{"id":3609,"date":"2019-07-26T08:00:47","date_gmt":"2019-07-26T06:00:47","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3609"},"modified":"2019-07-27T17:16:30","modified_gmt":"2019-07-27T15:16:30","slug":"burundi-ubuzima-butoroshe","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ubuzima-butoroshe\/","title":{"rendered":"Ubuzima butoroshe"},"content":{"rendered":"<p><strong>Imetero kwadarato zine (4m2) Ku banyeshure 8! ni ivy\u2019ukuri, Kanyare na Mugoboka ni karitiye zirimwo abanyeshure bavuga ko baba muri\u00a0\u201cPavillon ya 14\u00a0na 15\u201d, (Pavillon ni inyubakwa zigerekeranye abanyeshure bo muri Kaminuza y\u2019Uburundi babamwo).<\/strong><\/p>\n<p>Ayo makaritiye, mu mvugo y\u2019abanyeshure bo muri Kaminuza y\u2019Uburundi \u00ab\u00a0poilissimes\u00a0\u00bb, ni amakaritiye abamwo abanyeshure b\u2019ikirenga; abo nabo bakaba ari abo ama \u201cpavillon\u201d cumi na tatu y\u2019ikigo ca Kaminuza y\u2019Uburundi co ku Mutanga atashoboye kuronsa uburaro.<\/p>\n<p>Muri izo karatiye, usanga abanyeshure 7 canke 8 barundaniye mu cumba c\u2019imetero kwadarato zine (4m2) aho ico cumba nyene usanga cahindukiye kikaba ic\u2019uburiro, ic\u2019ukuruhukiramwo, eka mbere n\u2019ic\u2019ukwigiramwo.<\/p>\n<p>Nk\u2019uko umwe muri bo abivuga, \u00ab\u00a0g<em>utunganya udufaranga\u00a0 reta ibaha tungana n\u2019ibihumbi 60000FBu ku kwezi bisaba\u00a0 ukurikanura\u00a0 kugira bishoboke umuntu atangure ukwezi yongere agusozere\u00a0\u00bb\u00a0.<\/em> Ikinyamakuru Jimbere kirabashikiriza ido n\u2019ido ry\u2019imibereho y\u2019abanyeshure baba muri izo \u00ab\u00a0pavillon.<\/p>\n<p>Naho biri uko, mu Kayanza \u00a0hoho abakenyezi\u00a0 b\u2019imboneza babaye abambere mu kugwanya amabi ageramiye aho baherereye.<\/p>\n<p>Igwirirana ry\u2019abantu riza kw\u2019isonga ry\u2019ibibazo bigeramiye iyo ntara. Nayo inda zitwarirwa mu mashure ndetse n\u2019amatati y\u2019amatongo bikaza kwongereza urutonde rw\u2019 ibibazo bisabwa ko Muhanga itorera umuti.<\/p>\n<p>Mu buraruko bw\u2019igihugu, hariya mu Bugabira, Mediatrice we nta co bimutwaye kwemanga ko yanduye umugera wa Sida, ahimiriza abandi basanzwe bagendana umugera b\u2019i Nyamabuye ngo bareke kwikumira kandi bagasaba ko n\u2019abandi batobakumira.<\/p>\n<p>Nayo Delbulgue, ntahengeshanya kuba hafi imiryango y\u2019abatwa abasaba kwiyitaho bahereye kw\u2019isuku. Uwo mukenyezi, agira ati:<em>\u00ab imvo ya mbere ituma dukumirwa ni isuku rike \u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Jean Claude ntasangiye ibibazo n\u2019abandi. We womubaza ivy\u2019inkino zo hanze<strong>.<\/strong> Mu gisomwa kivuga igene ivy\u2019ugutigira bigwiriye, ivy\u2019ivy\u2019uko ari imikino y\u2019igihamana, J Claude abishira ku ruhande, maze akanyororomba yigira mu ntonde z\u2019inkino z\u2019imigwi zitanazwi nk\u2019izo muri Vietnam canke Roumanie.<\/p>\n<p>Muryoherwe!<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Imetero kwadarato zine (4m2) Ku banyeshure 8! ni ivy\u2019ukuri, Kanyare na Mugoboka ni karitiye zirimwo abanyeshure bavuga ko baba muri\u00a0\u201cPavillon ya 14\u00a0na 15\u201d, (Pavillon ni inyubakwa zigerekeranye abanyeshure bo muri Kaminuza y\u2019Uburundi babamwo). Ayo makaritiye, mu mvugo y\u2019abanyeshure bo muri Kaminuza y\u2019Uburundi \u00ab\u00a0poilissimes\u00a0\u00bb, ni amakaritiye abamwo abanyeshure b\u2019ikirenga; abo nabo bakaba ari abo ama \u201cpavillon\u201d [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":18,"featured_media":3445,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[249],"tags":[],"coauthors":[100],"class_list":["post-3609","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ijambo-ryibanze"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3609","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/18"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3609"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3609\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3610,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3609\/revisions\/3610"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3445"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3609"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3609"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3609"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3609"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}