{"id":3858,"date":"2019-08-28T14:27:42","date_gmt":"2019-08-28T12:27:42","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3858"},"modified":"2019-09-10T08:38:03","modified_gmt":"2019-09-10T06:38:03","slug":"burundi-ibimaze-gukorwa-mu-kugwanya-malaria-ebola-cholera","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibimaze-gukorwa-mu-kugwanya-malaria-ebola-cholera\/","title":{"rendered":"Woba uzi ibimaze gukorwa mu kugwanya malaria, Ebola na korera mu Burundi?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>\u00ab\u00a0<\/strong><strong>Abantu bapfa\nbahitanwe n\u2019indwara ya malaria baragabanutse gushika ku rugero rurenga ibice\n50%, umugera w\u2019indwara ya Ebola wahagurukiwe bikwiye, eka n\u2019abantu 235 bari\nbagwaye ikiza c\u2019indwara ya korera baravuwe barakira. Ivyo na vyo bikaba\nvyashobotse kubera ingingo zafashwe n\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara yabantu yo\ngupima no kuvura abenegihugu ku buntu<\/strong><strong>\u00ab\u00a0<\/strong><strong>.\nVyashikirijwe na Thadd\u00e9e Ndikumana umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu no\nkurwanya Sida.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kw\u2019igenekerezo rya 27 myandagaro, mu ngoro y\u02b9inama nshingamateka mu kigobe, umushikirangaji w\u2019amagara y\u2019abantu Thadd\u00e9e Ndikumana yari aramutse yishura ku bibazo vyabajijwe n\u2019abashingamateka. Ivyo n\u2019avyo ahanini bikaba vyari bijanye naho ubushikiranganji arongoye bugejeje ibikorwa vyo gukinga no kuvura indwara zibangamiye amagara y\u2019abarundi. Zimwe mu ndwara yagarutseko cane akaba ari indwara ya malaria, umugera w\u2019indwara ya Ebola hamwe na korera. Izo ndwara rero ngo nkuko zibangamiye amagara y\u2019abatu, zaranahagurukiwe kugira ziranduranwe n\u2019imizi mu bice vyose vy\u2019igihugu na canecane aho zivugwa cane.<\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko\nbishikirizwa na Thadd\u00e9e Ndikumana, ngo muri aya mezi ane haragaragaye igitigiri\nkinini c\u2019abitura amavuriro kubera indwara ya malaria na canecane mu karere\nk\u2019Uburaruko,Ubuseruko no mu karere ko hagati mu gihugu. Ivyo bikaba vyari\nvyavuye kw\u2019ihindagurika ry\u2019ibihe, aho imibu yari imenyerewe mu kiyaya c\u2019imbo yashoboye\nno kugaragara mu ntara za ruguru. Kubw\u2019ivyo, ngo ubushikiranganji bw\u2019amagara\ny\u2019abantu bwaciye bufata ingingo ruhasha kugira iyo ndwara igabanuke canke ngo\nihere burundu.<\/p>\n\n\n\n<div class=\"wp-block-image\"><figure class=\"alignright is-resized\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/GATUMBA-1024x593.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-3859\" width=\"580\" height=\"335\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/GATUMBA-1024x593.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/GATUMBA-300x174.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/GATUMBA-768x444.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/GATUMBA.jpg 1900w\" sizes=\"auto, (max-width: 580px) 100vw, 580px\" \/><figcaption> <strong> <\/strong><em>Mu Gatumba, icuma gifasha gupima umugera wa Ebola<\/em><strong>.<\/strong> <\/figcaption><\/figure><\/div>\n\n\n\n<p>Thadd\u00e9e Ndikumana avuga ko baciye bakorana na Reta. Agira ati: \u201d <em>Reta yatanze amafaranga angana n\u2019imiriyoni 500. Natwe twaciye dutanga akazi ku baganga 360 batari bafise aho bakora. Abo rero baciye basanga abanyagihugu muhira kugira babapime bongere bavure abasanze bagwaye malaria\u201d.<\/em> <br>Amenyesha kandi ko inyuma yaho, baciye baja mu bikorwa vyo gupompa akarere k\u2019ubuvuzi ka Buye na Muyinga. Aho naho ngo harangwa imibu mu mihana, mu biharage bimbuye eka no mu mashamba yaba akikije ingo. Hambavu y\u02b9ivyo, ngo haranatanzwe imisegetera irimwo umuti wica imibu. &nbsp;Agira ati<em>:\u201d Ku bw\u2019ivyo bikorwa vyose twakoze, vyatumye ibitigiri vy\u2019abitaba Imana bahitanywe na malaria bagabanuka gushika ku bice birenga 50% tugereranije no mu mwaka wa 2017\u201d.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>Hakozwe iki ku bijanye no gukinga\numugera w\u2019indwara ya Ebola na korera?