{"id":3869,"date":"2019-08-29T14:59:41","date_gmt":"2019-08-29T12:59:41","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3869"},"modified":"2019-08-29T18:45:56","modified_gmt":"2019-08-29T16:45:56","slug":"inka-isaha-abarundi-burundi-ntahokaja","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/inka-isaha-abarundi-burundi-ntahokaja\/","title":{"rendered":"Inka, kigererezo c\u2019isaha y\u2019abarundi b\u2019aho hambere"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Isaha z\u2019abazungu zifasha mu kuraba aho umwanya ugeze zitaraza, abarundi baragenzura ibihe bakabigera. Ntawambara inka ku kuboko, ariko umuhinga J. Baptiste Ntahokaja, afatiye ku matohoza yagize, aremeza ko inka yariyo saha y\u2019ubu mu kugera ibihe vy\u2019umunsi.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Aho\nhambere hahise, ibikorwa vyararangurwa ukuri kwamye nk\u2019uku kw\u2019uno\nmunsi kandi bakamenya bati iki gikorwa nja kukirangura ku mwanya uwu\nn\u2019uwu. Barahana amasango, bagatumirana eka n\u2019imanza zigakorwa,\nkandi aho hose bakamenya bati igikorwa twayaze na naka kiza\nkurangurwa ku mwanya munaka. Naho biri uko, kubera ko bapimisha\nikirere ijisho, izuba n\u2019inka bikaba vyo masaha y\u2019uno munsi,\nharibonekeza ugucererwa cane.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Uko\nibihe vy\u2019umunsi vyari bigabanganije<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko biri mu gitabo ciswe<em> \u00ab\u00a0Imigenzo y\u2019ikirundi\u00a0\u00bb <\/em>cavuye mu butohoji bwagizwe n\u2019umuhinga Johani Baptiste Ntahokaja, umunsi watangura inyomvyi zitanguye kuvuga, ugahera inka zitashe. <br>Umunsi wari ugabanganije mu bice: hari amugurura, amakama, amaturuka y \u2018inka, amataha y\u2019inyana z\u2019ibidogeza, amataha y\u2019inyana nkurunkuru, amashoka, amaturuka y\u2019inyana, amagodoka, ku rya kiberinka, amakwaza, amataha y\u2019inka, umunsi ukaba uraheze.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubera\nko ivyo bihe vyari bizwi na bose, uwugomvye kukugenekereza igihe\nazozira kukuramutsa, ngo  yaguha isango yisunze ivyo bihe nyene, nawe\nugaheza ukabigerereza.<\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ijoro\nnyene ryari rigabanganijemwo ibice. Ryatangura mu makama bahejeje\nkwugarira, hagakurikira amarya, hanyuma amaryama, agacubiro mu gatiro\nry\u2019akavaziko, amikangura ya mbere, igicugu bita mu rinini, mu nkoko\nza mbere,mu nkoko za kabiri, mu mutwenzi wa kiyumpu  utukura,\numutwenzi rwero w\u2019inka,wera,hanyuma umutwenzi w\u2019imbwa canke\nw\u2019abatwa wirabura, mu nyomvyi bukaba burakeye.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Vyarashoboka\nko bashika ku gihe c\u2019isango ata saha?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko umutama  Sentozo  Jean, umutama w\u2019imyaka 105 aba mu ntara ya Muyinga abimenyesha,  ngo kuko bitashoboka  ko udoma urutoke kw\u2019isaha, ngo haribonekeza ugucererwa cane. Akavuga kandi ko mwavuganye n\u2019umuntu aho muhurira, waba bugereranye umwanya ukagenda ukicara ukaba uramurindiririyeho, canke we akahagutanga, akakurindira. Ngo warashobora kumara n\u2019ikiringo c\u2019amasaha nk\u2019abiri canke atatu y\u2019iki gihe urindiriye umuntu.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"in\" dir=\"ltr\">???? Hataraza ibikoresho vy\u2019ikizungu, Abarundi bitiza izihe ngero mu gupima ibintu? <a href=\"https:\/\/t.co\/WX1oGVCZJa\">https:\/\/t.co\/WX1oGVCZJa<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/History?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#History<\/a> <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Akahise?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Akahise<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/X7jGgERtm1\">pic.twitter.com\/X7jGgERtm1<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1154039397806796800?ref_src=twsrc%5Etfw\">July 24, 2019<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko Sentozo abandanya abivuga, ngo hariho isaha wewe itamugora kumenya naho atorinze gufatira ku bigererezo vy\u2019inka. Iyo saha nayo ikaba ari iya gatandatu y\u2019umurango. Ngo hakira kuba hiriwe ikirere ciza gusa (izuba rikirirwa ryaka). Ukimuha isango y\u2019iyo saha ngo  ntiwokwihenze ngo arayicererwako. <br>We ngo yakira gucunganwa n\u2019igitutu ciwe gusa, akaraba n\u2019aho izuba rigeze. Burya ngo ikizokubwira ko isaha zitandatu z\u2019umurango zuzuye neza, ngo uravye hejuru  izuba riba ritumberanye n\u2019umutwe wawe ku buryo utorirabamwo, nayo  igitutu ngo uba ugihagazemwo, kikuri mu maguru. . Ngo warashobora kumubwira uti \u00ab\u00a0Nzoza mu nyomvyi\u00a0\u00bb, \u00ab\u00a0mu makama\u00a0\u00bb, canke \u00ab\u00a0mu maturuka\u00a0\u00bb, uwuri uwundi nawe akameya ati ni nko mu mwanya uwu n\u2019uwu. <\/p>\n\n\n\n<p>Naho\nbatashobora kugema igihe, abarundi barakigerereza bafatiye ku bikorwa\nvy\u2019inka, bakamenya bati hagati y\u2019umwanya uwu n\u2019uwu igikorwa\nkiraja kurangurwa, bakanahana amasango. Naho biri uko  muri ukwo\nguhana isango harabaho ugucererwa cane kuko kwaba ukugereranya.\nUmuntu akibaza nimba atariho havuye ka karonda ngo \u2018amasaha\ny\u2019abarundi\u2019, mu kudeha icererwa ryabo. \n<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Isaha z\u2019abazungu zifasha mu kuraba aho umwanya ugeze zitaraza, abarundi baragenzura ibihe bakabigera. Ntawambara inka ku kuboko, ariko umuhinga J. Baptiste Ntahokaja, afatiye ku matohoza yagize, aremeza ko inka yariyo saha y\u2019ubu mu kugera ibihe vy\u2019umunsi. Aho hambere hahise, ibikorwa vyararangurwa ukuri kwamye nk\u2019uku kw\u2019uno munsi kandi bakamenya bati iki gikorwa nja kukirangura ku mwanya [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3870,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[],"coauthors":[231],"class_list":["post-3869","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3869","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3869"}],"version-history":[{"count":7,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3869\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3878,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3869\/revisions\/3878"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3870"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3869"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3869"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3869"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3869"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}