{"id":3688,"date":"2019-08-03T14:23:32","date_gmt":"2019-08-03T12:23:32","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3688"},"modified":"2019-08-09T13:36:11","modified_gmt":"2019-08-09T11:36:11","slug":"burundi-abakenyezi-kurima-care-nawe-nuze-gewep","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abakenyezi-kurima-care-nawe-nuze-gewep\/","title":{"rendered":"Abakenyezi b\u2019abirimizi bo mu mitumba berekana ivyo bihingurira"},"content":{"rendered":"<p><strong>Abakenyezi b\u2019abirimizi bo mu mitumba bafashwa na CARE barerekanye ivyo bahingura mu vyimburwa abarundi birimira bigizwe n\u2019ifu y\u2019ubuyi bw\u2019ibiharage, icayi c\u2019isoya, ifu y\u2019ubuyi bw\u2019isoya, ibigori na sezame kuri uwu wa 01 myandagaro. Ivyo vyose bakabirangura biciye mu mugambi \u2018Nawe Nuze\u2019&#8230;<br \/>\n<\/strong><br \/>\n\u2018Nawe Nuze\u2019 rero, ni umugambi wa <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/careintbdi\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">CARE<\/a> ufise ihangiro ryo guteza imbere umukenyezi mu kibano no mu butunzi. Uwo mugambi rero ukaba ujanye no kwigisha abakenyezi b\u2019abirimizi ba ruguru kuja mu dushirahamwe dutoduto two kuziganya no kuguranana. Ivyo na vyo bikabafasha kuronka uduhera twabo bwite tubafasha kwiyungunganya.<br \/>\nKubera ko umugambi \u2018Nawe Nuze\u2019 wari uje uronderera iterambere abakenyezi b\u2019abirimizi, aba bahavuye bawuhurumbira cane, maze Care ica itanguza muri abo banywanyi ikoperative yo guhingura ivyimburwa abarundi birimira. Iyo koperative ikaba ihurikiyemwo abakenyezi 180 bava mu ntara zitandatu: Bujumbura, Gitega, Kayanza, Ngozi, Kirundo na Muyinga.<\/p>\n<p>Intumbero y\u2019iyo koperative akaba ari guha agaciro ivyimburwa abarundi birimira no gutera intege abarimyi kugira barime vyinshi banizeye kuronka isoko, kwigisha abakenyezi kwitunganiriza imigambi y\u2019iterambere, kwigisha gufungura imfungurwa zikwije, kwigisha abakenyezi kwiteza imbere mu kibano no mu vy\u2019ubutunzi.<\/p>\n<div id=\"attachment_3691\" style=\"width: 664px\" class=\"wp-caption alignleft\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3691\" class=\"wp-image-3691\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abagore-bakorana-na-CARE-1024x683.jpg\" alt=\"\" width=\"654\" height=\"436\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abagore-bakorana-na-CARE-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abagore-bakorana-na-CARE-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abagore-bakorana-na-CARE-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abagore-bakorana-na-CARE.jpg 1500w\" sizes=\"auto, (max-width: 654px) 100vw, 654px\" \/><p id=\"caption-attachment-3691\" class=\"wp-caption-text\"><em><strong>Guhingura kujana no kugurisha. Nico giuma Care ifasha abo bakenyezi bahurikiye muri \u00ab\u00a0Nawe Nuze\u00a0\u00bb guhayanisha ibihingurwa vyabo kugira bimenyekane, kandi bironke abaguzi<\/strong><\/em><\/p><\/div>\n<p><strong>Isano riri hagati ya \u2018Nawe Nuze\u2019 n\u2019ivyabakenyezi bakora<\/strong><\/p>\n<p>Abakenyezi bo muri &lsquo;Nawe Nuze&rsquo; bamaze kwerekana ko bahaye agaciro inyigisho zo kuziganya no kuguranana bibera mudushirahamwe twashizwe ku mitumba, ishirahamwe \u2018Care\u2019 ryaciye ryigisha bamwe mu banywanyi baryo guhingura ivyo birimira.<\/p>\n<p>Nkuko bimenyeshwa na Jos\u00e9e Ntabahungu arongoye umugambi <a href=\"https:\/\/www.care.org.bi\/programs_women.php\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\"><em>Gewep<\/em> (Gender Equality and Woman Empowerment)<\/a> muri \u2018Nawe Nuze\u2019, avuga ko abo bakenyezi bigishijwe guhingura ifu y\u2019ubuyi bw\u2019ibiharage, icayi c\u2019isoya, ifu y\u2019ubuyi bw\u2019isoya, ibigori na sezame, ivyo bihingurwa baca babidandaza, maze amahera bakuyemwo bakayaziganya, inyungu bakayigabura gutyo bagaheza bakikenura, bakanasahiriza muri vya nkenerwa vyo mu rugo, harimwo no gufasha abana mu kubaronsa ibikoresho vy\u2019ishure.<\/p>\n<p><strong>Hoba hariho isoko ry\u2019ibihingurwa vyabo?<\/strong><\/p>\n<p>Guhingura kujana no kugurisha. Ni muri iyo ntumbero Juv\u00e9nal Afurika arongoye CARE mu Burundi yakiriye kuri uwu wa 01\/08 mu gisagara ca Bujumbura mu kigo <em>\u2018Hub Innovation Nawe Nuze\u2019<\/em> bamwe mu bakenyezi bahingura ivyimburwa mu ntumbero yo kubahuza n\u2019abagwizatunga b\u2019i Bujumbura, amashirahamwe atandukanye, hamwe n\u2019abandi bikorera utwabo kugira berekane bongere bihigire isoko y\u2019ivyo bihingurira iwabo.