{"id":3588,"date":"2019-07-24T16:39:21","date_gmt":"2019-07-24T14:39:21","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3588"},"modified":"2019-08-09T13:35:44","modified_gmt":"2019-08-09T11:35:44","slug":"burundi-hataraza-ibikoresho-vyikizungu-abarundi-bitiza-izihe-ngero-mu-gupima-ibintu","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-hataraza-ibikoresho-vyikizungu-abarundi-bitiza-izihe-ngero-mu-gupima-ibintu\/","title":{"rendered":"Hataraza ibikoresho vy\u2019ikizungu, Abarundi bitiza izihe ngero mu gupima ibintu?"},"content":{"rendered":"<p><strong>N\u2019igihe abazungu batari bwaze mu Burundi, Abarundi bari bafise uko bagera ibintu canke ahantu. Bakoresheje ubuhinga bwabo, uburemere, uburebure, ubwaguke n\u2019ibindi vyose bipimwa vyaragerwa, nk\u2019uko tubikesha umuhinga J. Baptiste Ntahokaja, mu gitabu ciwe <em>\u00ab\u00a0Imico n\u2019Imigenzo\u00a0\u00bb<\/em>.<\/strong><\/p>\n<p><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" class=\" wp-image-3589 alignright\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Mu-gupima-ingene-bintu-bireha-1024x724.jpg\" alt=\"\" width=\"642\" height=\"454\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Mu-gupima-ingene-bintu-bireha-1024x724.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Mu-gupima-ingene-bintu-bireha-300x212.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Mu-gupima-ingene-bintu-bireha-768x543.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Mu-gupima-ingene-bintu-bireha.jpg 1200w\" sizes=\"auto, (max-width: 642px) 100vw, 642px\" \/>Ngo ntivyarivyoroshe, ariko vyarashoboka. Imigozi, amacumu, inkoni n\u2019ibishakara vy\u2019amahonda, ni vyo bikoresho bifashisha kenshi mu kugera uburebure. Umutama wa kera ntiwomukangishije imetero yawe ukoresha uwu munsi, asanzwe yifitiye inkoni canke ngo umuzanire iyo saha yawe kuko agisohoka hanze akarangamiza ku zuba canke akaraba aho igitutu kigeze, yaca akubwira isaha atarinze kwiyumvira.<\/p>\n<p>Barubaka uburiri, kandi ntiwihende ngo barabura uko babigenza kandi ugasanga burarumanye neza n\u2019abo bwategekanirijwe. Nyene kubukorerwa yakira kuba yegeranye n\u2019uwubukora, uwo agaheza akamugerako igiti kireha na we, ibindi bisigaye yaramenya uko avyitunganiriza. Nayo mu kuringaniza umumezo wo gukwikira isuka, ngo bafata igiti bakagihagarika, kikagera mu rukenyerero rw\u2019impuzu maze bakagihimbura, nayo uwushaka umumezo muremure akagishitsa mu kwaha.<\/p>\n<p><strong>Mu gupima ubwaguke babigenza gute?<\/strong><\/p>\n<p>Nk\u2019inzu ngo bayipimisha umugozi. Bafata umuntu, akaryama, akagorora ukuboko aho ageza bakaharambika umugozi; iyo ikaba intambwe imwe; inzu nto ngo yagira intambwe imwe y\u2019umuntu muremure, n\u2019umumezo w\u2019isuka mu gihe inzu nini yagirwa n\u2019intambwe zibiri. Indaro yo ngo yagera umuntu yama agera inzu, akaryama, akagororoka ku kuboko akahaca akamenyetso akongera akahatambika umuhoro bagaca bamenya ingene nya ndaro yagutse canke yaga.<\/p>\n<p>Nayo mu kugera ubwaguke bw\u2019igikoresho gishingurwamwo ibintu, bafata ingero ntonto, bakaraba ingero zicujuje. Nk\u2019ikigega ngo baharura incuro zujuje urutete arirwo \u00ab\u00a0igisangaza\u00a0\u00bb (igice c\u2019igitiba catekera amasaka). Urutete na rwo rukaba ari igikoresho cajishwa mu migano rukaguka mu mbavu ntirube rurerure. Urwo rutete ngo umuntu yorwicayemwo agahindukira. Ibisangaza umunani canke icumi ni vyo vyuzuza ikigega.<\/p>\n<p>Mpawenayo ni umukenyezi amaze imyaka 60. Avuga ko nawe yakuze abona nyina avomesha inkono. Nako na we ngo yarayivomesheje. Ico gihe, nyina mu gupima uko inkono ingana, ngo yakoresha uruganzu. Umubajije uko inkono ingana, ngo yakubwira igitigiri c\u2019inganzu ziyijamwo.<\/p>\n<p><strong>Uburemere\u2026?<\/strong><\/p>\n<p>Ngo baraba umutwaro w\u2019umuntu canke bagaterura mu minwe bakumva ingene ico kintu kiremereye. Ari nk\u2019inyama, ngo baragabura, bakazishira mu minwe, bakumviriza ko zingana canke zisumbanya uburemere.<\/p>\n<p>Ruzobavako Gaspard ni umutama amaze imyaka 70. Iwabo ngo bari batunze inka nyinshi. Sekuru ngo yari umuyangayanga. Avuga ko akiri umwana yabona sekuru adandaza inyama ata munzane akoresheje. Ngo kandi vyaragenda neza kuko Se yakeba inyama y\u2019umusoso agahereza uwufise icibo cuzuye umunyu ngo bagaheza bagakaba.<\/p>\n<p>Iminzane, imetero n\u2019ibindi bikoresho vyo kugera ibintu bitaraza rero, ngo Abarundi bari bitunganije neza kandi vyose bakabikorana ubwenge budasanzwe ku buryo atawidoga ngo yarenganijwe canke ngo akehanirwe.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>N\u2019igihe abazungu batari bwaze mu Burundi, Abarundi bari bafise uko bagera ibintu canke ahantu. Bakoresheje ubuhinga bwabo, uburemere, uburebure, ubwaguke n\u2019ibindi vyose bipimwa vyaragerwa, nk\u2019uko tubikesha umuhinga J. Baptiste Ntahokaja, mu gitabu ciwe \u00ab\u00a0Imico n\u2019Imigenzo\u00a0\u00bb. Ngo ntivyarivyoroshe, ariko vyarashoboka. Imigozi, amacumu, inkoni n\u2019ibishakara vy\u2019amahonda, ni vyo bikoresho bifashisha kenshi mu kugera uburebure. Umutama wa kera [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3589,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[257],"coauthors":[231],"class_list":["post-3588","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","tag-kahise"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3588","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3588"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3588\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3591,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3588\/revisions\/3591"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3589"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3588"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3588"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3588"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3588"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}