{"id":3490,"date":"2019-07-14T21:05:36","date_gmt":"2019-07-14T19:05:36","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3490"},"modified":"2019-10-28T18:56:49","modified_gmt":"2019-10-28T17:56:49","slug":"abakenyezi-badutse-bakina-umupira-wamaguru-mu-kinama-kugira-bunge-kandi-ikibano","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/abakenyezi-badutse-bakina-umupira-wamaguru-mu-kinama-kugira-bunge-kandi-ikibano\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Abakenyezi badutse bakina umupira w&rsquo;amaguru mu Kinama, kugira bunge kandi ikibano\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"<p><span style=\"font-size: large\"><b>Kw\u2019igenekerezo rya 4 mukakaro 2019, <em>\u00ab\u00a0Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u00a0\u00bb<\/em> bishikiye mu ntara ya Karusi. Uretse ko benshi mu bitavye bari bamaze kubona umupfasoni Christine Ntahe, barakengurutse intahe zashinzwe na Georgette Mahwera na Rejina Nduwimana. Eka n\u2019abajejwe intwaro barashima.<\/b><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\">Abanyakarusi bari bakerebutse cane mu kiganiro. Abitavye bari barwiyemwo abakenyezi, mugabo n\u2019abagabo n\u2019urwaruka ntibatanzwe. Ku kibuga c\u2019inkino co ku murwa mukuru wa Karusi, abakenyezi b\u2019imboneza bamwebamwe baza bamaze gushika kuhashika kuva igihe c\u2019isaha zitatu mu gatondo.<br \/>\nUko umwanya wahera ni ko biyongera. Ubona ko n\u2019akazuba katari kenshi, abana baguma bikinira agapira kuri ico kibuga. Ku ruhande rwo mu buseruko bw\u2019ico kibuga, hariko harubakwa ubwugamo bunini. Abafundi bari ku kuvi. Baguma babazanya ibihava bibera ngaho kuko bahuma bumva indirimbo zisekera, hongera hacamwo akamo gatewe abantu kuza kwyumvira intahe zishingwa na bamwe mu bakenyezi bavugwa muri cio gitabo. Ku mutaga, abantu bahavuye bagwira uko baza baratorokana. <\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\">Icibonekeje ni uko n\u2019abategetsi mu ntara bari bitayeho cane ico gikorwa, ku buryo umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n\u2019imico kama be n\u2019abandi bajewe amabanga ahambaye, babanje kuhakubitira hakiri kare ibirori bitaratangura, kugira ngo birabire uko ibintu vyifashe. Eka n\u2019ukuntu umukuru wa zone zone yahimiriza abantu kuzana intebe vyaragaragaza umwitwarariko n\u2019agaciro bahaye ico gikorwa.<\/span><\/p>\n<div id=\"attachment_3498\" style=\"width: 851px\" class=\"wp-caption aligncenter\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3498\" class=\" wp-image-3498\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Georgette-Mahwera-ariko-aratera-inkuru-abari-baje-ingene-bakinye-umupira-mu-Kinama-1024x683.jpg\" alt=\"\" width=\"841\" height=\"561\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Georgette-Mahwera-ariko-aratera-inkuru-abari-baje-ingene-bakinye-umupira-mu-Kinama-1024x683.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Georgette-Mahwera-ariko-aratera-inkuru-abari-baje-ingene-bakinye-umupira-mu-Kinama-300x200.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Georgette-Mahwera-ariko-aratera-inkuru-abari-baje-ingene-bakinye-umupira-mu-Kinama-768x512.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Georgette-Mahwera-ariko-aratera-inkuru-abari-baje-ingene-bakinye-umupira-mu-Kinama.jpg 1080w\" sizes=\"auto, (max-width: 841px) 100vw, 841px\" \/><p id=\"caption-attachment-3498\" class=\"wp-caption-text\"><em><strong>Georgette Mahwera, ariko aratera inkuru abari baje ingene bakinye umupira mu Kinama<\/strong><\/em><\/p><\/div>\n<p><span style=\"font-size: large\">Abatari bake bari bazi umupfasoni Christine Ntahe. Hari benshi baza kumugumbira, abandi na bo bakamubwirana. Mu bitavye ako kamo, harimwo abapfasoni Zenayidi Nagashira na Eug\u00e9nie Bancako basanzwe na bo nyene banditswe muri ico gitabo.<br \/>\nMugabo bari bitavye nk\u2019abandi, ariko bahavuye berekanwa i Karusi, kanatsinda ivyo bakoze benshi barabizi. Ibirori vyuguruwe n\u2019umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n\u2019imico kama.<\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><b>Amahoro imbere ya vyose<\/b><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Baba abatware canke abatwarwa, vyaribonekeza ko bakenguruka. Mw\u2019ijambo ry\u2019ikaze, umuhanuzi wa Buramatari yaramenyesheje ko ahimbawe n\u2019ukwibonera Christine Ntahe kuko ngo yahora amwumva gusa. Yarakenguengurutse rero kubona abo bapfasoni bashise muri iyo ntara. Akagira ati:<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i> \u201cTwizeye ko iki gitabo kiza gufasha abanyakarusi kuko kirimwo ubutumwa bw\u2019amahoro. Mutege amatwi rero mwongere mufate nkama ivyo muza kwumva.