{"id":3537,"date":"2019-07-20T12:23:55","date_gmt":"2019-07-20T10:23:55","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3537"},"modified":"2019-07-20T16:25:47","modified_gmt":"2019-07-20T14:25:47","slug":"burundi-ryarinze-rica-umuriro-waka-mwishamba-cimeza-rya-ruvubu","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ryarinze-rica-umuriro-waka-mwishamba-cimeza-rya-ruvubu\/","title":{"rendered":"Ryarinze rica umuriro waka mw\u2019ishamba cimeza rya Ruvubu: amahegitari 50 arenga pi!"},"content":{"rendered":"<p><span style=\"font-size: medium\"><b>Kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa kane kw\u2019igenekerezo ryo ku wa 18 mukakaro, gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, hadutse umuriro mw\u2019ishamba rya Ruvubu aho amahegitari 50 arenga yatokombeye. Abanyagihugu ngo barakoze uko bashoboye bubakerako ariko ngo bashirwa bawujimije. Ni mu gihe mw\u2019ishamba rikingiwe rya Ryanda riri mu makomine ya Vyanda na Rumonge hari haraye hahiye amahegitari 10 arenga.<\/b><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: medium\">Bakundintwari Marc, ni umukuru w\u2019abacungera iyo Parake ya Ruvubu. Amenyesha ko hari mu masaha icumi y\u2019umugoroba aho uwo muriro waduka, bagerageza kuzimya kuva iyo saha ariko uranka urazako gushika isaha icumi n\u2019imwe z\u2019agatondo ko kuri uwu wa gatanu kw\u2019igenekerezo rya 19 mukakaro. Aho uwo muriro wadutse ngo ni mu ntara ya Muyinga, muri komine Buhinyuza mu gace ka Gicayi na Rubuye mw\u2019ishamba rya cimeza rya Ruvubu. Ngo amatohoza aracakorwa kugira ngo abahaturiye bashobore kumenyekana, n\u2019ubwo nyene abikekwa batabuze.<\/span><\/p>\n<p><span lang=\"fr-FR\"><b>Abo bikekwa ni ba nde?<\/b><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: medium\"><span lang=\"fr-FR\">Nk\u2019uko uwo mukuru w\u2019ishamba cimeza rya Ruvubu abivuga, ngo iryo shamba ukunda gusanga riturirwa n\u2019abahigi, abarovyi, eka n\u2019abafise imirima yegereye iryo shamba ngo ntawobashira amazinda kuko ngo vyama bishika bakikika mu kiza bakahadomeka bashaka nk\u2019ugutarira kugira ngo umuriro bishitse ukaduka ntuze uhave ujaniranya n\u2019imirima yabo. Ngo n\u2019aborozi canecane abo ku ruhande rwa Cankuzo baba bashaka aho bazokura ubwatsi butoshe imvura itasuye.<\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: medium\"><b>Ko biri uko hoba hariko hakorwa iki\u00a0?<\/b><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: medium\">Uwo Bakundintwari amenyesha ko baticaye. Ngo baheruka vuba kugirisha inama abanyagihugi bose basanzwe bakorera ibikorwa vyabo hafi y\u2019iryo shamba baba abafitiye indimiro hafi y\u2019iryo shamba, aborozi, abarovyi eka n\u2019abahigi. Iyo nama ikaba yari iyo kubibutsa akamaro k\u2019ibidukikije, ngo banababwira babihanikiriza ko uwuzofatwa azohanwa hakurikijwe amategeko. Ikigo OBPE ngo kikaba arico cari catunganije iyo nama mu ntumbero yo gukinga hakiri kare,kuko iyo hageze mu ci imiriro yama yadutse nk\u2019igihe cose.<\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: medium\">N\u2019aho biri uko, ikibazo c\u2019uko umuriro wama wadutse muri iryo shamba cimeza ryo ku Ruvubu ngo kigiye kuva munzira kuko ngo hari umugambi wo gushiraho uruzitiro, aho atawuzosubira kurivogera canke kuryegereza isuka. Nk\u2019uko itegeko ryo gukinga impanuka ku mashamba bene ayo ribivuga, ngo hagiye kuzoshirwa urubibe ntarengwa ku metero igihumbi uvuye kuri iryo shamba, uwo mugambi na wo ukaba uzoba ushigikiwe n\u2019ibanki nkuru y\u2019isi yose.<\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: medium\">Mu kurindira ko urwo ruzitiro rushirwaho, umukuru w\u2019ishamba ryo ku Ruvubu afadikanije n\u2019abajejwe intwaro, ngo bagiye kubandanya baha inyigisho abanyagihugu begereye iryo shamba kugira ngo abarundi ntibazohave bisamburirako mu guhonya ubutunzi bw\u2019igihugu ari bwo bikoko biri muri iryo shamba, abarundi bakazohahombera, ubona ko ngo ari ryo shamba risigayemwo ibikoko binini binini mu Burundi.<\/span><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa kane kw\u2019igenekerezo ryo ku wa 18 mukakaro, gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, hadutse umuriro mw\u2019ishamba rya Ruvubu aho amahegitari 50 arenga yatokombeye. Abanyagihugu ngo barakoze uko bashoboye bubakerako ariko ngo bashirwa bawujimije. Ni mu gihe mw\u2019ishamba rikingiwe rya Ryanda riri mu makomine ya Vyanda na [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3549,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[212],"tags":[],"coauthors":[231],"class_list":["post-3537","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ibidukikije"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3537","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3537"}],"version-history":[{"count":4,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3537\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3553,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3537\/revisions\/3553"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3549"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3537"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3537"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3537"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3537"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}