{"id":3726,"date":"2019-08-05T08:01:27","date_gmt":"2019-08-05T06:01:27","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3726"},"modified":"2019-08-10T15:52:23","modified_gmt":"2019-08-10T13:52:23","slug":"burundi-donavine-umukiza-wabapfakazi-bo-muri-kanyosha-ya-rirare","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-donavine-umukiza-wabapfakazi-bo-muri-kanyosha-ya-rirare\/","title":{"rendered":"Donavine, umukiza w\u2019abapfakazi bo muri Kanyosha ya Rirare"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ni ijisho ry\u2019ishirahamwe Dushirehamwe mu Kanyosha. Uwu rero,\nni Donavine Bigirimana, we ahindura ubuzima bw\u2019abapfakazi barenga ijana. <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Akunda gukora kandi\navyiyumvamwo, Donavine ni umukenyezi w\u2019umunyabwira butangaje, ntarera amaboko\nmu gihe afise ivyo gukora. &nbsp;Goreth Ndindurwaha na Maria Nzeyimana nabo nti bari\nkure yiwe.&nbsp; Naho ahura n\u2019ibibazo vy\u2019umurengera,\nuwo Donavine Bigirimana, w\u2019umwana umwe, arashoboye kubeshaho umufasha wiwe\nn\u2019ico kibondo. <\/p>\n\n\n\n<p>Mu 2015,\nyatanguje umuryango w\u2019abapfakazi bo muri komine FVC bitumwe n\u2019imvo nyinshi. Gufashanya\nhagati y\u2019abapfakazi, gushiraho imigwi yo kuziganya no kuguranana, n\u2019ibindi. Mu Kanyosha,\nabapfakazi basa n\u2019abahebwe kubw\u2019impavu zitandukanye ndetse ugasanga bama bahuye\nn\u2019ibigeragezo batipfuza, nk\u2019uko avyigana.&nbsp;\n<em>\u00abAbaba bapfakaye bakiri bato,\nbakunda guhura n\u2019ibigeragezo vy\u2019ubuhabara mu gihe abapfakazi b\u2019imyaka yitereye\nusanga bakunda guturubikwa n\u2019imiryango barongowemwo\u00bb<\/em>. &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Ivyo rero\nbiranemezwa na Anita Nzeyimana, umukozi wo mukigo c\u2019iterambere ry\u2019ingo\nn\u2019imiryango CDCF kiri mu Kanyosha. Agira ati:<em> \u00abDuheruka gufasha abapfakazi batatu baturubikwa n\u2019imiryango\nbashatsemwo&nbsp;maze baratunganirizwa\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Donavine amenyesha\nko uwo muryango wama ukora ivyiza aho mu kanyosha Rirari.&nbsp; <em>\u00ab Buri\nmunsi wa Gatatu, kuva 6h30 gushika 8h, haragira igikozwe mu kibano\u00bb. Baraharura\nibarabara ribaryononekeye rihuza <\/em>RN7 na komine Kanyosha. <\/p>\n\n\n\n<p>Si ivyo\ngusa, Donavine Bigirimana, yemeza ko uwo muryango w\u2019abapfakazi FVC witabiriye isekeza\nryo gutera imivyaro y\u2019ibiti mwa wa mugambi wa Reta \u00ab&nbsp;Ewe Burundi\nUrambaye&nbsp;\u00bb ku misozi ya Sororezo, Bigoma na Coja. <\/p>\n\n\n\n<p>Umunywanyi\nw\u2019ishirahamwe, Goreth na Marie bemeza ko ishirahamwe ryabo ryamaze kwizigirwa\nn\u2019abarongozi bo mu ntwaro. Bagira bati: <em>\u00ab turasanura\namazu ya bagenzi bacu yasambuwe n\u2019imvura canke tugakora ibindi bikorwa vyo\ngufatana mu nda \u00bb. <\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Naho\natari mu bagize iryo shirahamwe, Donavine yigisha bagenziwe kugwiza ibikorwa\nbiteza imbere ishirahamwe ryabo. Yaranabaronkeye uruhusha mu bushikiranganji\nbwo hagati mu gihugu rwemeza ko iryo shirahamwe ryabo rizwi n\u2019amategeko, kandi\nakaba ariko arabaronderera mw\u2019ishirahamwe rifasha abantu kwiteza imbere OAP\ninyigisho zibafasha kwitunganiriza amakoperative. <\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ni ijisho ry\u2019ishirahamwe Dushirehamwe mu Kanyosha. Uwu rero, ni Donavine Bigirimana, we ahindura ubuzima bw\u2019abapfakazi barenga ijana. Akunda gukora kandi avyiyumvamwo, Donavine ni umukenyezi w\u2019umunyabwira butangaje, ntarera amaboko mu gihe afise ivyo gukora. &nbsp;Goreth Ndindurwaha na Maria Nzeyimana nabo nti bari kure yiwe.&nbsp; Naho ahura n\u2019ibibazo vy\u2019umurengera, uwo Donavine Bigirimana, w\u2019umwana umwe, arashoboye kubeshaho umufasha [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":3727,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[278],"tags":[],"coauthors":[100],"class_list":["post-3726","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imboneza-zabakenyezi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3726","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3726"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3726\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3728,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3726\/revisions\/3728"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3727"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3726"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3726"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3726"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3726"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}