\u201d<\/i><\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Yaranamenyesheje ko iyo ntara isanze itekanye, mugabo ngo kubumbatira amaho ni uguhozako. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Christine Ntahe amaze gufata ijambo, yavuze ko yamenyanye n\u2019abo bakenyezi yanditse muri ico gitabo, igihe mw\u2019ishirahamwe ry\u2019Abanyamerika <\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i><a href=\"https:\/\/www.sfcg.org\/burundi\/\" target=\"_blank\" rel=\"noopener noreferrer\">Search For Common Ground<\/a>. <\/i><\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Ico gihe ngo ni ho bashinga intahe, bavuga umwe wese ivyo yabayemwo n\u2019uko yavyifashemwo. Amaze kubereka ba bapfasoni bagendanye, Georgette Mahwera wo mu gisagara ca Bujumbura muri zone ya Kinama yaciye amenyesha abari aho ivyo yaciyemwo.<br \/>\nVyarashika bakaduka bagatwenga, ahandi na ho ukabona ko harimwo vyishi biteye ikiroroge ku mutima. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Bariyumviye ukuntu Abahutukazi bo mu Kinama n\u2019Abatutsikazi bo mu Cibitoke biyunze biciye kure cane, maze amahoro aragaruka abo muri ayo mazone basubira kugenderanira kubera uruhara rw\u2019abakenyezi. Abari mu bukene buzura inzara barasubira bariyungunganganya baratunga baratunganirwa. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Mahwera ati: <\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>\u201cKinama yose twari twarayihunze ata n\u2019inyoni iharangwa. Mu nyuma twumvikanye guhura turi abagore 20 bo muri ayo mazone abiri. Twahavuye dutangura gusibura impangu zabaye umusaka. Bukebuke twaritunganije ata mugabo n\u2019umwe arimwo, duhava twumvikana gukina umupira w\u2019amaguru dukwembetse abantu bakatwita abasazi. Twashaka ko baza kuraba bitwengere, kandi baraje.\u201d<\/i><\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Ivyo ngo ntivyahereye aho baraca imanza bagahana, kandi abajejwe intwaro n\u2019umutekano ngo barabakenguruka cane. Mu nyuma erega bararimye barimbura baratunga baratunganirwa.<\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Uko mu Kinama na Cibitoke baronse amahoro biciye kure, n\u2019i Marangara muri Ngozi ni ko vyagenze. Umututsikazi Rejina Nduwimana, we yarabaciriye ku mayange ayo yagowe kugira ngo ashobore gusubira kwibonera Abahutukazi bahoze basangira akabisi n\u2019agahiye, ariko bagatandukanywa n\u2019indyane batazi iyo zizananye. Naho vyari bigoye ngo yariroshe arava mw\u2019ikambi y\u2019abateshejwe izabo abundabunda arashika mu mitumba araronka Abahutukazi, maze bumvikana ukuntu bagiye guharanira amahoro bari kumwe. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Bukebuke ngo barabishitseko babitanguye binyegeje, bahava baja ahabona n\u2019ababita abahemu bahava baratahura. Amasoko, n\u2019amavuriro ngo yaciye asbira kwugurura.<\/span><\/span><\/p>\n<p><iframe loading=\"lazy\" title=\"I Makamba biyemeje kwisunga &quot;Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe&quot;\" width=\"1000\" height=\"563\" src=\"https:\/\/www.youtube.com\/embed\/xCQWoPS5WB0?feature=oembed\" frameborder=\"0\" allow=\"accelerometer; autoplay; encrypted-media; gyroscope; picture-in-picture\" allowfullscreen><\/iframe><\/p>\n<p><!--nextpage--><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><b>Baratanguranwa gufata ijambo<\/b><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Uwafata ijambo wese yaguma atumirira abari aho guharanira amahoro. Mu kubunganira Christine Ntahe yaza aributsa bwimwe mu bihambaye batavuze, agaca atera akamo abari ngaho. Abakenyezi yababwiye ati:<\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i> \u201cAbakenyezi murwanye indyane mwivuye inyuma. Erega mu ntambara umukenyezi ahagorerwa kurusha abandi. Ni we apfakara, ni ahekurwa, ni we abana barwarirako bakamusonzerako.