{"id":3720,"date":"2019-08-05T08:00:50","date_gmt":"2019-08-05T06:00:50","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3720"},"modified":"2019-08-10T15:49:41","modified_gmt":"2019-08-10T13:49:41","slug":"burundi-dushirehamwe-abakenyezi-bo-muri-kanyosha-ya-rirare-bahagurukira-ibibazo-bibahanze","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-dushirehamwe-abakenyezi-bo-muri-kanyosha-ya-rirare-bahagurukira-ibibazo-bibahanze\/","title":{"rendered":"Dushirehamwe :Abakenyezi bo muri Kanyosha ya Rirare bahagurukira ibibazo bibahanze"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Inyuma y\u2019amezi 12 aheze batanguye umugambi w\u2019uburongozi bwiza\nbw\u2019abakenyezi, Kanyosha yisanze irimwo abakenyezi b\u2019imboneza bashobora\nguhangana n\u2019ingorane ziziziye ikibano cabo. Ni amakuru mwatohorejwe.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Kanyosha ni ikomine iri mu\nmisozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, ihana urubibe n\u2019umurwa mukuru\nw\u2019ubutunzi, aho naho rero abantu bakaba bahagirira akarusho ko kuronka ubuzi\nvyoroshe. Naho biri uko, n\u2019ukwandukizwa imico mibi yaho biroroha, nk\u2019uko\nvyemezwa na bamwe mu benegihugu bahaba. Umwe mu bari bitavye ikiganiro cari\ncateguwe kikongera kikaremeshwa n\u2019amashishirahamwe Dushirehamwe na CPAJ, agira\nati&nbsp;: <em>\u00ab&nbsp;Abagabo bakunda\nkwifatanira n\u2019abandi bagore i Bujumbura&nbsp;\u00bb.<\/em> uguhohoterwa, ukwahukana,\nuguharikwa, abagabo bihariza ubutunzi bw\u2019umuryango ni zo ngorane nyamukuru\nzihanze ako karere. Imboneza zari zimaze guhabwa inyigisho ziritanga\nubutiziganya kugira zirabe ko zogabanya iyo ngeso. <\/p>\n\n\n\n<p>Abakenyezi b\u2019abanywanyi\nb\u2019ishirahamwe Dushirehamwe, mu gateka kabo bahindutse abigisha abandi amahoro.\nUmukuru w\u2019umutumba mu ntahe yashinze, yarerekanye ko yishimira ibikorwa vyiza\nbikorwa n\u2019imboneza zo mu Kanyosha. Agira ati&nbsp;:<em>\u00ab Narakurikiranye ikibazo c\u2019abagabo bafashwe nabi mu ngo \u00bb<\/em>.\nN\u2019abagabo barabashigikiye muri urwo rugamba. Hari uwari yitavye ico kiganiro\nyagize ati&nbsp;: <em>\u00ab Narahanuye ndabikuye\nku mutima umugenzi kurongora babanje kwandikwa mu bitabo vy\u2019imibano, kandi niko\nvyagenze&nbsp;\u00bb<\/em>. <em>&nbsp;<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Abakenyezi\nbo mu Kanyosha bararwanya ikumirwa. Ku bwa B\u00e9atrice Hakizimana, ngo birakwiye ko\nboza baratorera umuti ingorane icaduka: <em>\u00ab Mu rugo\niwanje, baba abahungu canke abakobwa bose ndabagabanganya ibikorwa vyo gukora. Vyaraheze\nbimwe vya kera vyuko boguma ku mabarabara batera inkuru ngo nuko ari abahungu mu\ngihe abakobwa bo baba batetse\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>N\u2019ubwo\nbafise ishaka rizira agahonzi, abari bitabiriye ikiganiro, imboneza zishasha\nzari zimaze gukarihirizwa ubwenge, ngo baracafise ingorane mu bijanye no\nkurangura igikorwa biyemeje, maze ivyo ngo bikava ku kudakorana neza hagati\nyabo, hamwe no kutubahiriza isango baba basezeranye. Ivyo navyo rero bikaba\nbituma batavugwa neza iwabo. &nbsp;<\/p>\n\n\n\n<p>Mu ntumbero\nyo gushira inguvu hamwe kugira ngo bashigikire umugambi wabo rusangi, izo mboneza\nzigiheza kwigishwa zaciye ziha ihangiro ryo gukora ibarabara riva kuri RN7\nryerekeza kw\u2019ikomine Kanyosha mu gutsimbataza amahoro. Ivyo bikorwa bikaba\nbidategerezwa gutwara uburyo burenga amafaranga y\u2019amarundi 1.65 0.000Fbu.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Inyuma y\u2019amezi 12 aheze batanguye umugambi w\u2019uburongozi bwiza bw\u2019abakenyezi, Kanyosha yisanze irimwo abakenyezi b\u2019imboneza bashobora guhangana n\u2019ingorane ziziziye ikibano cabo. Ni amakuru mwatohorejwe. Kanyosha ni ikomine iri mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura, ihana urubibe n\u2019umurwa mukuru w\u2019ubutunzi, aho naho rero abantu bakaba bahagirira akarusho ko kuronka ubuzi vyoroshe. Naho biri uko, n\u2019ukwandukizwa imico mibi [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":3721,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[278,6],"tags":[],"coauthors":[100],"class_list":["post-3720","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imboneza-zabakenyezi","category-jimbere-mukenyezi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3720","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3720"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3720\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3722,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3720\/revisions\/3722"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3721"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3720"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3720"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3720"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3720"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}