{"id":3729,"date":"2019-08-05T08:02:26","date_gmt":"2019-08-05T06:02:26","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3729"},"modified":"2019-08-10T15:55:08","modified_gmt":"2019-08-10T13:55:08","slug":"burundi-godeberte-sindayigaya-indongozi-ibushitse","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-godeberte-sindayigaya-indongozi-ibushitse\/","title":{"rendered":"Godeberte Sindayigaya, indongozi ibushitse"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Godeberte Sindayigaya, imboneza akaba anarongoye ishirahamwe\nGir\u2019umwete, aboneka neza kubw\u2019ibikorwa bw\u2019iryo shirahamwe ryamaze kwishiriraho\nihangiro ryo <\/strong><strong>:<\/strong><strong> \u00ab Kunywanisha abantu bari mu\nmatati no gufashanya hagati y\u2019abanywanyi b\u2019iryo shirahamwe \u00bb. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>I Butanganzwa, ntibarinda\nku muranga. Azwi na bose (urwaruka n\u2019abana bato). Ivyo bigatuma aba umukenyezi\nabushitse. Ni mu buryo azi gutunganya ibintu neza kandi akaba ari n\u2019imboneza\nyabunyoye. <\/p>\n\n\n\n<p>I Buraniro, bari biteze guhura\nn\u2019umukenyezi y\u2019itereye mu myaka (mu minsi arakwiza imyaka 50, umukenyezi wo mu\nmitumba). Igihe yarenguka yiyambariye umwambaro w\u2019igitenge, twasanze ari\numukenyezi w\u2019inryamunyu. Godeberte, w\u2019imyaka 49, ni indongozi y\u2019abantu 6 akaba\nanaserukira ishirahamwe Gir\u2019umwete. Godeberte agira ati&nbsp;:\u00ab <em>Maze\nku bona ko mu kibano ndimwo abakenyezi bahura n\u2019ingorane z\u2019ubwoko bubiri :\nubukene hamwe n\u2019ukutumvikana, naciye mbona ko ibintu bikwiye guhinduka, ni kwo\ngushiraho umugambi wo kuziganya w\u2019amahera makeyi no kugurana abayakeneye cane\nkurusha abandi \u00ab\u00a0<\/em>.<\/p>\n\n\n\n<p><strong>\u00ab Gode \u00bb mu bikorwa vyiwe<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Ubukene nk\u2019intandaro\ny\u2019ukutavuga rumwe mu miryango hamwe n\u2019ukutumvikana mu kibano, umuryango wa\nNtahizaniye warabubayemwo.<\/p>\n\n\n\n<p>Urugo rwa Ntahizaniye-Nkurikiye\nntirwahuriza ku kungene rukoresha ubutunzi bw\u2019umuryango. Gushika aho umugabo\nafata ingingo yo kugurisha inka atagishije inama umukenyezi wiwe Nkurikiye. <\/p>\n\n\n\n<p>\u00ab<em> Umugabo yagiriza umugore wiwe ko aja mu bandi bagabo, mu gihe umugore\nwe yagiriza umugabo wiwe ko asesagura ubutunzi bw\u2019umuryango. Bari baramaze\nkwemeranya kutongera no kuryamana <\/em>\u00bb. Ni vyo umugore yibuka<\/p>\n\n\n\n<p>Bari bageze aho batoreranira\nimbugita, ni ukuvuga ko bari bageze aho barangiza ivy\u2019umubano wabo naho bari\nbamaranye imyaka 30. Niho \u00ab Gode&nbsp;\u00bb yahaseruka, umuhuza yabunyoye, yarumvirije\numwe wese ivyo yigana hanyuma atora inkomoko y\u2019ukwo kutumvikana, ababanyi\nb\u2019urwo rugo rwa Ntahizaniye ni bo babishingira intahe. <\/p>\n\n\n\n<p>Bukuru, umunywanyi\nw\u2019ishirahamwe Gir\u2019umwete, agira ati&nbsp;: \u00ab<em>\nSi nigera niyumvisha ko umugore ashobora kuba imboneza imbere yuko mpura na Godeberte.\nJewe niyumva ko nciye ubwenge cane, ariko&nbsp;yanyeretse inzira yo gutorera\ninyishu mu mahoro ibibazo vyo mu kibano&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Umunega wa Nkurikiye\nntavuga ibitandukanye n\u2019ivyo. Agira ati&nbsp;:<em>\u00ab Godeberte arafise ubuhinga yisangije bwo kunywanisha abantu bari mu\nmatati. Ndibuka ukuntu nterekwa impanuro z\u2019abagenzi banje, ariko igihe \u00ab Gode&nbsp;\u00bb\nyaza, yarampaye umuco. Ubu urugo rwacu ni akaroruhore \u00bb<\/em>. &nbsp;&nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p><strong>Batatura amatati bongera bafashanya <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Amaze kubona ko intandaro\ny\u2019ingorane ziri mu miryango myinshi ari ubukene, Godeberte yaciye atangunza\numugambi wo kugarukira ba ntahonikora.&nbsp; <\/p>\n\n\n\n<p>Umunywanyi wese\nw\u2019ishirahamwe atanga amafaranga y\u2019amarundi angana n\u20192000 Fbu kandi ayo\nmafaranga aca ahabwa umuntu abayabaye gusumvya abandi kugira ashobore kwitanguriza\numugambi muto woshobora kumufasha mu kwiteza imbere&nbsp;; aha twovuga nko :\nkworora, kudandanda, n\u2019ibindi.<\/p>\n\n\n\n<p>Nkurikiye amenyesha ko ataraja\nmw\u2019ishirahamwe yama arindiriye ko umugabo ariwe azana ibitunga umuryango, ariko\namaze kuronka amafaranga y\u2019amarundi angana n\u201920.000 aguranywe n\u2019abagenziwe yaciye\nnawe aja mu vyo kudandaza ivyamwa n\u2019imboga. Agira ati : <em>\u00ab&nbsp;Ubu ndunganira muri vyankenerwa vyo mu\nmuryango, kandi n\u2019abana bari kw\u2019ishure \u00bb<\/em>.<\/p>\n\n\n\n<p>Mu gihe asigaje amezi make\nngo akwize imyaka 50 y\u2019amavuka, iyo mboneza yo ku mutumba Musema ikibano cose\ncikugura, igira ati : <em>\u00ab Kuba imboneza si\nikintu wiga mu mwanya muto. Ahubwo ni ivyo tubamwo mu buzima bwa minsi yose. Ni\nibiva mu ndero tuba twaragiye turaronka kuva tukiri bato \u00bb<\/em>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Godeberte Sindayigaya, imboneza akaba anarongoye ishirahamwe Gir\u2019umwete, aboneka neza kubw\u2019ibikorwa bw\u2019iryo shirahamwe ryamaze kwishiriraho ihangiro ryo : \u00ab Kunywanisha abantu bari mu matati no gufashanya hagati y\u2019abanywanyi b\u2019iryo shirahamwe \u00bb. I Butanganzwa, ntibarinda ku muranga. Azwi na bose (urwaruka n\u2019abana bato). Ivyo bigatuma aba umukenyezi abushitse. Ni mu buryo azi gutunganya ibintu neza kandi akaba [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":7,"featured_media":3730,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[278,213],"tags":[],"coauthors":[33],"class_list":["post-3729","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imboneza-zabakenyezi","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3729","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/7"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3729"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3729\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3731,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3729\/revisions\/3731"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3730"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3729"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3729"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3729"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3729"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}