{"id":3613,"date":"2019-07-27T08:00:10","date_gmt":"2019-07-27T06:00:10","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3613"},"modified":"2019-08-08T11:10:22","modified_gmt":"2019-08-08T09:10:22","slug":"burundi-imuhanga-urwaruka-rwimboneza-nubwo-ruhura-nintambamyi-ntiruva-kwizima","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-imuhanga-urwaruka-rwimboneza-nubwo-ruhura-nintambamyi-ntiruva-kwizima\/","title":{"rendered":"Imuhanga, urwaruka rw\u2019imboneza nubwo ruhura n\u2019intambamyi ntiruva kw\u2019izima"},"content":{"rendered":"<p><strong>Benshi bazokubwira ko igwiririkana ry\u2019abantu ryibonekeza mu ntara ya Kayanza ari ingorane ikomeye cane. Kukaba nkako, nta buhumvyi burimwo. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo, ugufatira ibintu mu kivunga hari igihe wosanga bigize ico vyonona.<\/strong><\/p>\n<p>Urwaruka ntakarurenga. Ast\u00e8re Hakizimana, umwe mu barongozi b\u2019urunani rw\u2019ishirahamwe ry\u2019urwaruka ruri ku kivi (Reja) arasigura igituma urwaruka rugeramiwe. Agira ati : \u00ab<em> Aha i Muhanga, hari ikiza gitema kigatongora, ico na co, ni imbanyi z\u2019urwaruka ruri kw\u2019ishure. Nta bitigiri mfise bivyemeza, ariko ikizwi, nuko ivyo mvuze ari ukuri \u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Adelin Batururimi, umunywanyi w\u2019urunani rw\u2019ishirahamwe Reja yunganira mugenziwe agira ati : <em>\u00ab Igiteye amakenga n\u2019uko bamwe mu banyeshure batwara inda, baba bazitewe n\u2019abigisha babo. Ico kibazo nticoroshe iyo nyene gutera inda na we nyene usanze abayeho nabi adashoboye kwitunga \u00bb<\/em><\/p>\n<p><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Adelin.1.jpg\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" class=\"size-medium wp-image-3639 alignright\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Adelin.1-300x300.jpg\" alt=\"\" width=\"300\" height=\"300\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Adelin.1-300x300.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Adelin.1-150x150.jpg 150w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Adelin.1-768x768.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Adelin.1-1024x1024.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Adelin.1-80x80.jpg 80w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Adelin.1.jpg 1077w\" sizes=\"auto, (max-width: 300px) 100vw, 300px\" \/><\/a>Hambavu y\u2019iyo ngorane y\u2019urwaruka rwibungenga rukiri ku ntebe y\u2019ishure, hari iyindi ngorane ikomeye cane ihanze igice kinini c\u2019urwaruka iyo na yo ikaba ari ibura ry\u2019akazi. Bivuye kw\u2019igwirirana ry\u2019amashure aguma avuka uko umwaka utashe, ibitigiri vy\u2019abaheza amashure kandi barondera akazi ni ko vyiyongera, urwaruka rutagira akazi ruca rugwira muri komine Muhanga. Iki kikaba ari ikibazo giteye amakenga Epitace Nijimbere umunyeshure ahejeje ishuri ryisumbuye. Mw\u2019ijwi ririmwo agashavu agira ati : \u00ab <em>N\u2019abana biga mu mashure shingiro barihebuye ku bijanye no kwiga. Umwana usanga ata mutima wo kubandanya yiga agira kuko abona na bakuru biwe baguma bicaye i muhira ata kazi bafise kandi barahejeje amashure \u00bb<\/em>.<\/p>\n<p><strong>Urwaruka ruhitamwo kwomokera mu bisagara<\/strong><\/p>\n<p>Iyo ata kazi, canke ata cizere ca kazoza gihari, rumwe mu rwaruka rw\u2019i Muhanga ruca rurumba ivyiyumviro vyo kwigira mu bisagara. Abatari bake bahitamwo kwigira i Tanzaniya.<\/p>\n<p>Urwo rwaruka rwiyumvira ko kwambuka Uruzi Malagarazi, ikibazo rufise kiba gitorewe umuti. Adelin agira ati : \u00ab <em>Hari umugwi w\u2019abantu uza gutora urwaruka urajana muri Tanzaniya urucishi mu Kayogoro \u00bb<\/em>. Iyo ubuzima bipfuza bataburonse baguma bungururiza imbere.<\/p>\n<p>Igisagara ca Bujumbura na co nyene kirakwega urwaruka. Abakozi bo mu mazu, abayaya, abatembereza utudandazwa mw\u2019ibarabara, &#8230; ni bwo buzima usanga urwaruka rwahevye amashuri rubayemwo kugira rwishakishirize ubuzima.