{"id":3768,"date":"2019-08-14T19:03:44","date_gmt":"2019-08-14T17:03:44","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3768"},"modified":"2019-08-26T12:19:26","modified_gmt":"2019-08-26T10:19:26","slug":"abadandaza-ubumwanya-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abadandaza-ubumwanya-burundi\/","title":{"rendered":"Abadandaza ntibanezerejwe n\u2019ingingo ibuza iyinjizwa ry\u2019ubumwanya, naho ikingira amagara yabo"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Bamwe mu bagwizatunga basanzwe barangurira hanze ubumwanya ntibishimiye ingingo yaraye ifashwe n\u2019ubushikiranganji bw\u2019ibidukijije, uburimyi n\u2019ubworozi ihagarika burundu iyinjizwa ry\u2019ubumwanya kuva kuwa 22 myandagaro. Naho biri uko, ngo iyo ngingo igana gukingira amagara y\u2019abantu n\u2019ibidukikije kuko ingaruka z\u2019ivyo bikoresho ari nyinshi nk\u2019uko umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema, abimenyesha.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Claude Iranzi, ni umudandaza\nw\u2019ubumwanya. Uwu rero yidoga avuga ko hari ubumwanya yari yaratumyeko kandi\nbwomushikiriye itariki 25 Myandagaro, akabonako agiye guhomba. Agira ati&nbsp;<em>: \u00ab&nbsp;Amezi atandatu yari asigaye yari\nmenshi, iyo batureka tukabanza kwinjiza ivyo twatumyeko vyobaye vyiza kuko ubu\nnatwe tuzoca duhomba. Iminsi yose ntitubitumako ngo birare bidushikiriye kuko\niyo tubirangura hari aho baduha isango bizodushikirirako\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Eka na Didi\u00e9 Karikunzira ngo\nyari yagumije ku muzirikanyi ikiringo c\u2019amezi 18 yari yatanzwe, nayo akaba\nataribwakwire. Ngo ntabona uko agiye kubigenza mu gihe hari imizigo 300 yose\ny\u2019ubumwanya yaheruka gutumako, ariko itaribwamushikire, kandi yose ngo muri ico\nkiringo c\u2019amezi 6 yarasigaye ngo yobaye yaheze, ibaye itarahera naho, ngo ikosa\nntiryobaye iry\u2019abafata ingingo kuko isango ryobaye ryageze.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Kubera iki iyo ngingo yafashwe imbere y\u2019ikiringo cari caratanzwe?<\/strong><strong><\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Hisunzwe icegeranyo cakozwe ku vyerekeye ishirwa mu ngiro ry\u2019itegeko\nry\u2019umukuru w\u2019igihugu No. 100\/O99 ribuza kwinjiza, gukora, n\u2019ukudandaza\nubumwanya n\u2019ibindi bitekezo bikozwe muri bwo. Iryo tegeko rero rikaba ryashizweko\numukono n\u2019umukuru w\u2019igihugu, kw\u2019igenekerezo rya 8 Myandagaro 2018. Aho hari\nhatanzwe amezi 18 ngo abamaze kuburangura babusohore maze bube butacinjizwa mu\ngihugu. Ubu rero umushikiranganji w\u2019ibidukikije, uburimyi n\u2019ubworozi D\u00e9o Guide\nRurema amenyesha ko iyo ngingo yafashwe kuko vyagaragaye ko ubumwanya bucinjira\nmu gihugu kandi bugakoreshwa ukuri kwamye nka mbere. Akabona ko hamwe hatofatwa\niyindi ngingo, ikiringo c\u2019amezi 6 gisigaye coba gito cane gutyo ugasanga ya\nmezi 18 yose arangiye ubumwanya bucibonekeza ku bwinshi mu gihugu.<\/p>\n\n\n\n<p>Ni muri iyo ntumbero, D\u00e9o Guide Rurema yamenyesheje kuri uwu wa 13\nmyandagaro ko ata mugwizatunga n\u2019umwe yemerewe kwinjiza ubumwanya n\u2019ivyo\nbabuhinguramwo kuva igenekerezo rya 22 myandagaro 2019. Akavuga kandi ko\nn\u2019impusha zose zatanzwe ku bitarinjira zizobazihagaritswe.<\/p>\n\n\n\n<figure class=\"wp-block-image\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" width=\"1024\" height=\"683\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/WhatsApp-Image-2019-08-13-at-18.34.06-1024x683.jpeg\" alt=\"\" class=\"wp-image-3771\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/WhatsApp-Image-2019-08-13-at-18.34.06.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/WhatsApp-Image-2019-08-13-at-18.34.06-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/WhatsApp-Image-2019-08-13-at-18.34.06-768x512.jpeg 768w\" sizes=\"auto, (max-width: 1024px) 100vw, 1024px\" \/><figcaption><em> D\u00e9o Guide Rurema<\/em> <em>, umushikiranganji w&rsquo;ibidukikije, uburimyi n\u2019ubworozi yaribukije ko kugira akamwanyi kamwe kafutangane kw&rsquo;isi iyo katawe hasi, bisaba imyaka 200<\/em> <\/figcaption><\/figure>\n\n\n\n<p><strong>Ni izihe ngaruka ubwo bumwanya\nbutera?<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Darlene Ndoricimpa, umuyobozi w\u2019ihinguriro ry\u2019ubumwanya buba\nbwakoreshejwe akabukuramwo ibindi bikoresho vy\u2019ikimazi, Retraining Company (R\nD), amenyesha ko ubumwanya butitura isi ndimwa ndetse iyo babuturiye umwotsi\nuva muri bwo wonona ikirere gutyo ibinyabuzima bikahagirira ibibazo.<\/p>\n\n\n\n<p>Si ivyo gusa, Muganga Bivahagumye, umuhinga mu vy\u2019ingwara z\u2019amahaha,\naremeza ko iyo nk\u2019ubumwanya buturiwe, n\u2019abantu bashobora kuhandurira\ningwara&nbsp; na canecane ko baba bahema\nimicafu y\u2019ivyuka bibi biba biriko birazunguruka mu kirere<\/p>\n\n\n\n<p>Umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema agahumuriza abanyagihugu abamenyesha\nko naho ubwo bumwanya bukuweho, hariho amashirahamwe akora ivyasubiriye\nubumwanya bizohora bikoreshwa mu gusuma, nk\u2019amagapo, ibikoresho bikozwe mu\nmpapuro n\u2019ibindi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Bamwe mu bagwizatunga basanzwe barangurira hanze ubumwanya ntibishimiye ingingo yaraye ifashwe n\u2019ubushikiranganji bw\u2019ibidukijije, uburimyi n\u2019ubworozi ihagarika burundu iyinjizwa ry\u2019ubumwanya kuva kuwa 22 myandagaro. Naho biri uko, ngo iyo ngingo igana gukingira amagara y\u2019abantu n\u2019ibidukikije kuko ingaruka z\u2019ivyo bikoresho ari nyinshi nk\u2019uko umushikiranganji D\u00e9o Guide Rurema, abimenyesha. Claude Iranzi, ni umudandaza w\u2019ubumwanya. Uwu rero yidoga avuga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":3,"featured_media":3770,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[274],"coauthors":[34],"class_list":["post-3768","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije","tag-tmea"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3768","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/3"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3768"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3768\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3773,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3768\/revisions\/3773"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3770"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3768"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3768"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3768"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3768"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}