{"id":3624,"date":"2019-07-27T08:25:01","date_gmt":"2019-07-27T06:25:01","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3624"},"modified":"2019-08-08T11:09:41","modified_gmt":"2019-08-08T09:09:41","slug":"burundi-abakenyezi-bimboneza-barashaka-cane-guteza-imbere-i-komine-ya-bugabira","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abakenyezi-bimboneza-barashaka-cane-guteza-imbere-i-komine-ya-bugabira\/","title":{"rendered":"Abakenyezi b\u2019imboneza barashaka cane guteza imbere i komine ya Bugabira"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu nyigisho zatanzwe n\u2019amashirahamwe Dushirehamwe na CPAJ mu mpera z\u2019ukwezi kwa nzero, abakenyezi bo mu Bugabira barerekanye ko bipfuza kumenya vyinshi ku vyigwa bariko barahabwa.<\/strong><\/p>\n<p>Abakenyezi bo mu Bugabira, baguma babaza ibibazo bakaguma basaba gusigurirwa neza kandi bo ubwabo bakagerageza kwishura ibibazo bibarije. Sp\u00e8s Caritas Havyarimana wo mw\u2019ishirahamwe Dushirehamwe uwari aremesheje ikiganiro uwo munsi, yaguma abateze ugutwi kugira nawe agire ico abungukiyeko. Benshi muri bo, bari mu bigisha abandi ugutatura amatati biciye mu mwumvikano hamwe n\u2019uburongozi bwiza, ariko kuko atawumenya vyose hari ibintu wasanga bibazinda.<\/p>\n<p>Imboneza ni iki ? Irangwa n\u2019iki ? Ivyo ni ibibazo Sp\u00e8s yaguma abaza. Delbulgue Naziraje ni we yitanganije kwishura. Yagize ati : <em>\u00ab imboneza yitwararika abandi, ntishira inyungu zayo imbere. Ntabwo itanga amategeko ntabanduka ahubwo iha agaciro ivyiyumviro bitandukanye vy\u2019abandi \u00bb.<\/em> Nta n\u2019umwe yamunyomoje. Mu vyukuri, Delbulgue ariko aravuga yarishigikira kuko yarazi ko ariko yishura neza. Mutwakazi wo ku mutumba Kigina yarangije amashure y\u2019isumbuye mu gisata c\u2019uburimyi n\u2019ubworozi ITAB, na we nyene n\u2019imboneza nziza yo kwigirako akarorero muri komine Bugabira.<\/p>\n<p><strong>Imboneza mu bwoko bw\u2019abatwa<\/strong><\/p>\n<p>Delbulgue yizeye neza ko abatwa bategereza kuva mu bukene no mu gasuzuguro. Yihaye ihangiro ryo kugira ico akoze mu muryango w\u2019abatwa kugira nabo baboneke baje ahabona nk\u2019abandi. Maze kugira ivyo abishikeko, yahereye ku kwigisha isuku bagenziwe kuko yabona ko ariryo ryihutirwa cane. Agira ati : \u00ab <em>Ikintu ca mbere gituma dukumirwa, ni umwanda \u00bb.<\/em><\/p>\n<div id=\"attachment_3629\" style=\"width: 375px\" class=\"wp-caption alignright\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Debulgue.jpg\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3629\" class=\"wp-image-3629\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Debulgue-e1564241390910-300x278.jpg\" alt=\"\" width=\"365\" height=\"338\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Debulgue-e1564241390910-300x278.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Debulgue-e1564241390910-768x711.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Debulgue-e1564241390910-1024x948.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Debulgue-e1564241390910.jpg 1900w\" sizes=\"auto, (max-width: 365px) 100vw, 365px\" \/><\/a><p id=\"caption-attachment-3629\" class=\"wp-caption-text\">Delbulgue Naziraje<\/p><\/div>\n<p>Ukwo ni ko yabanje kuvuga, hanyuma aca abivugira neza mw\u2019ikoraniro ry\u2019abantu ryari aho : \u00ab <em>Ni nde yomenya ko jewe ndi umutwa ntabimubariye \u00bb <\/em>? Agatwengo ngo kwekwekwe. Yongerako ati : \u00ab I<em>vyo jewe ni vyo bimbabaza. Mu vyukuri tubayeho mu bundi buryo \u00bb !<\/em><\/p>\n<p>Kugira bahagarike iryo kumirwa imbere y\u2019abo bameze kumwe, Delbulgue yabanje guhimiriza abo basangiye ubwoko kwijukira isuku imbere ya vyose. Munyuma Delbulgue yaciye abinjizamwo udushirahamwe two kuziganya no kuguranana tugizwe n\u2019imigwi 10 umwumwe wose urimwo abanywanyi 25. Muri iyo migwi nyene niyo acamwo mu kubigisha ibijanye no gutatura amati bidaciye mu ngimba, gusoneranira hamwe n\u2019ugufashanya.