{"id":3717,"date":"2019-08-05T08:06:24","date_gmt":"2019-08-05T06:06:24","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3717"},"modified":"2019-08-10T15:58:23","modified_gmt":"2019-08-10T13:58:23","slug":"burundi-domitille-ntiyerekwa-abagabo-bibitabanga","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-domitille-ntiyerekwa-abagabo-bibitabanga\/","title":{"rendered":"Domitille, ntiyerekwa abagabo b\u2019ibitabanga"},"content":{"rendered":"\n<p><strong>Ku myaka yiwe 50, uwo mukuru w\u2019umutumba wa Bigoma wo muri\nkomine Kanyosha ya rirare, amaze imyaka 15 mu rugamba rwo kugwanya abahukana\nhamwe n\u2019amabi abera mu ngo.<\/strong><\/p>\n\n\n\n<p><em>\u00ab&nbsp;Agateka k\u2019umukenyezi&nbsp;\u00bb<\/em> ni ko aharanira cane. Amaze kubona ko ibitigiri vy\u2019abagabo baharika ari umurengera ku mutumba arongoye, Domitille yigiriye inama yo kwegeranya abakenyezi kugira bayage ibijanye n\u2019ingaruka mbi zituruka ku guharika kugira bose bavire hasi rimwe batuze uwo mugirwa mubi.<\/p>\n\n\n\n<p>Domitille amenyesha ati&nbsp;<em>:\u00ab N.V ni umwe mu bakenyezi bahuye ni\nngaruka mbi ziturutse ku guharikwa. Yarirukanywe mu rugo iwe. Umugabo wiwe yari\naheruka kurongora umugore wa gatatu, maze aheba umugore wiwe bari bamaze\nkuvyarana \u00bb<\/em>. Amaze gutabwa yirukanywe n\u2019abana biwe, N.V yarasigaye atunzwe\nno gusabiririza, gushika aho Domitille ahagurukira ico kibazo. <\/p>\n\n\n\n<p>Ubwa mbere yabanje kubona ko\nicihutirwa aruko uwo mukenyezi yoronka ico akora. Domitille yaregeranije\numutahe ungana n\u2019amafaranga y\u2019amarundi 20.000 ayo akaba yaciye ayaha N.V. uwu\nnawe akaba yaciye atanguza urudandaza rubayabaye rw\u2019imboga n\u2019ivyamwa. <\/p>\n\n\n\n<p>Domitille agira ati&nbsp;:\n<em>\u00ab Narahamagaye abandi bakenyezi tugenda\ngutera uwo mugabo yari yirukanye umugore wiwe hanyuma tumutegeka gusohora\numuhabara wiwe \u00bb<\/em>. Ariko bashitseyo icabatangaje cane, nuko uwo mugabo\nbasanze yari yifitiye uwundi mugore mu Rumonge. Vyari bikwiye ko babanza\nkwirukana iyo nkundwakazi yo mu Kanyosha hanyuma bagaca bigisha uwo mugabo\ningaruka mbi zituruka ku kurongora abagore benshi kugira akubite agatima\nmpembero agaruke mu rugo. <\/p>\n\n\n\n<p><strong>Ico\numukenyezi akeneye\u2026 <\/strong><\/p>\n\n\n\n<p>Umukenyezi akwiye kuba\numunyamwete kandi yuzuye ukwihangana. Amenyesha ko yatotejwe incuro zibiri zose\nyagirizwa ko yahangaye abagabo ngo ntibisonera. Ariko igishimishije, uwo mugabo\nyaragarutse mu rugo. T.C umugabo wa N.V agira ati: <em>\u00ab&nbsp;Imboneshakure n\u2019ibindi bikoresho nari naratwaye ku mugore wa\ngatatu, narabigarukanye mu rugo\u00bb<\/em>. <\/p>\n\n\n\n<p>Ubu uwo mugabo akaba ari akarorero ko kwigirako mu kibano co mu Kanyosha izwi kw\u2019izina rya rirare. Inyuma yaho asubiriye mu rugo rwiwe, yarashoboye kwigurira ipikipiki, hanyuma yaraguze umuduga akoresha mu gutwara abantu n\u2019ibintu biva i Bujumbura-rirare bija mu gisagara ca Bujumbura.<\/p>\n\n\n\n<p>T.C agira ati<em>: \u00abMaze kwumvira impanuro za Domitille, naratahuye ko nahora nkoresha nabi ubutunzi bw\u2019umuryango ndabuhereza mu bahabara&nbsp;\u00bb.<\/em><\/p>\n\n\n\n<p>Ubu uwo mugore wiwe akaba\nashingira intahe ubutwari bwa Domitille eka mbere akaba anamuherekeza\nmw\u2019isekeza ryo gusubiza abakenyezi bahukanye mu ngo zabo<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ku myaka yiwe 50, uwo mukuru w\u2019umutumba wa Bigoma wo muri komine Kanyosha ya rirare, amaze imyaka 15 mu rugamba rwo kugwanya abahukana hamwe n\u2019amabi abera mu ngo. \u00ab&nbsp;Agateka k\u2019umukenyezi&nbsp;\u00bb ni ko aharanira cane. Amaze kubona ko ibitigiri vy\u2019abagabo baharika ari umurengera ku mutumba arongoye, Domitille yigiriye inama yo kwegeranya abakenyezi kugira bayage ibijanye n\u2019ingaruka [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":7,"featured_media":3718,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[278,213],"tags":[],"coauthors":[33],"class_list":["post-3717","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imboneza-zabakenyezi","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3717","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/7"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3717"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3717\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3736,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3717\/revisions\/3736"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3718"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3717"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3717"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3717"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3717"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}