{"id":3617,"date":"2019-07-27T08:15:07","date_gmt":"2019-07-27T06:15:07","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3617"},"modified":"2019-08-08T11:10:10","modified_gmt":"2019-08-08T09:10:10","slug":"burundi-baragwanya-ubukwe-budaciye-mu-mategeko","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-baragwanya-ubukwe-budaciye-mu-mategeko\/","title":{"rendered":"Baragwanya ubukwe budaciye mu mategeko"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu Kayanza, ikibazo co gucikiza kirateje isibe neza na neza muri komine Muhanga. Naho biri uko, hari abakenyezi nka Anitha Nkengurutse, Fabiola Nsengiyumva n\u2019abandi, bose bahurikiye mw&rsquo;ishirahamwe ry\u2019Abakenyezi bahungutse bo mu Burundi (Afrabu), bafashe iya mbere mu kwiyamiriza iyo ngendo.<\/strong><\/p>\n<p>Baratandukanye ariko intumbero ni imwe. Anitha Nkengurutse, umuyobozi w\u2019ishure shingiro Ndava, kenshi, agira ati <em>: \u00ab Birababaje cane kubona umwana w\u2019umwigeme yaraciye n\u2019ubwenge ahagarika amashure yiwe ubutarariye yatewe inda n\u2019umukozi wo mu nzu ngo avuye i Bujumbura\u00a0\u00bb<\/em>. Agashavu k\u2019uwo muvyeyi, karagaragara no mu maso. Arababaye koko. Atariye umunwa, atunga urutoke abavyeyi yemeza ko aribo bene amakosha kuko batitaho abana babo b\u2019abakobwa canecane. Kubw\u2019ivyo, uwo muyobozi yihaye ihangiro ryo guhaguruka akagendera abavyeyi bose barereye kuri iryo shure, umuhana ku wundi abifashijwemwo n\u2019abapfasoni b\u2019imboneza bamwebamwe nka Nyandwi F\u00e9licit\u00e9 ariko impinga ngo iracari ndende.<\/p>\n<p>Uko ubukene bwiyongera niko urugero rw\u2019abigeme babandanya amashure rugabanuka. Uku niko F\u00e9licit\u00e9 abibona. Nawe agira ati: <em>\u00abHari urwaruka rw\u2019imisore ruja mu Gihugu ca Tanzaniya rubifashijwemwo n\u2019ababatumako bita \u2018abenyeji\u2019. Abo rero iyo bagarutse kubw\u2019udufaranga baba baje bafise baraheza bagahita bihitiramwo turya dukobwa tugifise amaraso ashushe maze natwo tukemeranya nabo kubw\u2019utwo dukate dusizeko uburozi\u00bb.<\/em><\/p>\n<p><strong>Ukubura ababaserukira<\/strong><\/p>\n<p>Vyukuri ikomine Muhanga irimwo abantu benshi yamara ngo kugutuma abantu bize ni nko kugutuma amashurwe mu bugararwa.<\/p>\n<p>Fabiola Nsengiyumva, umukenyezi w\u2019imyaka28 ni umwe mu ba kenyezi bake bo muri iyo komine bashoboye kuronka urupapuro rw\u2019umutsindo rw\u2019amashure yisumbuye. Kubwiwe, ko umwana w\u2019umwigeme ageze mu mwaka w\u2019icenda ahagarika amashure akaja kwubaka urwiwe biratahuritse kuko abona ko arivyo bigezweho ku mutumba iwabo. Nuko rero Hamaze kuba ihugurwa rishingiye ku kuba imboneza, ugutatura amatati biciye mu mwumvikano, ugusemerera, uguhagarara rugabo, abakenyezi b\u2019indryamunyu bafashe ingingo yo kwitanga batiziganya mu kurwaniriza hamwe iryo heba ry\u2019amashure n\u2019ugucikizanya vyabaye ndanse muri iyo komine.<\/p>\n<p><em>\u00abNtituriburindire Mesiya mushasha ngo aze kudukiriza urwaruka; ni ah\u2019acu kugira ico dukoze kandi turiteguriye guhangana n\u2019ico kibazo\u00bb<\/em>. Uko niko F\u00e9licit\u00e9 Nyandwi yarangije avuga, n\u2019akanyamuneza kenshi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu Kayanza, ikibazo co gucikiza kirateje isibe neza na neza muri komine Muhanga. Naho biri uko, hari abakenyezi nka Anitha Nkengurutse, Fabiola Nsengiyumva n\u2019abandi, bose bahurikiye mw&rsquo;ishirahamwe ry\u2019Abakenyezi bahungutse bo mu Burundi (Afrabu), bafashe iya mbere mu kwiyamiriza iyo ngendo. Baratandukanye ariko intumbero ni imwe. Anitha Nkengurutse, umuyobozi w\u2019ishure shingiro Ndava, kenshi, agira ati : [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":20,"featured_media":3618,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[278,213],"tags":[],"coauthors":[113],"class_list":["post-3617","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imboneza-zabakenyezi","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3617","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/20"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3617"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3617\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3670,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3617\/revisions\/3670"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3618"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3617"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3617"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3617"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3617"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}