<\/p>\n<p><strong>Kugira ihangiro<\/strong><\/p>\n<p>Ku bwa Delbulgue co kimwe n\u2019abandi bose bari kumwe mu nyigisho zariko zirabera aho mu nyubakwa ya komine Bugabira, babonye ko kwiha ihangiro ry\u2019ivyo bashaka gushikako, ibikorwa bateganya kurangura hamwe n\u2019inzitizi bipfuza gukuraho bituma babandanya bafise ingoga zo kubandanya bitabira inyigisho zitandukanye zibakarihiriza ubwenge.<\/p>\n<div id=\"attachment_3628\" style=\"width: 310px\" class=\"wp-caption alignleft\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/BIBIANE.jpg\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3628\" class=\"wp-image-3628 size-medium\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/BIBIANE-e1564241449416-300x282.jpg\" alt=\"\" width=\"300\" height=\"282\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/BIBIANE-e1564241449416-300x282.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/BIBIANE-e1564241449416-768x723.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/BIBIANE-e1564241449416-1024x964.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/BIBIANE-e1564241449416.jpg 1900w\" sizes=\"auto, (max-width: 300px) 100vw, 300px\" \/><\/a><p id=\"caption-attachment-3628\" class=\"wp-caption-text\">Bibiane Manirakiza<\/p><\/div>\n<p>Bibiane Manirakiza w\u2019imyaka 60, agira ati : <em>\u00ab Hari igihe haba ibintu bitugora gutorera umuti. Noshobora kuvuga nk\u2019akarorero, abana batwara imbanyi batipfuza zituruka ku mibonano mpuzabitsina idakingiye \u00bb Uyo <\/em>Bibiane rero yarakoze uko ashoboye kwose mu gutuma abantu basubira kubana mu mahoro inyuma y\u2019amagume yabaye mu mwaka w\u20191993, atako aragwanya abagabo baharika abagore babo ba mbere.<\/p>\n<p>Igishimishije cane, nuko inyigisho zije gukomeza ubumenyi bw\u2019urwaruka rw\u2019imboneza. Sp\u00e8s yarangije yibutsa abaraho avuga ati :<em> \u00ab Birakwiye ko habaho abashobora guhagararira igikorwa c\u2019imboneza bavyigishijwe neza kugira ntihazobure abazoguma bigisha irindi yaruka rishasha \u00bb.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu nyigisho zatanzwe n\u2019amashirahamwe Dushirehamwe na CPAJ mu mpera z\u2019ukwezi kwa nzero, abakenyezi bo mu Bugabira barerekanye ko bipfuza kumenya vyinshi ku vyigwa bariko barahabwa. Abakenyezi bo mu Bugabira, baguma babaza ibibazo bakaguma basaba gusigurirwa neza kandi bo ubwabo bakagerageza kwishura ibibazo bibarije. Sp\u00e8s Caritas Havyarimana wo mw\u2019ishirahamwe Dushirehamwe uwari aremesheje ikiganiro uwo munsi, yaguma [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":20,"featured_media":3625,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[278],"tags":[],"coauthors":[113],"class_list":["post-3624","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imboneza-zabakenyezi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3624","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/20"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3624"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3624\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3642,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3624\/revisions\/3642"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3625"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3624"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3624"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3624"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3624"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}