\u201d<\/i><\/span><\/span><\/p>\n<div id=\"attachment_3499\" style=\"width: 1010px\" class=\"wp-caption aligncenter\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3499\" class=\"wp-image-3499 size-large\" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Zenaidi-na-Eugeni-bi-Karusi-1024x631.jpg\" alt=\"\" width=\"1000\" height=\"616\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Zenaidi-na-Eugeni-bi-Karusi-1024x631.jpg 1024w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Zenaidi-na-Eugeni-bi-Karusi-300x185.jpg 300w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Zenaidi-na-Eugeni-bi-Karusi-768x473.jpg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Zenaidi-na-Eugeni-bi-Karusi.jpg 1169w\" sizes=\"auto, (max-width: 1000px) 100vw, 1000px\" \/><p id=\"caption-attachment-3499\" class=\"wp-caption-text\"><em><strong>Mu bitavye ako kamo, harimwo abapfasoni Zenayidi Nagashira na Eug\u00e9nie Bancako basanzwe na bo nyene banditswe muri ico gitabo.<\/strong><\/em><\/p><\/div>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Yaciye atera akamo abagabo n\u2019urwaruko bari ngaho, abamenyesha ko mu matora buca aba bokwumviriza bose mugabo ntibumvire uwubajana mu macakubiri uko ari kwose. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Abafashe amajambo bose biyemeza guharanira no kubumbatira amahoro. Salom\u00e9e Gakobwa ati: <\/span><\/span><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\"><i>\u201c Uko uyu mupfasoni Ntahe yatwigishije kuva kera n\u2019ubu ni ko avuga. Nanje ngiye guhera gukovya mparanira mahoro aho mbaye gushika no ku rwego rwa komine.\u201d<\/i><\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Umwigeme Marie-Chantal Irandagira na we nyene yiyemeje kuja gushikiriza urwaruka nka we ivyo yumvise. Akiyemeza kubishikiriza abo babanye mw\u2019ikambi y\u2019abateshejwe izabo. Yanasavye ko abo bakenyezi bokwishikira muri komine yabo ya Mutumba, kuko ngo haracibonekeza ukwinubana gushingiye ku mvo za poritike. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Abashoboye gufata ijambo bashika 10, mu gihe abashika 30 bandi bagumye basaba kugira ico bashikirije. Bose barakenguruka bakavuga ico biyemeje gukora. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Umusore C\u00e9dric Ndayishimiye na we nyene yemeye ko agiye gushikira abandi bahungu nka we ugira ngo bashobore kutumvira abaharanira intwaro babacanishamwo na canecane muri iki gihe hazoba amatora mu mwaka uza. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Abanyakarusi bari batahuye ko atari kuvuga ivyo baciyemwo, nyabuna ari ugushikiriza ico umwe wese akuye mu kiganiro n\u2019ico yiyemeje gukora. <\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Abagize ico bashikirije bararonse udushimwe tugizwe n\u2019ibitenge,ibikoresho vyo mw\u2019ishure, udupira n\u2019ibitabo. Eka mbere n\u2019abatafashe ijambo hari abatari bake batahanye nya gitabo <em>\u201cAbakenyezi b\u2019intwari bibagiwe.\u201d<\/em><\/span><\/span><\/p>\n<p><span style=\"font-size: large\"><span lang=\"en-US\">Umunezero wari wose ku buryo batagomba gutaha. Nyabuna bamwe baciye bahaguruka barakanyukura bakikije Christine Ntahe, bakwirikije indrimbo mvamakungu canke iz\u2019Abarundi zariko ziravuga.<\/span><\/span><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Kw\u2019igenekerezo rya 4 mukakaro 2019, \u00ab\u00a0Abakenyezi b\u2019intwari bibagiwe\u00a0\u00bb bishikiye mu ntara ya Karusi. Uretse ko benshi mu bitavye bari bamaze kubona umupfasoni Christine Ntahe, barakengurutse intahe zashinzwe na Georgette Mahwera na Rejina Nduwimana. Eka n\u2019abajejwe intwaro barashima. Abanyakarusi bari bakerebutse cane mu kiganiro. Abitavye bari barwiyemwo abakenyezi, mugabo n\u2019abagabo n\u2019urwaruka ntibatanzwe. Ku kibuga c\u2019inkino co [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":34,"featured_media":3497,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[236],"tags":[165],"coauthors":[237],"class_list":["post-3490","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-abakenyezi-bintwari-bibagiwe","tag-karusi"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3490","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/34"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3490"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3490\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":4232,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3490\/revisions\/4232"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3497"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3490"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3490"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3490"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3490"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}