{"id":3665,"date":"2019-08-01T11:20:57","date_gmt":"2019-08-01T09:20:57","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3665"},"modified":"2019-08-09T13:36:05","modified_gmt":"2019-08-09T11:36:05","slug":"burundi-sojpae-amabi-abakenyezi-human-trafic","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-sojpae-amabi-abakenyezi-human-trafic\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Kugira duhunge amabi dukorerwa, dusohoka twambaye impenerabahita, bagaca batwirukana\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"<p><strong>Ugukubagurwa gushingiye ku gitsina, ku bukene, urudandazwa rw\u2019ibihimba vy\u2019umubiri, n\u2019ayandi mabi, ni vyo bishikirwa n\u2019abigeme canke abakenyezi baronderera \u00ab ubukiriro \u00bb mu bihugu vy\u2019abarabu. Sojepae, ishirahamwe rukirisu riharanira amahoro n\u2019agateka k\u2019urwaruka rirafise igisata co guhimiriza abagiye muri ivyo bihugu kugaruka mu ruhongore, bakongera bakanabafasha kwakirwa mu kibano. Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakorerwa ayo mabi, kuwa 30 mukakaro, Jimbere yashimye kugaruka kuri ayo mabi<\/strong><\/p>\n<p>Kugira ngo bishike ku rugero rwo kwitwa urudandazwa rwa kiremwa muntu, harabwa ibi bikurikira: ukubegeranya, kubajana, ukubarenza imbibe hamwe no kubakira mu bihugu bajanywemwo. Ivyo rero no mu Burundi biriho. Mu kurondera abantu bazojanwa, canecane abigeme n\u2019abakenyezi, harashirwaho imigwi yo kwandika abivyipfuza. Ninganza David, umuyobozi wa Sojpae, ati : <em>\u00ab Baba bitunganije, barabitegura cane ku buryo bashobora guca mu ryahumye abajejwe umutekano n\u2019abavyeyi \u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Mu kubegeranya, bakoresha amajambo yo kubereka ko bazosanga ubuzima bwiza iyo bagiye kujanwa, kandi ko bazohabwa umushahara mwiza. Abo na bo rero baca batwarwa umutima n\u2019amaronko bizeye gukura muri ivyo bihugu bitungishijwe n\u2019igitoro. Kubera ko rero baba basanzwe bibereyeho mu buzima bugoye, baca babona ko ari amahirwe baronse yo kuva mu bukene, gutyo bakagwa mu mutego vyoroshe. Hari ibintu rimwe na rimwe bitumvikana mbere vy\u2019urukozasoni vyibonekeza, usanga vyinyegeje inyuma y\u2019urwo rudandazwa. Ninganza abandanya agira ati\u00a0:\u00a0<em>\u00ab\u00a0Hari abavyeyi batanga abana babo eka mbere n\u2019abagabo bahitamwo kwirerana abana bakareka abagore babo bakajanwa kudandazwa mu barabu\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Iyo bahejeje gutorwa rero, igikurikira ni ukubajana. Ico gihe mugabo babanza kwigishwa imibereho mishasha. Kubera ko ivyo bihugu vy\u2019abarabu bajanwamwo ari ibihugu birimwo abisilamu \u2018b\u2019abasunite\u2019 bakarira amabwirizwa y&rsquo;inyambaro, abajanyweyo babanza kwiga imico n\u2019imigenzo yabaho. Aha rero hari ibintu vyinshi bica bikorwa harimwo no guhindura amazina. Akarorero n\u2019ak\u2019abahora bitwa \u00ab Marguerite \u00bb na \u00ab S\u00e9raphine \u00bb buriye indege bafise udutabo tw\u2019inzira twemeza ko bitwa, umwe \u00ab Adidja \u00bb uwundi \u00ab Fatma \u00bb.<\/p>\n<p><strong>Ukugwa mu gahundwe n\u2019ihahamuka rikurikira<\/strong><\/p>\n<p>Zilfa (izina ryahinduwe) afise imyaka mirongibiri, yahoze akora mu rugo rw\u2019abanyakoweti bubakanye. Zilfa akomoka mu ntara ya Muyinga yatwawe ahenzwe n\u2019utujambo tw\u2019umwe muri bavyara biwe, ariko bike mu vy\u2019umuntu yoshobora kuvuga n\u2019uko mu kiringo kingana n\u2019umwaka yabaye muri Kowe\u00eft, ata kintu ciza na kimwe afise ahibukirako kiretse ibibi gusa. Mw\u2019ijwi ryuzuye agahinda, yigana ati: <em>\u00ab\u00a0Mabuja wanje yarafise ishari kuko yibaza ko namutwaye umugabo wiwe. Kubw\u2019ivyo yankoresha nk\u2019imashini kandi akamfata nk\u2019imaraya y\u2019umwirabure ataco imaze \u00bb<\/em>. Uwu mwigeme atanguye kugerageza kwiganzura, yaciye yimurirwa mu rundi rugo aho yaboneye amakuba yose. Aravyibuka agaca aturikisha akarira. Agira ati: <em>\u00ab\u00a0Nari mbayeho nkoreshwa ubusambanyi, nabirwa n\u2019abagabo bose