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Photo2-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Photo2-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/09\/Photo2.jpg 1900w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption> Impangu zibandanya kudugirizwa mu mazi <\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Amategeko\navuga iki?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Melance\nNimfasha ni umuyobozi akorera mu bushikiranganji bujejwe ivyo gutunganya\nigisagara. Uwo amenyesha ko ata muntu n\u2019umwe yemerewe kwubaka mu kibanza kiri\nmusi y\u2019imetero 150 uva ku kiyaga Tanganyika nk\u2019uko amategeko abivuga. Ariko\nkubera usanga abantu bitwaza ko aho bubaka ari ku matongo barazwe na ba se na\nba sekuru, ngo n\u2019aho ubabuza baremera bakarara barubaka mw\u2019ijoro. Melance\nakamenyesha ko atari azi ko aho mu Kibenga rural utera uja mu kabondo\nbabandanije bubaka begereza ikiyaga Tanganyika, ariko ngo bagiye kuzohishikira\nbarabe hanyuma ico kibazo cigweko n\u2019ubushikiranganji.<\/p>\n\n\n\n<p>Nayo umuyobozi Epymerie, amenyesha ko hagiye gufatwa ingingo ruhasha ku banyagihugu bigize ba sindabibazwa. Ngo bazocibwa amande atubutse bateko bapfungwe nk\u2019uko biri mu mategeko mashasha yimirije kwemezwa. Ni inyuma y\u2019inama nyinshi abo banyagihugu baze kugirishwa babuzwa kwegereza amazu ku kiyaga bakica amatwi. Ivyo na vyo biri ukwo kubera abahora bafatwa bacibwa amande y\u2019ibihumbi ijana, umugwizatunga yariboshe akabona ko utwo dufaranga ataco tumubwiye akayariha bukeye agaca abandanya yidugiriza inzu yiwe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Imishinge y\u2019impangu za bamwe mu baba muri karitiye kibenga rural zibaditse ku nkombe y\u2019ikiyaga Tanganyika kandi n\u2019 izindi zibandanya zihaduzwa. Naho biri ukwo, mu buyobozi bujejwe ivyo gutunganya igisagara ndetse n\u2019abajejwe ibidukikije basaba ko iyo ngendo yohagarara, atari uko ngo abariko barubaka mu bibanza biri munsi y\u2019imetero 150, n\u2019agasho bazokarya. Ni muri komine Muha, zone [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3907,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[294],"coauthors":[231],"class_list":["post-3906","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-urwubako"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3906","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3906"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3906\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3916,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3906\/revisions\/3916"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3907"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3906"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3906"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3906"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3906"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}