<\/p>\n<p><strong>\u00a0<\/strong><strong>Urwaruka rw\u2019imboneza rwo rubigenza gute ?<\/strong><\/p>\n<p>Nubwo urwaruka ruhura n\u2019ingorane nyinshi, hari urwaruka rumwerumwe rutihebura, rwaramaze kujijuka ruramenya ko umuzi w\u2019ikibi ari ubukene, baritanga kugira aho baba habe ahantu harangwa amahoro bosiga abana babo.<\/p>\n<p><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Astere.jpg\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" class=\"alignleft wp-image-3614 \" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Astere-e1564239173181-300x282.jpg\" alt=\"\" width=\"407\" height=\"383\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Astere-e1564239173181-300x282.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Astere-e1564239173181-768x723.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Astere-e1564239173181-1024x964.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Astere-e1564239173181.jpg 1900w\" sizes=\"auto, (max-width: 407px) 100vw, 407px\" \/><\/a> Ast\u00e8re yaciye aba uwigisha abandi mw\u2019ishirahamwe \u00ab Saving and Internal Lending Community, SILC. Muri iryo shiramwe baraziganya bakanaguranana badasavye inyungu ku ngurane, abanywanyi baririmwo bakaba baryishimira cane. Ast\u00e8re Hakizimana agira ati: <em>\u00ab Jewe kuva aho ninjiriye mw\u2019ishirahamwe SILC, narashoboye kwigurira ikibanza c\u2019ukwubakamwo kirenza umuriyoni w\u2019amafaranga y\u2019amarundi. Kubera ko nabonye akamaro k\u2019ishirahamwe SILC, ndatangira amahera y\u2019ishiramwe umuntu wese ntunze muhira kandi ndahimiriza n\u2019abagenzi kugira bigane akarorero kanje\u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Ico gikorwa co kwigisha abandi cakozwe n\u2019urwaruka rw\u2019imboneza caragabanije agatima ko guhurumbira ahandi, nkuko bivugwa na Epitace Nijimbere. Akanyamuneza kamusya, agira ati: <em>\u00ab Ndazi urwaruka rutari ruke rwahevye kuja mu gihugu ca Tanzaniya canke mu gisagara ca Bujumbura, kubera ko bumviye impanuro nabahaye, maze batangura kwikorera ibikorwa bibateza imbere kandi biriko biragenda neza, n\u2019akarorero kariko karakurikizwa neza\u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Intumbero y\u2019urwo rwaruka rw\u2019imboneza ni kubona urundi rwaruka rwijukiye kurwanya izo ntambamyi ruhura mu buryo bwabo bwo kubaho. Ufatiye ku gashavu bafitiye ibikorwa, imbere habo ni heza.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Benshi bazokubwira ko igwiririkana ry\u2019abantu ryibonekeza mu ntara ya Kayanza ari ingorane ikomeye cane. Kukaba nkako, nta buhumvyi burimwo. Ariko n\u2019ubwo biri ukwo, ugufatira ibintu mu kivunga hari igihe wosanga bigize ico vyonona. Urwaruka ntakarurenga. Ast\u00e8re Hakizimana, umwe mu barongozi b\u2019urunani rw\u2019ishirahamwe ry\u2019urwaruka ruri ku kivi (Reja) arasigura igituma urwaruka rugeramiwe. Agira ati : \u00ab [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":21,"featured_media":3640,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[278],"tags":[],"coauthors":[118],"class_list":["post-3613","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-imboneza-zabakenyezi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3613","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/21"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3613"}],"version-history":[{"count":3,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3613\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3641,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3613\/revisions\/3641"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3640"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3613"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3613"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3613"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3613"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}