bo muri ako karere \u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Iyo rero be n\u2019abo bigeme bagarutse, baza barahahamutse imitima, ata munezero w\u2019ubuzima bagifise, bivuye ku makuba baboneyeyo. M\u00e9diatrice Nshimirimana, umuhinga mu vy\u2019inyifato akorera mu kigo citwa \u00ab\u00a0Mpore Mwana\u00a0\u00bb giherereye mu Kinindo ari naho abagize amahirwe bakava mu bihugu vy\u2019abarabu bashikira, arabakurikirana akabahumuriza, eka mbere akanaremesha ababa barokotse bavuye muri ubwo buja. Agira ati : <em>\u00ab Buri gihe, bagaruka bameze nk\u2019abagwaye akabonge. Bakijayo bajana ibizigizigi vy\u2019uko baronse amahirwe yo kubaho neza no gushika ku vyo bipfuza, ariko bashitseyo bakabona ivyo bari biteze sivyo babonye, baca bamera nk\u2019abataye ubwenge \u00bb<\/em>. Bitayeko, mu kibano bagarutsemwo babatunga agatoki bagira bati <em>\u00ab uwo yahora gukora ubusambanyi mu bihugu vy\u2019abarabu \u00bb<\/em>, ico naco ni ikintu kigoye kwakira.<\/p>\n<p><strong>None hokorwa iki ?<\/strong><\/p>\n<p>Umuyobozi wa Sojpae agira ati\u00a0:<em>\u00ab\u00a0Icokorwa, nuko hobaho ugukorana hagati y\u2019abajejwe intwaro n\u2019ikibano\u00a0\u00bb<\/em>. Uwo ajejwe agateka k\u2019abana abona ko nimba abo bagenda bashobora guca mu ryahumye igipolisi, nuko hoba hari agahaze. We avuga ati : <em>\u00ab Turakwiye gushira impapuro zose zitangwa na reta mu buhinga bwa none ku buryo ikintu cose ciketswe ko kitari mu muco gica cerekanwa imbere y\u2019igihe. Ubu iyo umwana ataranakwiza imyaka isabwa n\u2019amategeko ariko ararondera impapuro zo kuja hanze, niyo yokwerekana karangamuntu yakorewe mu Buyenzi iriko n\u2019amazina y\u2019abavyeyi ataribo, aca aronka vyoroshe ivyo ashaka \u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Kugira abantu baserukira igihugu muri ivyo bihugu urwo rudandazwa rukorerwamwo ni kimwe mu bikenewe cane. Ikivyemeza nuko abarundikazi bariyo kugira bashobore gutoroka, babanza gukoresha amayeri akomeye cane: bambara impuzu ziteye isoni zinyuranye n\u2019imico y\u2019ibihugu barimwo, gutyo bagaca baja ahabona, muri ico gihe igipolisi gica kibahagarika vyihuta maze bakaboneraho akanya ko gushikiriza ikibabakiye, bakizera kwirukanwa bagasubizwa iwabo!<\/p>\n<p>Amategeko y\u2019Uburundi aratomoye kuri urwo rudandazwa rukorerwa abigeme, igikenewe n\u2019uko abenegihugu bokorana n\u2019inzego mu ntumbero yo gutuza ubwo bubisha bugeramiye ubuzima bw\u2019abarundikazi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ugukubagurwa gushingiye ku gitsina, ku bukene, urudandazwa rw\u2019ibihimba vy\u2019umubiri, n\u2019ayandi mabi, ni vyo bishikirwa n\u2019abigeme canke abakenyezi baronderera \u00ab ubukiriro \u00bb mu bihugu vy\u2019abarabu. Sojepae, ishirahamwe rukirisu riharanira amahoro n\u2019agateka k\u2019urwaruka rirafise igisata co guhimiriza abagiye muri ivyo bihugu kugaruka mu ruhongore, bakongera bakanabafasha kwakirwa mu kibano. Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakorerwa [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":21,"featured_media":3666,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[208],"tags":[273],"coauthors":[118,189],"class_list":["post-3665","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-gupagasa","tag-sojpae"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3665","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/21"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3665"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3665\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3667,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3665\/revisions\/3667"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3666"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3665"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3665"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3665"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3665"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}