{"id":3501,"date":"2019-07-19T12:20:17","date_gmt":"2019-07-19T10:20:17","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3501"},"modified":"2019-07-24T18:25:24","modified_gmt":"2019-07-24T16:25:24","slug":"3501-2","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/3501-2\/","title":{"rendered":"Ubwo turiteguriye kuba imiriyoni 75 ku butaka bw\u2019Uburundi?"},"content":{"rendered":"<p>Sinzi ko mwumvise ibiharuro abashakashatsi babiri baherutse kwerekana: <a href=\"https:\/\/www.jimbere.org\/a-lallure-actuelle-le-burundi-aura-752-millions-dhabitants-en-2100-ce-sera-invivable\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">ku murindi Abarundi turiko wo kuvyara, tuzoba turi imiriyoni 75 mu myaka 80 iri imbere<\/a>. Ni ukuvuga ko amatongo yacu azoba yaze incuro hafi 7 ugereranije n&rsquo;uko angana ubu. Abakoze ico cigwa bati: <em>\u00ab\u00a0Ubu turi imiriyoni 11 z&rsquo;abantu ku butaka bw&rsquo;Uburundi, ibice bingana 76 kw&rsquo;ijana vy&rsquo;imanza ziri imbere y&rsquo;ubutungane zerekeye amatongo. None niyo twiyongera incuro 7, bizoba bimeze gute?\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p>Uvyiyumviriye neza, amaganya aca atangura kukwuzura. Ego, ni vyo: uko ababa mu gihugu runaka bongerekana, ni ko n&rsquo;ubushobozi bw&rsquo;ico gihugu bwo gutera imbere bukomera. Perezida Magufuli wo ngaho hakurya muri Tanzaniya <a href=\"https:\/\/www.youtube.com\/watch?v=4f3MbzDh5Oo\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">aheruka kuyica umurya, ati:<\/a> <em>\u00ab\u00a0Bakenyezi b&rsquo;i Tanzaniya, vyare vyare. Nimba Ubushinwa canke Nijeriya bihagaze nk&rsquo;ibihugu bifise ubutunzi, ni kubera bifise ababibamwo benshi. Ntibabasamaze rero n&rsquo;imigambi ngo yo kuvyara ku rugero. Igikuru ni ugukora cane, maze abo uvyaye ugashobora kubarera\u00a0\u00bb.<\/em><\/p>\n<p>Ayo majambo uyaravye, arafise ukuri. Kuko <a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-burundi-gutembereza-ibicuruzwa-mbumbarugo-umuhana-ku-wundi-uburyo-bugezweho-bwo-guca-akanoti\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">kurondera akanoti<\/a> mu gihugu ushobora kugurisha nk&rsquo;umuderi w&rsquo;impuzu, canke ikinyobwa, ku bantu imiriyoni 5, ntaho bisa bisana no kubikorera mu gihugu abashobora kugura ivyo udandaza ari imiriyoni 100 (Nijeriya) canke umuriyaridi w&rsquo;abantu (Ubushinwa<em>). <\/em>Urumva ko amahirwe menshi yo kuba umutunzi ari mur&rsquo;ico gihugu kirimwo abantu benshi.<br \/>\nAho ijambo rya Magufuli rigorera, ni uko ubwinshi bw&rsquo;abenegihugu ari itunga igihe bano bafise ubutaka bukwiye bwo kurangurirako imigambi (kandi Tanzaniya koko irabufise), bakongera bakaronka ubumenyi n&rsquo;imitahe bituma ubutunzi bwabo budahagarara gusa ku bikorwa mfatirabutaka (kurima, kwimba, kuroba, guhiga, &#8230;)<\/p>\n<p>Uko mu Burundi bimeze, isi ntiriko iraguka (27 834 km2 zacu zizoguma ar&rsquo;izo). Kandi, nta mitahe minini minini turiko turabona iza mu gihugu ngo itume haba abenegihugu bava mu vyo kurima, ngo bijukire iterambere rishimikiye ku bumenyi n&rsquo;impano.<\/p>\n<p>Nico gituma ubugeni bwa Olivier bumaze iminsi butuma ntasinzira.<\/p>\n<p>Olivier ntimumuzi. Ni umuntu akomeye cane, muri Jimbere. Niwe ategura utwo dufungura. Ni umuntu akunda kwitwengera, guter&rsquo;inkuru, ashigikiye Real Madrid, rimwe na rimwe ka Primus ntikamugwa nabi.<br \/>\nHaciye impusha zibiri, twari twagiye kumushigikira ku rubanza rwiwe i Bukeye bwa Muramvya. Icadutangaje muri nya rubanza, abari baje kurwitaba bari bato. Kireste ngira abavyeyi biwe, uwari ashaje yari ngaho yari afise imyaka 34. Sinz&rsquo;ingene tukimubajije hagati mu rubanza, aca aratwenga. Ati: <em>\u00ab\u00a0Erega ngaha jewe nari narengeranye!\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p>Olivier ubwiwe afise imyaka 22. Uwo bubakanye afise 20. Ni ukuvuga ko, Imana ibatije amagara, bafise imyaka 25 bariko baravyara&#8230; Ubiravye neza, ntihazobura abana nka batanu bava mur&rsquo;urwo rugo. Muvyara wa Olivier yabiriwe afise imyaka 18, ubu afise abana batatu, d\u00e9j\u00e0.<\/p>\n<p>Ibintu birakomeye rero. Dufatiye kur&rsquo;ako karorero gato ka Olivier, biragoye kubona ingene imvyaro zizogabanuka mu myaka nka 20 iri imbere. Na rirya haje ingingo itezurira abakenyezi bibungenze, ntakizobuza ko irwirirana ry&rsquo;Abarundi rikurikirana umurindi ba bashakashatsi batubwira utujana ku miriyoni 75 z&rsquo;abantu bazoba baba mu Burundi muri 2100.<\/p>\n<p>Weho, si ko ubibona?<\/p>\n<p>Mu kurindira ko nsoma inyishu yawe, reka mbe ndaraba ko atakantu Olivier yakaranze&#8230;<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Sinzi ko mwumvise ibiharuro abashakashatsi babiri baherutse kwerekana: ku murindi Abarundi turiko wo kuvyara, tuzoba turi imiriyoni 75 mu myaka 80 iri imbere. Ni ukuvuga ko amatongo yacu azoba yaze incuro hafi 7 ugereranije n&rsquo;uko angana ubu. Abakoze ico cigwa bati: \u00ab\u00a0Ubu turi imiriyoni 11 z&rsquo;abantu ku butaka bw&rsquo;Uburundi, ibice bingana 76 kw&rsquo;ijana vy&rsquo;imanza ziri [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":11,"featured_media":3511,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[2],"tags":[],"coauthors":[37],"class_list":["post-3501","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-opinions"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3501","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/11"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3501"}],"version-history":[{"count":14,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3501\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3593,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3501\/revisions\/3593"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3511"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3501"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3501"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3501"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3501"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}