{"id":3475,"date":"2019-07-10T10:06:57","date_gmt":"2019-07-10T08:06:57","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3475"},"modified":"2019-07-10T10:06:57","modified_gmt":"2019-07-10T08:06:57","slug":"bujumbura-imiduga-yunguruza-abantu-burundi","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/bujumbura-imiduga-yunguruza-abantu-burundi\/","title":{"rendered":"\u00ab\u00a0Ko ya miduga minini yunguruza abantu yatanguye gushika, bene mito tugiye kuba abande?\u00a0\u00bb"},"content":{"rendered":"<p><strong>Umuzo w\u2019imiduga minini yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura urahagaritse imitima abasanzwe bakoresha imiduga mitomito yo mu bwoko bwa \u2018Hiace\u2019. Ni mu gihe ku biyunguruza ho akanyamuneza ari kose. Hari ico mu bushikiranganji bw\u2019ukwiyunguruza babivugako?<\/strong><\/p>\n<p>Vyarivyaravuzwe ko hagiye kuza imiduga minini minini yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, imiduga ishobora gutwara abantu bagera kw\u2019ijana, none vyaraye bishizwe mu ngiro. Itatu muriyo iramaze gushika, mbere ibiri ikaba yaratanguye no gukora. Si iyo gusa. N\u2019iyindi ngo iracaza. Ni mu gihe imiduga yo mu bwoko bwa \u2018Hiace\u2019 yahahora, isanzwe ifise ibibanza 18 gusa.<\/p>\n<p><strong>Abashoferi bakira gute uyo muzo?<\/strong><\/p>\n<p>Karabasya. Yajinyitse, Nyandwi asanzwe akoresha umuduga wo mu bwoko bwa \u2018Hiace\u2019 agira ati: <em>\u00ab\u00a0We wonezerwa gute ubona aho wahora ukura umukate w\u2019abana ugiye kubura burundu? Nako twokwemererwa kubandanya dukora ho&#8230;\u00a0\u00bb<\/em><\/p>\n<p>Si Nyandwi gusa, nka bose karaniga. Minani agira ati: <em>\u00ab\u00a0Ntakundi nyene uko zivugijwe niko zitambwa, tuzorya utwo badusigarije. None aho imodoka itwara abantu ijana iciye, ntiwumva ko isiga ikumakumye abakiriya bose? Twebwe ab\u2019imodoka ntonto ntibizotworohera na gato, nta ngere y\u2019aho bukera bazana iyindi\u00a0\u00bb.<br \/>\n<\/em><br \/>\nAbo batwara imiduga yo mu bwoko bwa \u2018Hiace\u2019 bagasaba ko n\u2019iyo miduga yindi yimirije kuza yoshika yisunga amategeko asanzwe ku mbuga nk\u2019ay\u2019ugutonda ku murongo eka mbere bagatoza n\u2019amahera amwe nk\u2019abandi, gutyo umukiriya yinjire muyo ashaka.<\/p>\n<p><strong>Mu bushikiranganji bw\u2019ukwiyunguruza barashima<\/strong><\/p>\n<p>Ego cane. Consolateur Nitunga, umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji agira ati: <em>\u00abIyo miduga, ntije gutera akajagari mu gisagara ca Bujumbura nyabuna ije nk\u2019umuti w\u2019ikibazo c\u2019ukwiyunguruza cari kimaze iminsi cibonekeza aho wasanga abantu batonda imirongo bakarara barataha ijoro bivanye n\u2019uko hakora imiduga mitomito\u00bb.<br \/>\n<\/em><br \/>\nNgo si ivyo gusa, uwo muyobozi nyene yibutsa ukuntu abanyagihugu bari bamaze igihe bataka incuro nyinshi kubw\u2019impuzu zabo zaguma zitabagurwa n\u2019imiduga ishaje iriko irakorera mw\u2019ibarabara. Iyo miduga iheruka kuza rero n\u2019iyindi iri inyuma, ngo ije nk\u2019inyishu y\u2019ivyo bibazo vyose.<\/p>\n<blockquote class=\"twitter-tweet\" data-width=\"550\" data-dnt=\"true\">\n<p lang=\"fr\" dir=\"ltr\">Petit bus de Bujumbura, petit comique. Je t\u2019entends ricaner quand tu red\u00e9marres en laissant ce beau jeune homme avec son costume d\u00e9chir\u00e9. Car oui, des fois tu t\u2019amuses \u00e0 d\u00e9chirer nos v\u00eatements et la meilleure est qu\u2019on s\u2019en prend \u00e0 nous-m\u00eame!