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Nk\u2019uko bishikirizwa na Thadd\u00e9e Ndikumana, ngo barazanye incanco 2.000 zo gukinga umugera w\u2019indwara ya Ebola. Izo na zo ngo zabanje guhabwa abo bose bakorana hafi n\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu. Abo na bo ni nk\u2019abaganga, abapolisi bakora mu gisata kijwe imbibe n\u02b9uruja n\u02b9uruza, hamwe n\u2019imigwi y\u2019abapolisi n\u2019abasirikare. Kandi hari ho ivyuma n\u02b9abaganga bashobora gupima umugera w\u2019indwara ya Ebola. Bishitse hakaboneka uwuwugwaye, ngo hariho abandi baganga bajejwe ku mwitaho gushika akize. <br>Hamwe atokira na ho ngo hari ho n\u2019abandi bajejwe ku mufubana iteka bavyize neza bakabikora kuburyo bukingira abenegihugu. Ikindi kandi ngo kubera ko muri Congo habonetse umuti uvura Ebola watowe n\u2019umushakashatsi Muyembe, ngo Uburundi buriko burakorana neza n\u2019igihugu ca Congo na canecane Sud-Kivu, kugira ivyo batoye babonye bibafasha bace babishikana mu Burundi kugira abarundi bakingigwe hakiri kare.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"in\" dir=\"ltr\">???? Ugiye kwipima ubwawe umugera wa <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Sida?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Sida<\/a> n\u2019igipimo \u2018Oraquick\u2019 <a href=\"https:\/\/t.co\/YVbTuoVyXb\">https:\/\/t.co\/YVbTuoVyXb<\/a><br><br>Ubushikiranganji bw\u2019<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/amagara?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#amagara<\/a> y\u2019abantu bugiye gukwiragiza ico gipimo <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Oraquick?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Oraquick<\/a> mu ntara zose z&#39;U-<a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a>: mu kugikoresha, uwipima agitembereza ku bigunugunu <a href=\"https:\/\/t.co\/9dekn1shAL\">pic.twitter.com\/9dekn1shAL<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1166345747207458816?ref_src=twsrc%5Etfw\">August 27, 2019<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>Kubijanye\nn\u2019ikiza ca Korera, Thad\u00e9e, avuga ko abantu bashika 235 batowe indwara yikiza\nc\u2019indwara ya korera, benshi bari abo mu gisagara ca Bujumbura no mu Rugombo\nariko ngo baravuwe barakira. Ivyo bikaba vyashobotse kubera haciye hatangwa\nimiti ku buntu ivura iyo ndwara. Ariko kandi ngo hariko haraba n\u2019ihimiriza ku\nbenegihugu ryo kwijukira isuku na canecane mu bibanza bihurirwamwo n\u2019abantu benshi\nhatibagiwe no kwijukira gukoresha utuzu twa surwumwe kuko vyagaragaye ko iyo\nndwara ituruka ku micafu usanga ikwiragiye mu makaritiye.<\/p>\n\n\n\n<p>Kubera\nko amagara ari nk\u2019amazi aseseka ntibayore, Thad\u00e9e Ndikumana avuga ko abenegihugu\nbakwiye kwumva no gukurikiza impanuro bahabwa n\u2019abaganga eka mbere n\u2019abo bose\nbakorana n\u2019abo kugira mu ntumbero yo gushigikira ingingo n\u2019imyitwarariko iriko\nirakorwa mu bushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu yo kugwanya no gukinga indwara\nzibangamiye amagara y\u2019abantu.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>\u00ab\u00a0Abantu bapfa bahitanwe n\u2019indwara ya malaria baragabanutse gushika ku rugero rurenga ibice 50%, umugera w\u2019indwara ya Ebola wahagurukiwe bikwiye, eka n\u2019abantu 235 bari bagwaye ikiza c\u2019indwara ya korera baravuwe barakira. Ivyo na vyo bikaba vyashobotse kubera ingingo zafashwe n\u2019ubushikiranganji bw\u2019amagara yabantu yo gupima no kuvura abenegihugu ku buntu\u00ab\u00a0. Vyashikirijwe na Thadd\u00e9e Ndikumana umushikiranganji w\u2019amagara y\u2019abantu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3860,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[292,243,291],"coauthors":[189],"class_list":["post-3858","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-cholera","tag-ebola","tag-malaria"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3858","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3858"}],"version-history":[{"count":7,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3858\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3868,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3858\/revisions\/3868"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3860"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3858"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3858"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3858"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3858"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}