{"id":3846,"date":"2019-08-27T15:21:40","date_gmt":"2019-08-27T13:21:40","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3846"},"modified":"2019-09-10T09:15:58","modified_gmt":"2019-09-10T07:15:58","slug":"igiswahili-ntikikiri-icabaswahili","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/igiswahili-ntikikiri-icabaswahili\/","title":{"rendered":"Igiswahili ntikikiri ic&rsquo;abaswahili"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe ururimi rw\u2019igiswahili rugishika mu Burundi rwakiriwe nk\u2019ururimi rw\u2019abambuzi, ubu ho urwaruka rutari ruke na canecane urukiri ku ntebe y\u2019ishure rwarwijukiye. Ivyo bikagaragarira ku mpapuro 3.871 zimaze gutangwa n\u2019ishirahamwe ryigisha igiswahili Sapross-Burundi kuva mu mwaka wa 2008.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><a rel=\"noreferrer noopener\" aria-label=\"Jimmy Elvis Vyizigiro (s\u2019ouvre dans un nouvel onglet)\" href=\"https:\/\/www.facebook.com\/jimmyelvis.vyizigiro\" target=\"_blank\">Jimmy Elvis Vyizigiro<\/a> yitaho akahise ku Burundi, avuga ko igiswahili kigishika mu Burundi kitakiriwe neza. Mu bisanzwe, ngo urwo rurimi rwinjiranye inkengera y\u2019ikiyaga Tanganyika ruzanwe n\u2019abarabu. Abo na bo ngo barukoresha mu rudandaza hamwe no gushaka kumenyekanisha idini rya Islaam.  Ariko, \u2018Abapadiri\u2019 bo bari basanzwe bigisha ivy\u2019idini rya katolika ntibahaye agahengwe na gato abarabu ngo bigishe idini ryabo ahubwo baciye batangura kurukengereza mu kubwira abayoboke babo ko igiswahili ari ururimi rw\u2019abaswahili, rw\u2019abatubaha Imana, ururimi rw\u2019abantu bo hasi cane batize, ababeshi, abasuma, abambuzi,&nbsp;&#8230;  <\/p>\n\n\n\n<p>Rero, kubera ko abarundi batipfuza kwitwa abasuma n\u2019abambuzi, baciye banka kwifatanya n\u2019abo bafatwa nk\u2019abambuzi, baca bareka kwiga ururimi \u00ab&nbsp;rw\u2019abasuma&nbsp;\u00bb. Ikindi kandi kubera ko abadagi bakoresha igiswahili mu ntwaro rukaba rwari rwo rurimi bakoresha muri \u00ab&nbsp;Zana amagi, zana inkoko, zana amasoro&nbsp;\u00bb, baciye bacanka urunuka kuko babona ko cakoreshwa mu kubakandamiza no mu kubasahura utwabo.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ubu\nho igiswahili kibonwa gute&nbsp;? <\/strong>\n<\/p>\n\n\n\n<p>Vyarahindutse kuko ubu urwo rurimi ruhurumbirwa. Uretse ko no mu mashure mato mato, ayisumbuye na za kaminuza zagihagurukiye. Kuva aho reta y\u2019Uburundi ifatiye ingingo mu mwaka wa 2005 yuko ururimi rw\u2019igiswahili rwo kwigishwa mu mashure shingiro no mu mashure yisumbuye, eka n\u2019inyuma yaho Uburundi bwinjiriye mu muryango w\u2019ibihugu vya Afirika y\u2019ubuseruko mu 2007, vyaragaragaye ko igiswahili gikwiye kwitwararikwa. Niho  n\u2019imigwi icigisha yaca  itangura kuvuka kugira isahirize mu gutanga inyigisho z\u2019igiswahili zifise akanovera.  <\/p>\n\n\n\n<p>Aho hovugwa nk\u2019ishirahamwe ryigisha igiswahili muri za kaminuza Sapross Burundi, n\u2019ayandi aho mbere n\u2019impapuro zemeza ko umuntu afise ubumenyi mu giswahili zitangwa. Harerimana Pierre Claver arongoye imbere y\u2019amategeko ishirahamwe Sapross-Burundi, avuga ko afatiye ku kuntu ibitigiri vy\u2019urwaruka vyagiye biraduga vyerekana ko igiswahili kiriko kiragira inguvu. Ahera ho mbere anamenyesha ko kuva 2008 aho Sapross yemererwa gukora izwi n\u2019amategeko gushika ubu hamaze gutangwa impampuro 3871 zemeza ko umunyeshure yakurikiranye inyigisho zigiswahili.  <\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-embed-twitter wp-block-embed is-type-rich is-provider-twitter\"><div class=\"wp-block-embed__wrapper\">\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\"><p lang=\"in\" dir=\"ltr\">???? Uwatahanye agashimwe ka <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/TesaaaNaJimbere?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#TesaaaNaJimbere<\/a> ino ndwi ni Guy Tresor Ndayishimiye.<br><br>???? Twari twabahaye igisomwa, tubasaba ngo mudufashe kurondera umutwe waco. Guy Tr\u00e9sor yagize ati:&quot; Igiswahili ntikikiri ic&#39;abaswahili&quot; ????<a href=\"https:\/\/t.co\/vOnK8NQwQa\">https:\/\/t.co\/vOnK8NQwQa<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> <a href=\"https:\/\/t.co\/RWamPM4MqN\">pic.twitter.com\/RWamPM4MqN<\/a><\/p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1168958438350696448?ref_src=twsrc%5Etfw\">September 3, 2019<\/a><\/blockquote><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script>\n<\/div><\/figure>\n\n\n\n<p>S\u00e9raphine\nNduwayezu avuka mu Kayanza, avuga ko yabonye akamaro k\u2019igiswahili\nkuva aho agereye i Bujumbura. Ngo akiza kwiga muri kaminuza yashikiye\nmu kamenge, aho naho, abantu benshi ngo bayaga mu giswahili. Agira\nati<em>:  \u201dNakuze\nnumva bavuga ko ata mugore canke umukobwa avuga igiswahili ngo aba\natandero agira. Ariko ngiye gusuma nkabona ingene abagore bo mu\nKamenge bavuga igiswahili bakanakidandazamwo, naciye mbona ko ivyo\nbavuga ku giswahili bitari vyo. Niko kuja kuciga muri\nSapross-Burundi\u201d.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Doroth\u00e9e Nshimimana umwigisha w\u2019igiswahili muri kaminuza y\u2019Uburundi, akavuga ko igiswahili ari ururimi nk\u2019izindi ndimi. Urwaruka ngo rurakwiye kucijukira kuko gikenewe mu mice yose y\u2019ubuzima bw\u2019igihugu. Ku bw\u2019ivyo, urwaruka rukwiye kuvavanura n\u2019imyumvire ya kera yavuga ko igiswahili ari ururimi rw\u2019ibisuma, canke rw\u2019abantu batarezwe. <br>Nyabuna ngo rukwiye kuciga neza kuko kizorufasha guhanahana amakuru, eka kikazonarufasha no mu budandaji n\u2019ahandi, ubona ko igiswahili kiza ubwa kabiri mu ndimi zikoreshwa mu bihugu vya Afirika y\u2019ubuseruko kikaba ic\u2019indwi kw\u2019isi yose.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe ururimi rw\u2019igiswahili rugishika mu Burundi rwakiriwe nk\u2019ururimi rw\u2019abambuzi, ubu ho urwaruka rutari ruke na canecane urukiri ku ntebe y\u2019ishure rwarwijukiye. Ivyo bikagaragarira ku mpapuro 3.871 zimaze gutangwa n\u2019ishirahamwe ryigisha igiswahili Sapross-Burundi kuva mu mwaka wa 2008. Jimmy Elvis Vyizigiro yitaho akahise ku Burundi, avuga ko igiswahili kigishika mu Burundi kitakiriwe neza. Mu bisanzwe, [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3939,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[],"coauthors":[189],"class_list":["post-3846","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3846","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3846"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3846\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3941,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3846\/revisions\/3941"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3939"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3846"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3846"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3846"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3846"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}