<a href=\"https:\/\/t.co\/l6zEWIjsD1\">https:\/\/t.co\/l6zEWIjsD1<\/a><a href=\"https:\/\/twitter.com\/hashtag\/Burundi?src=hash&amp;ref_src=twsrc%5Etfw\">#Burundi<\/a><\/p>\n<p>&mdash; Yaga Burundi (@YBurundi) <a href=\"https:\/\/twitter.com\/YBurundi\/status\/1140560236564176896?ref_src=twsrc%5Etfw\">June 17, 2019<\/a><\/p><\/blockquote>\n<p><script async src=\"https:\/\/platform.twitter.com\/widgets.js\" charset=\"utf-8\"><\/script><\/p>\n<p>Ngo nta gitigiri c\u2019imiduga yitezwe kizwi. Eka n\u2019ikiguzi c\u2019umwumwe ngo kizwi na beneyo, kuko ngo atari iya reta, ari iy\u2019abagwizatunga b\u2019Abarundi nyene. Nayo ivy\u2019uko iyo miduga yoba yose izoza ari ubwoko bumwe, kubw\u2019uwo muyobozi ngo vyoshika canke ntibishike, ngo bizovana n\u2019aho beneyo bazoba bashimye kuyigurira.<\/p>\n<p><strong>Abiyunguruza na bo?<\/strong><\/p>\n<p>Buzuye urweze. Akanyamuneza ni kose, eka ntiworaba. kubw\u2019abo ngo zari zaratevye. Mariya twasanze ku murongo atwiganira atwengatwenga uko yayumvise, we ngo aheruka kuyihonja: <em>\u00ab Yemwe, eka ni indege yibereye aho. Wicara wisanzuye, irahagurutse, eka iranaryosha umunyenga. Naherutse duhaguruka, Sinamenye ukuntu twashitse. Ahubwo baribakwiye kuyigwiza nukuri\u00bb.<br \/>\n<\/em><br \/>\nAbasanzwe bakoresha imiduga yo mu bwoko bwa \u2018Hiace\u2019 bafise iyigikomeye, ngo nibahumure. Ariko inkuru y\u2019ab\u2019izishaje, ngo ni hanyuma. Iyo miduga ngo izisunga amategeko ahasanzwe nk\u2019iyindi mu ntumbero yo kworohereza bose nk\u2019uko tubikesha ubuyobozi bukuru bwo muri ubwo bushikiranganji.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Umuzo w\u2019imiduga minini yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura urahagaritse imitima abasanzwe bakoresha imiduga mitomito yo mu bwoko bwa \u2018Hiace\u2019. Ni mu gihe ku biyunguruza ho akanyamuneza ari kose. Hari ico mu bushikiranganji bw\u2019ukwiyunguruza babivugako? Vyarivyaravuzwe ko hagiye kuza imiduga minini minini yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, imiduga ishobora gutwara abantu bagera kw\u2019ijana, none [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":33,"featured_media":3476,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[207],"tags":[23,263],"coauthors":[231],"class_list":["post-3475","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ubutunzi","tag-bujumbura","tag-imiduga"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3475","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/33"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3475"}],"version-history":[{"count":1,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3475\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3477,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3475\/revisions\/3477"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3476"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3475"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3475"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3475"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3475"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}