{"id":3567,"date":"2019-07-22T08:04:49","date_gmt":"2019-07-22T06:04:49","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3567"},"modified":"2019-07-22T14:16:09","modified_gmt":"2019-07-22T12:16:09","slug":"burundi-benjamin-manirambona-imboneza-mu-rwaruka","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-benjamin-manirambona-imboneza-mu-rwaruka\/","title":{"rendered":"Benjamin Manirambona, imboneza mu rwaruka"},"content":{"rendered":"<p><strong>Umurimyi w\u2019imboga akaba anaserukira amashirahamwe y\u2019abadandaza imboga n\u2019ivyamwa i Nyabiraba, Benjamin akorana inguvu mu guhimiriza urwaruka\u00a0 kwijukira gukorera mu mashirahamwe kandi rugateza imbere igisata c\u2019uburimyi.<\/strong><\/p>\n<p>I Nyabiraba, Benjamin Manirambona ari mu bantu bazwi cane. Hampande y\u2019umwuga wiwe wo kwigisha, yifadikanije n\u2019urundi rwaruka. Yarashinze amashirahamwe ashika mu mirongwitatu ahurikiwemwo n\u2019urwaruka rurima rukanadandaza imboga n\u2019ivyamwa kw\u2019ibarabara rikuru ry\u2019 i Nyabiraba. Ku bwiwe, kwikorana ni uruhombo runini uravye ko umwimbu w\u2019umwe udashobora kuba mwinshi. Rero, urwaruka ruhurikiye muri ayo mashirahamwe rurashira hamwe uko ukwezi gutashe amahera ashika 5000 y\u2019amafaranga y\u2019amarundi kandi n\u2019ingurane ntonto zirahabwa abanywanyi.<\/p>\n<p><strong>Ikigo c\u2019urwaruka ni nkenerwa<\/strong><\/p>\n<p>Nyabiraba, nk\u2019izindi komine zose zo mu gihugu, irimwo urwaruka rutari ruke. Kubura ikigo urwaruka rwohuriramwo kugira rwungurane ivyiyumviro, ni intambamyi kw\u2019ikomine. Ni umugambi uhambaye Benjamin yipfuza ko worangurwa. Agira ati: \u00ab<em> Dukwiye ikigo c\u2019urwaruka, twebwe usanga tutegereye igisagara ca bujumbura, abatari bake mu rwaruka usanga rwipfuza guhunga iwabo rukigira mu gisagara. Ariko, iyo tuba dufise ikigo gihariwe urwaruka gusa, twogiye turahura buri gihe duhanahana ivyiyumviro ku ntambamyi zibuza urwaruka kwiteza imbere\u00bb.<\/em><\/p>\n<p><strong>Ugukomeza inyigisho z\u2019uburongozi bwiza, ni yo nzira ishika<\/strong><\/p>\n<p>Ubutwari abwiyumvamwo, Benjamin Manirambona yipfuza kubureresha batoyi biwe. Manirambona ari mw\u2019ishirahamwe SFCG akaba ari na ho hari umugambi wo <em>gufata mu mugongo abakenyezi b\u2019imboneza b\u2019ubu n\u2019abo muri kazoza mu ntumbero yo gusasagaza amahoro mu Burundi. A<\/em>bona ko abakenyezi n\u2019urwaruka b\u2019i Nyabiraba bagiye kuronka akarorero keza bazigirako. Ku bwiwe, kwigisha imboneza nshasha ni ngirakamaro na canecane muri iki gihe twegereje ibihe vy\u2019amatora. Manirambona agira ati: \u00ab<em>Ikiringo c\u2019amatora kiragoye cane kugenzura. Ariko igishimishije, biciye ku mugambi wa SFCG, abatari bake mu rwaruka no mu bakenyezi bazoba bazi uburyo bashobora gutururuza uruhagarara rushobora kwaduka, mu gukoresha ubuhinga bwo gutatura amatati hadakoreshejwe ingimba, kuko, si ikinyegezwa, amatati yo yamaho. Ni vyiza rero ko twomenya gutatura amatati \u00bb.<\/em><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umurimyi w\u2019imboga akaba anaserukira amashirahamwe y\u2019abadandaza imboga n\u2019ivyamwa i Nyabiraba, Benjamin akorana inguvu mu guhimiriza urwaruka\u00a0 kwijukira gukorera mu mashirahamwe kandi rugateza imbere igisata c\u2019uburimyi. I Nyabiraba, Benjamin Manirambona ari mu bantu bazwi cane. Hampande y\u2019umwuga wiwe wo kwigisha, yifadikanije n\u2019urundi rwaruka. Yarashinze amashirahamwe ashika mu mirongwitatu ahurikiwemwo n\u2019urwaruka rurima rukanadandaza imboga n\u2019ivyamwa kw\u2019ibarabara rikuru [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":20,"featured_media":3568,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[215],"tags":[],"coauthors":[113],"class_list":["post-3567","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-uburimyi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3567","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/20"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3567"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3567\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3570,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3567\/revisions\/3570"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3568"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3567"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3567"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3567"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3567"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}