<\/p>\n<p>Erega ibihingurwa vy\u2019abo bakenyezi vyahavuye bishimwa na benshi. Nsabimana Claude, ni umugwizatunga wo mu gisagara ca Bujumbura, amaze kwibonera ivyo bihingurwa yarabigomwe atako yemera ko agiye gukorana nabo bakenyezi, ko azorangura ivyo bihingurwa vyabo mu ntara uwo mugambi ukorerwamwo hose. Si ivyo gusa, yagiriyeko anemera ko n\u2019ibanakehanirwa mu buryo, azoshiramwo imitahe kugira bahingure vyinshi gusumba.<\/p>\n<p>Ihorimbere Aristide arongoye <a href=\"https:\/\/www.facebook.com\/pages\/category\/Local-Business\/Youth-Agribusiness-Incubator-Burundi-2296336850406913\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">ishirahamwe YAIN<\/a> risanzwe rifasha urwaruka n\u2019abakenyezi gutanguza imigambi yabo no gushira ibihingurwa vyabo kw\u2019isoko. Uwu na we yemeye ko azobafasha gushira ibihingurwa vyabo kw\u2019isoko bakadandaza neza mbere gusumba nuko bari banavyiteze.<\/p>\n<p><strong>Akunguko\u2026?<\/strong><\/p>\n<p>Ifu bahingura muri ivyo vyimburwa, ngo ni ifu yikwije mu ntunga mubiri. Iyo rero ngo irahurumbirwa n\u2019abantu benshi bayizi gutyo bakayigurisha bagakuramwo amahera, nkuko bivugwa na C\u00e9sarie Uwamariya wo mw\u2019ihinguriro COVAPAFE-Gashikanwa mu ntara ya Ngozi. Eka mbere ngo usivye amafaranga, ngo n\u2019ibibondo vyabo biradoshe kuko ntibikirwaragurika kubera ko bironka ubuyi bukwije indema mubiri.<\/p>\n<p>Kubera ko iyo fu abo bakenyezi b\u2019abirimizi bahingura ari nziza kandi iriko irakundwa, ngo birakwiye yuko uwo mugambi wagurwa ugashika no mu zindi ntara zose z\u2019igihugu, kugira abenegihugu bose bashobore kuronka vyoroshe ivyo bihingurwa vy\u2019ivyimburwa abarundi birimira bikwije intunga mubiri.<\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\">\n<p lang=\"in\" dir=\"ltr\">.<a href=\"https:\/\/twitter.com\/chrisnibas?ref_src=twsrc%5Etfw\">@chrisnibas<\/a>, aserukira <a href=\"https:\/\/twitter.com\/TradeMarkEastA?ref_src=twsrc%5Etfw\">@TradeMarkEastA<\/a> mu <a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a> ati: &quot;Iyi ntambwe ikomeye yahuje inzego zitandukanye z&#39;igihugu, harimwo n\u2019abahinga ba <a href=\"https:\/\/twitter.com\/UB_Rumuri?ref_src=twsrc%5Etfw\">@UB_Rumuri<\/a>, izokwugururirwa imbibe ibikorerwa hano mu Burundi, maze bishobore gushorwa mu muryango w\u2019ibihugu vya <a href=\"https:\/\/twitter.com\/jumuiya?ref_src=twsrc%5Etfw\">@jumuiya<\/a>, binaharenge&quot; <a href=\"https:\/\/t.co\/u9kEnNRpX8\">pic.twitter.com\/u9kEnNRpX8<\/a><\/p>\n<p>&mdash; Jimbere (@JimbereMag) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/JimbereMag\/status\/1157221987951042561?ref_src=twsrc%5Etfw\">August 2, 2019<\/a><\/p><\/blockquote>\n<p><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Abakenyezi b\u2019abirimizi bo mu mitumba bafashwa na CARE barerekanye ivyo bahingura mu vyimburwa abarundi birimira bigizwe n\u2019ifu y\u2019ubuyi bw\u2019ibiharage, icayi c\u2019isoya, ifu y\u2019ubuyi bw\u2019isoya, ibigori na sezame kuri uwu wa 01 myandagaro. Ivyo vyose bakabirangura biciye mu mugambi \u2018Nawe Nuze\u2019&#8230; \u2018Nawe Nuze\u2019 rero, ni umugambi wa CARE ufise ihangiro ryo guteza imbere umukenyezi mu kibano [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":30,"featured_media":3689,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[275,276],"coauthors":[189],"class_list":["post-3688","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-care","tag-gewep"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3688","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/30"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3688"}],"version-history":[{"count":6,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3688\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3697,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3688\/revisions\/3697"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3689"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3688"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3688"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3688"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3688"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}