{"id":3676,"date":"2019-08-01T20:12:33","date_gmt":"2019-08-01T18:12:33","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3676"},"modified":"2019-08-02T12:05:10","modified_gmt":"2019-08-02T10:05:10","slug":"agatabu-kamategeko-agenga-ibinyobwa-bihingurwa-mu-bitoke-na-tangawizi-karaye-kemejwe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/agatabu-kamategeko-agenga-ibinyobwa-bihingurwa-mu-bitoke-na-tangawizi-karaye-kemejwe\/","title":{"rendered":"Agatabu k\u2019amategeko agenga ibinyobwa bihingurwa mu bitoke na tangawizi karaye kemejwe"},"content":{"rendered":"<p><strong>Iyo ibinyobwa bitagira amategeko abigenga\u02cc umwe wese abikora uko agomvye, kandi ngo ntibishobora kujabuka imbibe. Vyavugiwe mu ruganda rwo kwemeza amategeko agenga ibinyobwa bikorwa mu gitoke no muri tangawizi aho abahinga n\u2019abahingura ivyo binyobwa bari bakoranye.<br \/>\n<\/strong><br \/>\nKuri uwu wa 30 na 31 Mukakaro, kuri Royal Palace Hotel, hakozwe uruganda rwo kwemeza agatabu ndangakintu kemeza amategeko agenga ihingurwa ry\u2019ibinyobwa bikorwa mu bitoke ndetse na tangawizi rwatunganijwe n\u2019ikigo kijejwe kugenzura ubuziranenge bw\u2019ibidandazwa (<a href=\"https:\/\/bbnburundi.org\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">BBN<\/a>) gifadikanije n\u2019igisata c&rsquo;abagwizatunga bigenga, bifashwe mu mugongo n\u2019ikigo corohereza urudandazwa njabukambibe mu karere ka Afurika y\u2019Ubuseruko (<a href=\"https:\/\/www.trademarkea.com\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">TMEA<\/a>).<\/p>\n<p>Umuyobozi w\u2019ikigo BBN Felix Karikurubu avuga ko hari utunenge twahora twibonekeza mw\u2019ihingurwa ry\u2019ivyo binyobwa akenshi bikaba vyaturuka ku mpamvu yo kutagira amategeko abigenga mbere umwe wese akaba yanakoresha umwambiro yishakiye.<br \/>\nChristian Nibasumba, aserukira ikigo TMEA mu Burundi, akaba yaramwuhiriye. Ahejeje gukengurukira ikigo BBN kuba caratunganije ico gikorwa:<em> \u00ab\u00a0Ivyo binyobwa vyari bisanzwe bizwi ko bikorwa nabi. Ariko ubu bigiye kwisunga ingero zahurijweko n\u2019abahinga batandukanye eka mbere ngo bikaba bizokwugururirwa n\u2019imbibe bigashorwa no mu bihugu bigize umuryango w\u2019ibihugu vya Afurika y\u2019ubuseruko\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Pascal Kakana asanzwe ari umuhinga akaba n\u2019umwigisha muri kaminuza y\u2019Uburundi mu gisata co guhingura ibifungurwa, akaba yaragarutse cane ku kibazo c&rsquo;isuku mu guhingura umutobe w\u2019ibitoke n\u2019uwa tangawizi, ndetse n\u2019urwarwa, insongo n\u2019inzoga ihiye ikorwa muri tangawizi.<\/p>\n<div id=\"attachment_3679\" style=\"width: 1010px\" class=\"wp-caption alignnone\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3679\" class=\"wp-image-3679 size-large\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abari-baremesheje-ikiyago-1024x683.jpeg\" alt=\"\" width=\"1000\" height=\"667\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abari-baremesheje-ikiyago-1024x683.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abari-baremesheje-ikiyago-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abari-baremesheje-ikiyago-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Abari-baremesheje-ikiyago.jpeg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><p id=\"caption-attachment-3679\" class=\"wp-caption-text\"><em>Urwo ruganda rukaba rwari ruhurikiyemwo abategetsi batandukanye: umuyobozi w\u2019ikigo BBN Felix Karikurubu, umuyobozi w\u2019ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe (Agence pour la Promotion des Investisseurs, API), Leonard Sentore, uwuserukira mu Burundi ikigo TMEA Christian Nibasumba, ndetse n\u2019abahinga batandukanye bo muri kaminuza y\u2019Uburundi, abo mu kigo kijejwe gutororokanya ibiharuro mu bisata bitandukanye vy\u2019igihugu (Institut de Statistiques et d\u2019Etudes Economiques du Burundi, ISTEEBU), abo mu kigo ciga ivy\u2019uguhingura ivyimburwa (Centre National de Technologie Alimentaire, CNTA), tutibagiye n\u2019abasanzwe bahingura ivyo binyobwa<\/em><\/p><\/div>\n<p><strong>Ivyo binyobwa bizobandanya bitekerwa mu bikoresho vyahahora?<\/strong><\/p>\n<p>Mu gihe abasanzwe bahingura ibinyobwa mu giterwa ca tangawizi bahora bitiza amacupa avamwo inzoga yo mu bwoko bwa \u2018Heinken\u2019 maze bagapfuka iryo zina bakoresheje agakaratasi kanditseko ijambo ry\u2019ibinyobwa vyabo abandi nabo bagakoresha amacupa yo mu bwoko bwa \u2018plasitiki\u2019, abahinga bavuga ko atariko bigiye kubandanya bigenda. Muri BBN bati:<em> \u00ab\u00a0Kugira ngo ikinyobwa kijabuke, bisabwa ko kiba gitekeye mw\u2019icupa rimeneka\u00a0\u00bb<\/em>.<br \/>\nNaho biri uko, ababihingura basaba ko bobandanya babidandariza mu macupa yo mu bwoko bwa \u2018plasitiki\u2019 kuko ayameneka ngo usanga azimvye.