{"id":3583,"date":"2019-07-28T12:39:53","date_gmt":"2019-07-28T10:39:53","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3583"},"modified":"2019-07-28T15:29:05","modified_gmt":"2019-07-28T13:29:05","slug":"inamujandi-umunyamareba-ndora-ubugarariji-ababirigi-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/inamujandi-umunyamareba-ndora-ubugarariji-ababirigi-burundi\/","title":{"rendered":"Inamujandi: umunyamareba w\u2019i Ndora yatunganije ubugarariji kugira atuze Ababirigi i Burundi"},"content":{"rendered":"<p><strong>Mu kwezi kwa mukakaro hagati kw\u2019umwaka w\u20191934, Uburundi bwari mu ntwaro y\u2019igikoroni y\u2019Ababirigi. Igihugu cari mu bibazo vyinshi uhereye muri poritike, ukaja mu gisata c\u2019ubutunzi ugashitsa no mu mashengero. Mu bwitonzi bwinshi, Inamujandi, yarahagurutse, asaba abanyagihugu b\u2019i Ndora ngo bamufashe <em>\u00ab\u00a0batuze abo bagizi ba nabi maze basubize intwaro abayifitiye uburenganzira\u00a0\u00bb\u2026<\/em><\/strong><\/p>\n<p>Imbere ya Inamujandi, hari habanje kwibonekeza imigwi igwanya abakoroni, nk&rsquo;uwa Runyota. Mu 1922, uwo Runyota yari yarigishije abantu baba ku butaka bwa Kitega, mbere aranaronka n\u2019abayoboke ku butaka bw\u2019i Muhanga. Vyose vyahera bugingo yaba ari mumigirwa yo kubandwa, maze agaheza akemeza ko yahishuriwe ivyo kwomora Ababirigi mu gihugu, ko azoshikana igihugu kuntambwe yo kutagikoresha ifaranga, kandi ko azosubiza ingoma Ntare mushasha.<\/p>\n<p>Mu kubihamya, yakoresha imvugo nyuramatwi ivanze n\u2019ivya kera yoraza umuntu ahagaze. Iyo ndyamunyu y\u2019imvuzi yemeza abemeye kwifadikanya nayo ko bakingiwe bihagije:<em> \u00abAmasasu y\u2019abakoroni azocika amazi canke ifu y\u2019ivyema. Abatazoshaka kuvyemera nabo ngo dufadikanye kubagwanya, ni akazi kabo! Amafaranga yabo azocika imipfungo y\u2019umunyota \u00bb.<\/em> Ari naho havuye iryo zina Runyota.<\/p>\n<p><strong>Umurundikazi w\u2019intwari<\/strong><\/p>\n<p>Ni mur&rsquo;ivyo bihe nyene haduka Inamujandi, yitirirwa \u00ab\u00a0umufyitirizi\u00a0\u00bb canke \u00ab\u00a0umunyamageza w\u2019i Ndora\u00a0\u00bb n\u2019intwaro y\u2019igikoroni n\u2019abatwara ico gihe.\u00a0Uburundi bwatwarwa n\u2019abakoroni b\u2019Ababirigi, bafadikanije na bamwe mu Barundi nyene bemeranya n\u2019ishaka ry\u2019abakoroni.<br \/>\nAkarere ka Ndora karimwo umutware Baranyanka. Uwo, nk\u2019uko vyanditswe n\u2019umuhinga mu vy\u2019akahise Joseph Gahama mu gitabu ciwe yise <em>\u00ab\u00a0Le Burundi sous l\u2019administration belge\u00a0\u00bb<\/em>, yacuditse n\u2019umukoroni.<\/p>\n<p>Igikorwa ca Inamujandi cari kije mu bihe bitoroshe. Muri poritike, akarere ka Nkiko &#8211; Mugamba kari kamaze kuja mu minwe y\u2019abafadikanije na Baranyanka, kandi kariko gahigwa na Kilima, umwana wa Ntare Rugamba yavukiye i Bushi yari yaragarutse mu Burundi arondera gufata ingoma. <em>\u00ab Kilima yari nk\u2019umwami mu gace yabamwo. Yaranaganura eka akanatanga umugisha mu banyagihugu yatwara \u00bb<\/em>, nk\u2019uko Emile Mworoha umuhinga mu vy\u2019akahise abimenyesha.<\/p>\n<p>Abatware bashasha bari bamaze gushirwaho n\u2019intwaro y\u2019abakoroni ntibari bakiriwe neza. Ivyagiye gusongera isibe, ibibazo vy\u2019ubutunzi vyari bihasanzwe vyariyongereye, ingwara z\u2019ibiza zaduka mu nka, inyuma y\u2019ukuririka ubworozi bwo mu karere ko mu bumanuko bw\u2018urwanda mu 1932, eka ico kiza gituma imitwe itakara kubw\u2019ubwoba bw\u2019ukwandukirwa. Inzige zo zaheruka kumara imirima y\u2019abantu, ziyisiga yera.<\/p>\n<p><em>\u00ab Mu bihe nk\u2019ivyo, hari ibintu vyinshi biba aho usangana abantu buzuye umwiheburo udasanzwe hakaba aho kwambaza. Muri ico gihe ba bavugishwa niho baza bemeza ko batiwe, bahawe ububasha buva ku Mana \u00bb<\/em> , nk\u2019uko Umwigisha Mworoha abisigura.<\/p>\n<p>Ivyo vyagaragaye nk\u2019impano kuri Inamujandi, bahavuye banatazira \u00ab Mukamana \u00bb.<\/p>\n<p>Ariko mu vy\u2019ukuri, nta masasu y\u2019ababirigi yacitse amazi. Nta n\u2019uko yacitse ifu y\u2019ivyema. Abagumutse b\u2019i Ndora baratikijwe ata kigongwe, ivyibare vya Inamujandi binyagwa urukombamazi, we azimanganira mu buseruko bw\u2019igihugu inyuma yo gupfungirwa mu Ruyigi.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Mu kwezi kwa mukakaro hagati kw\u2019umwaka w\u20191934, Uburundi bwari mu ntwaro y\u2019igikoroni y\u2019Ababirigi. Igihugu cari mu bibazo vyinshi uhereye muri poritike, ukaja mu gisata c\u2019ubutunzi ugashitsa no mu mashengero. Mu bwitonzi bwinshi, Inamujandi, yarahagurutse, asaba abanyagihugu b\u2019i Ndora ngo bamufashe \u00ab\u00a0batuze abo bagizi ba nabi maze basubize intwaro abayifitiye uburenganzira\u00a0\u00bb\u2026 Imbere ya Inamujandi, hari habanje [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":21,"featured_media":3585,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[206],"tags":[270],"coauthors":[118,231],"class_list":["post-3583","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-akahise","tag-bukeye"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3583","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/21"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3583"}],"version-history":[{"count":5,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3583\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3646,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3583\/revisions\/3646"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3585"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3583"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3583"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3583"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3583"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}