{"id":3796,"date":"2019-08-21T14:14:39","date_gmt":"2019-08-21T12:14:39","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3796"},"modified":"2019-08-26T12:19:42","modified_gmt":"2019-08-26T10:19:42","slug":"imyiteguro-yo-gukinga-ikiza-ca-ebola-mu-burundi-igeze-hehe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/imyiteguro-yo-gukinga-ikiza-ca-ebola-mu-burundi-igeze-hehe\/","title":{"rendered":"Imyiteguro yo gukinga ikiza ca Ebola mu Burundi igeze hehe?"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>&nbsp;Mu gihe indwara ya Ebola isa n&rsquo;iyibangamiye igihugu kibanyi ca Congo, kuri uwu wa 20 myandagaro, icegera ca kabiri c\u2019umukuru w\u2019igihugu c&rsquo;Uburundi yazindutse agendera ibibanza bimwebimwe mu ntumbero yo kuraba aho igihugu kigeze citegurira gukinga ico kiza. Aho ni  mu gihe horamuka havuzwe umuntu yoba yinjiye ku butaka bw\u2019Uburundi canke umurundi yoba ari mu gihugu afise uwo mugera w\u2019indwara ya Ebola.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Joseph Butore yatanguriye urugendo mu Gatumba ku mupaka w\u2019Uburundi na Congo, ari kumwe na bamwe mu baserukiye amashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF, OMS, PAM na OIM. Ico kibanza ni kimwe mu vyikekwa ko ariho umugera wa Ebola ushobora kwinjirana. Amaze kuhashika, Joseph Butore yasanze abahajejwe na cane cane abakozi bo mu bushikiranganji bw\u2019amagara y\u2019abantu,  barahashize ibikarabiro bibiri birimwo amazi arimwo imiti yica imigera ya Ebola. Uwuhaciye wese arinda gukaraba iminwe. Si ivyo gusa barahazanye n\u2019igipimo c&rsquo;ubushuhe mu ntumbero yo kuraba zaba ingenzi canke abarundi, abafise ubushuhe burenze kugira bace bajanwa gusuzumwa. Joseph Butore, akaba yaciye abandaniriza mu kigo co muri INSP ( Institut National de la Sant\u00e9 Publique), ahari ibikoresho vyose bikenewe mu gupima umuntu wese azoba yerekana ibimenyetso vy\u2019umugera wa Ebola. Ivyo bipimo navyo bizoheza vyerekane ko uwo muntu afise ingwara ya ebola canke akomeye.<\/p>\n\n\n\n<p>Avuye mu kigo co muri INSP, Joseph Butore yaciye  aja ku kibuga c\u2019indege Melchior Ndadaye. Uwushitse wese kuri ico kibuga asanganizwa imiti yo gukaraba mu minwe. Ahejeje aca imbere y\u2019icuma gipima ko adafise ubushuhe burenza ibice 38 (\u00b0C). Umwe mu bakozi bo mu gisata gikinga Ebola aho ku kibuga c\u2019indege, amenyesha ko biteguye bihagije, kuko hari na rusehabaniha yo kurerura umuntu wese yokwerekana ibimenyetso vya Ebola.<br> Inyuma yo kuva aho ku kibuga c\u2019indege, Joseph Butore yasozerereye urugendo rwiwe ku Mudubugu muri komine Gihanga, i Bubanza ahari ikigo cubatswe na OMS. Ico naco kikaba kizokwakira kikongera kikavura abo vyogaragara ko bafise umugera w\u2019indwara ya Ebola. Aho na ho hakaba hari ivyumba vyo kubataramuriramwo, baba ab\u2019igitsina kobwa canke hungu. Aho ku Mudubugu hakaba hariko haranatangirwa urucanco rukinga umugera wa Ebola ku bantu bogeramirwa cane gusumvya abandi mu gihe vyoshika iyo ndwara ikinjira.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/1-1-1024x683.jpg\" alt=\"\" class=\"wp-image-3799\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/1-1-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/1-1-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/1-1-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/1-1.jpg 1900w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Ivyavuye mu rugendo<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Joseph Butore avuga ko hakiri hamwehamwe bisabwa ko hongerezwa inguvu n\u2019uburyo nko mu Gatumba hakunda kuba hari uruja n\u2019uruza rw\u2019abinjira n\u2019abasohoka. Abo rero na bo ngo baharurwa hagati y\u2019abantu 4500 na 5000 buri munsi. Ku bw\u2019ivyo, ngo indobo zibiri ziri muri ico kibanza ntizikwiye ahubwo hakwiye kwongerezwa ibibanza kugira ngo ayo mazi arimwo imiti akwire henshi kandi kuri bose. Yarasavye kandi ko hokwizwa  ibibanza vyo gupima Ebola no ku yindi mipaka (Kobero, Kayanza, Rumonge, Cibitoke), nkuko bimeze kuri INSP no muri CTE yo ku Mudubugu, kugira ngo uwo mugera ukingwe mu mpande zose z\u2019igihugu. <\/p>\n\n\n\n<p>Joseph Butore akaba yanashikirije ko imyiteguro yo gukinga umugera w\u2019indwara ya Ebola uriko uragenda neza. Akagira ati: <em>\u201cIbikorwa biriko birakorwa ni vyiza kandi bikingira bose, zaba ingenzi canke abasangwa. Tuve hasi rero twese mu kwitabira akamo kose twoterwa n\u2019ababijejwe\u201d.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Yarongeye arasaba abantu bose, baba abarundi canke abanyamahanga, ko boca ku mipaka izwi n&rsquo;amategeko. Ni mugihe umuntu ashobora kuba agendana umugera wa Ebola, agaca ku mupaka utazwi akanduza abandi.<strong> <\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>&nbsp;Mu gihe indwara ya Ebola isa n&rsquo;iyibangamiye igihugu kibanyi ca Congo, kuri uwu wa 20 myandagaro, icegera ca kabiri c\u2019umukuru w\u2019igihugu c&rsquo;Uburundi yazindutse agendera ibibanza bimwebimwe mu ntumbero yo kuraba aho igihugu kigeze citegurira gukinga ico kiza. Aho ni mu gihe horamuka havuzwe umuntu yoba yinjiye ku butaka bw\u2019Uburundi canke umurundi yoba ari mu gihugu [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3797,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[243],"coauthors":[189],"class_list":["post-3796","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara","tag-ebola"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3796","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3796"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3796\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3802,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3796\/revisions\/3802"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3797"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3796"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3796"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3796"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3796"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}