{"id":3808,"date":"2019-08-22T09:40:09","date_gmt":"2019-08-22T07:40:09","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3808"},"modified":"2019-08-22T18:29:33","modified_gmt":"2019-08-22T16:29:33","slug":"ibikoresho-ishure-imitima-abavyeyi-burundi-bujumbura","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/ibikoresho-ishure-imitima-abavyeyi-burundi-bujumbura\/","title":{"rendered":"Ukuzimba kw\u2019ibikoresho vy\u2019ishure i Bujumbura kurahangayikishije abavyeyi"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Mu gihe bamwe mu bavyeyi bafise abana bari mu mashure bidogera bamwe mu bandanza ibikoresho vy\u2019ishure ko bikika mu kiza bakaduza ibeyi iyo ishure ryegereje gutangura, abadandaza bo bavuga ko ibeyi ishingwa bivanye n\u2019ingene na bo barangura. Jimbere yarishikiye ahahora isoko nkuru ya Bujumbura<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab <em>Oya! N\u2019abadandaza baraheba bagakavya! Si numva ukuntu umuntu ashobora kuduza ibeyi y\u2019ibintu ukwo yishakiye ngo nuko abonye ageze mu gihe ivyo bintu bikenewe. Ni ryari ikaye imwe y\u2019impapuro 100 yigeze igurwa 1.300Fbu? Ni ubwa mbere ivyo ndabibonye kuva nitwa Belyse. Mu mwaka uheze ikaye y\u2019impapuro 100, aha mu gisagara nyene ntitwazigura 900Fbu? Ni aho bahora barangurira hahindutse none? Nubwo sha amashure agire atangure batanguye kwikika mu kiza kugira bunguke umurengera\u00bb. <\/em>Ayo ni amwe mu majambo Belyse Inamahoro avuga amaze kubona ko amakaye yamukuye mu Rweza aje kugurira abana atashe atayaguze. Uwu rero avuga ko hamwe ibeyi itomanuka ko bitazomworohera kuko ngo afise abana babiri bagiriye rimwe mw\u2019ishuri ry\u2019inyuma y\u2019ishure shingiro.  <\/p>\n\n\n\n<p> Burya ngo si amakaye n\u2019amakaramu yaduze gusa nkuko Belyse avyidoga. Ngo n\u2019umwambaro w\u2019ishure waraduze ibeyi. Th\u00e9oneste Sindikubwabo ngo afise akana k\u2019agahungu kagiye mu mwaka wa kabiri w\u2019ishure shingiro. We avuga ko yari yicishije mu gisagara ca Bujumbura ngo abe aragurira umwana wiwe \u2018agakaki\u2019 azotangurana. Bamubwiye 10.000Fbu, aratangara: <em>\u00ab Ngo! Ubu akakanya hiyongereyeko 4.000Fbu? Mu mwaka uheze nayiguze 6.000Fbu\u00bb. <\/em><br>Erega si ivyo gusa kuko ngo n\u2019agatabo yaguriye umwana wiwe kugira abe ariyibutsa gusoma yakaguze kamuzimvye. Yongerako ati:<em> \u00abNdafitiye impuhwe abafise abana benshi biga hamwe atacokorwa kugira ibi biciro bigabanuke\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p><strong>None\nivyo biciro bihagaze gute kw\u2019isoko?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p class=\"has-background has-very-light-gray-background-color\">Ferdinand adandariza hambavu ya hahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Uwu rero ntatinya kwemeza ko ibeyi y\u2019ivyo adandaza iri hejuru ugereranije nuko yari imeze mu mwaka uheze. Ferdinand co kimwe n\u2019abandi badandaza bakorera muri ico kibanza bose bafise igiciro kimwe: ikaye imwe y\u2019impapuro 100 igurwa 1.300Fbu ariko \u2018iduzeni\u2019 ni 14.000Fbu, ikaye imwe y\u2019impapuro 60 igurwa 1000Fbu, iduzeni na yo ni 11.000Fbu, imwe y\u2019impapuro 48 igurwa 900Fbu, iduzeni 9.000Fbu, imwe y\u2019impapuro 36 ni 800Fbu iduzeni 8.000Fbu, imwe y\u2019impapuro 24 ni 600Fbu mu gihe ikaye y\u2019impapuro 12 igurwa 400Fbu, \u2019registre\u2019 imwe 8.000Fbu, ikaramu imwe 500Fbu.   <\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo\nrero biri ukwo mu gihe mu mwaka uheze ho ikiguzi cagendeka. Ferdinand\navuga ko mu mwaka uheze ikaye y\u2019impapuro ijana yagurwa 900Fbu,\niy\u2019impapuro 60 yagurwa 700Fbu, iy\u2019impapuro 48 yagurwa 500Fbu,\niy\u2019impapuro 36 yagurwa 400Fbu, iy\u2019impapuro 24 yaragurwa 300 canke\n350Fbu na yo iy\u2019impapuro 12 no ku 200fbu yaragurwa, ikaramu\nyaragurwa 350 canke 400Fbu. <em>\u00abNta\nna kimwe kitaduze ibeyi\u00bb<\/em>.\nIryo duga ry\u2019ibeyi rika riva ku kuntu ngo n\u2019abo badandaza\nbabirangura bibazimvye.<\/p>\n\n\n\n<p> <strong>Imvo\nnyamukuru\u2026.?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ikintu cose kiba ngo nuko kiba gifise icagiteye. G\u00e9d\u00e9on aranguza ibikoresho nka vyose umunyeshure yoshobora gukenera. Kuba bizimvye, avuga ko biva kw\u2019ifaranga ry\u2019idorari na ryo risanzwe rizimvye, kuko vyinshi mu vyo arangura abikura hanze y\u2019Uburundi. Agira ati:<em> \u00ab Ukwo idorari riduga ni ko amafaranga y\u2019amarundi ata agaciro kandi n\u2019ivyo turangura bica bizimba. Na twe rero duca turaba ukuntu ayacu yoboneka, hakanasaguka akanyungu\u00bb. <\/em>Yongerako kandi ati<em>: \u00ab Mu mwaka uheze ikarato y\u2019amakaye ntiyigeze iranguzwa amahera arenga 120.000Fbu, ariko ubu hari izigeze ku 153.000fbu, Imetero y\u2019igitambara ca kaki caranguzwa ibihumbi 7000Fbu mu mwaka uheze ubu ni 11.000Fbu. ufatiye kw\u2019idora naho, mu mwaka uheze idorari ryavunjwa kuva ku 2500Fbu canke 2600Fbu, ariko ubu idorari rimwe rivunjwa 3170Fbu\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Iryo duga rikabije ry\u2019ibeyi, rikaba ryatanguye kwibonekeza kuva ku wa 31 mukakaro 2019, inyuma gato yaho abanyeshure binjiriye mu kiruhuko. Akaba ariho abadandaza amakaye n\u2019ibindi abanyeshure bakenera batangura kuza kudandariza hanze ku meza, mu mpande z\u2019ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu gihe bamwe mu bavyeyi bafise abana bari mu mashure bidogera bamwe mu bandanza ibikoresho vy\u2019ishure ko bikika mu kiza bakaduza ibeyi iyo ishure ryegereje gutangura, abadandaza bo bavuga ko ibeyi ishingwa bivanye n\u2019ingene na bo barangura. Jimbere yarishikiye ahahora isoko nkuru ya Bujumbura \u00ab Oya! N\u2019abadandaza baraheba bagakavya! Si numva ukuntu umuntu ashobora kuduza [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3809,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[205],"tags":[23],"coauthors":[189],"class_list":["post-3808","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-indero","tag-bujumbura"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3808","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3808"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3808\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3813,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3808\/revisions\/3813"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3809"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3808"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3808"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3808"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3808"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}