<\/p>\n<p>L\u00e9onard Sentore arongoye API yagiriye inama abafise amahinguriro ko nyabuna boshira imitahe hamwe bakaronka akunguko ko gukurwako amakori mugihe bashatse kurangura amacupa canke ibindi vyose vyobafasha mu guhingura ibinyobwa vyabo. Agahamagarira kandi abagwizatunga babishoboye ko boshinga amahinguriro ahingura amacupa ameneka kuko vyose ngo bishoboka. Aho rero akaba yaciye atanga akarorero kw\u2019ihinguriro ry\u2019amacupa bita \u2018Tllinno\u2019 rikorera aha nyene mu Burundi.<\/p>\n<div id=\"attachment_3680\" style=\"width: 677px\" class=\"wp-caption alignleft\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3680\" class=\"wp-image-3680\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Christian-Nibasumba-TMEA-1024x683.jpeg\" alt=\"\" width=\"667\" height=\"445\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Christian-Nibasumba-TMEA-1024x683.jpeg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Christian-Nibasumba-TMEA-300x200.jpeg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Christian-Nibasumba-TMEA-768x512.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/08\/Christian-Nibasumba-TMEA.jpeg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 667px) 100vw, 667px\" \/><p id=\"caption-attachment-3680\" class=\"wp-caption-text\"><em><strong>Uwuserukira TMEA mu Burundi, Christian Nibasumba\u00a0\u00bb \u00ab\u00a0Iyi ntambwe ikomeye yahuje inzego zitandukanye z&rsquo;igihugu, izokwugururirwa imbibe ibikorerwa hano mu Burundi, maze bishobore gushorwa mu muryango w\u2019ibihugu vya EAC, binaharenge\u00a0\u00bb<\/strong><\/em><\/p><\/div>\n<p><strong>Abasanzwe bahingura ivyo binyobwa bakiriye gute ayo mategeko?<\/strong><\/p>\n<p>Maurice Nduwimana aserukira \u2018Crown Royal\u2019 risanzwe rihingura ibinyobwa bitandukanye biva mu bitoke, inanasi, amanazi no mw\u2019ikawa, arakenguruka cane kuba uru ruganda rwatunganijwe kuko ngo bari bavyipfuje kuva kera, kugira nabo bakore ibidandazwa bifise amategeko abigenga.<\/p>\n<p>Eka na Pascaline Iranzi asanzwe ahingura inzoga muri tangawizi, arashimishwa n\u2019uko ibikorwa vyiwe bigengwa n\u2019amategeko kuko ngo vyemejwe, kumbure ashoreye mu gihugu no hanze y\u2019igihugu ngo azorushirizaho kubona akarusho.<\/p>\n<p><strong>Ayo mategeko azotangura kuja mu ngiro ryari ?<\/strong><\/p>\n<p>Nk\u2019uko Pascal Kakana abimenyesha, hari intambwe zitegerezwa gukurikizwa. Ubwa mbere umugwi w\u2019abahinga warateguye agatabu, hanyuma gaca kemezwa n\u2019abo bahinga nyene barikumwe n\u2019abahingura ibinyobwa, ubu rero hakaba hasigaye gushika mu banyagihugu barabe mu vyukuri ko ivyanditswe bikurikizwa, maze ako gatabu kazoce kihwezwa no hanze y\u2019igihugu, kemewe, gace gatangazwa. Ku vyerekeranye n\u2019igihe ico gikorwa kizomara, umuyobozi w\u2019ikigo BBN avuga ko ari nk\u2019inyuma y\u2019amezi abiri canke atatu.<\/p>\n<p>Abafise amahinguriro matomato bakaba bashimirwa cane n\u2019uwuserukira ikigoTMEA mu Burundi akanamenyesha ko ico kigo citeguriye gushigikira n\u2019umugambi w\u2019abakenyezi bashaka kwiteza imbere biciye mu rudandazwa na cane cane urujabuka imbibe. Uwo mugambi ukaba uzokorera mu karere k\u2019imbo kagizwe n\u2019intara 6 kuva mu ntara ya Cibitoke gushika i Makamba aho naho hakaba himbuka ivyamwa vyinshi bikanahahingurirwa.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Iyo ibinyobwa bitagira amategeko abigenga\u02cc umwe wese abikora uko agomvye, kandi ngo ntibishobora kujabuka imbibe. Vyavugiwe mu ruganda rwo kwemeza amategeko agenga ibinyobwa bikorwa mu gitoke no muri tangawizi aho abahinga n\u2019abahingura ivyo binyobwa bari bakoranye. Kuri uwu wa 30 na 31 Mukakaro, kuri Royal Palace Hotel, hakozwe uruganda rwo kwemeza agatabu ndangakintu kemeza amategeko [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3678,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[271,274],"coauthors":[231],"class_list":["post-3676","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-api","tag-tmea"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3676","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3676"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3676\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3684,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3676\/revisions\/3684"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3678"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3676"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3676"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3676"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3676"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}