{"id":3433,"date":"2019-07-08T08:00:23","date_gmt":"2019-07-08T06:00:23","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3433"},"modified":"2019-07-09T17:47:53","modified_gmt":"2019-07-09T15:47:53","slug":"burundi-ibibanza-bengeramwo-inzoga-biri-mu-kinyegero","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-ibibanza-bengeramwo-inzoga-biri-mu-kinyegero\/","title":{"rendered":"Ibibanza bengeramwo inzoga biri mu kinyegero"},"content":{"rendered":"<p><strong>I Burundi inzoga nyinshi zikozwe mu buryo bwa kavukire. Kandi zica zija kudandarizwa ahabona. Izo nzoga canecane zikozwe mu bitoke nk\u2019isongo canke urwarwa. Ariko hari ho n\u2019izindi zibujijwe n\u2019amategeko ugaca usanga zica zinyobwa mu kinyegero.\u00a0<\/strong><\/p>\n<p>Turi ku mutumba NyangaBushaza mu Kirundo. Ciza Superasi\u00a0 atangura arunguruka mw\u2019ibarabara hamwe no hafi y\u2019inzu yiwe kugira ngo arabe neza yuko ata nyamiramabi ziri hagufi ngo zihave zimuta muri yompi.\u00a0 Mu kigo iwe hari hateretseyo ibidumu bibiri vyuzuye inzoga ubona ko ata nkeka birindiriye abaza kubinywa. Superasi tumubajije ingene iyo nzoga yitwa, imbere yuko atwishura agatwengo karahatswe kumwegura araheza atubwira ati: <em>\u201cIyi nzoga yitwa Camudiho kuko wayisomye ikagushika ubibwirwa n\u2019uko utanguye gutamba\u201d<\/em>.\u00a0 Superasi ni umugore mugufi afise imyaka nka 30, ariko umuravye yaramaze kuba umutamakazi.<\/p>\n<p>Umubajije igituma, yishura ati: <em>\u201c Nsa nk\u2019uwushaje kuko nanyoye Camudiho nyinshi nkiri muto cane\u201d<\/em>. Nko mu mwanya ungana n\u2019iminota nka 10\u00a0 hari haje abantu babundabunda ariko baje gutwara ibidumu birimwo iyo nzoga. Ntawirirwa arabaza igiciro bashika bariha birukanga basubira inyuma. Superasi ati : <em>\u201cBava kure baza kuyindangura kuko bazi neza yuko ndayenga neza cane\u201d.<\/em><\/p>\n<p><strong>Inzoga ikorwa bidaciye mu mategeko<\/strong><\/p>\n<p>Superansi yatanguye kunywera mu kinyegero iyo nzoga ibujijwe n\u2019amategeko agifise imyaka 7 itarenga ntirenguke. Mu myaka indwi ikurikira ageze kuba umuyabaga ni ho yaciye atangura na we kuyenga. Ati ivyo bimutuma agira uburambe bw\u2019imyaka 15 akora ako kazi. None Camudiho ni iki? Superasi amaze imyaka 15 yenga\u00a0 iyo nzoga yaratubwiye muri make ico ari co: <em>\u201c Ni inzoga ikozwe mw\u2019ifu y\u2019amasaka, isukari nyinshi hamwe n\u2019umwambiro. Kugira ngo ishe, imara imisi ibiri\u201d<\/em> .<\/p>\n<p>Superasi ntatinya kubwira abandi yuko ayikora kandi ntanatinya ko n\u2019abandi bayikora kuko azi yuko afise abama baza kuyimugurira kandi ko atoyiheba. Ico atinya ni inyamiramabi gusa.<br \/>\nNtiyibagiye kuvuga yuko abajejwe intwaro bamaze igihe bataborohereza kuko bamwe mu bagenzi biwe benga iyo nzoga benshi barataye baromoka abandi na bo baratawe mu mvuto.\u00a0 Macumi Daniyeri umuhanuzi wa buramatari ati: <em>\u201c Tugerageza kurwanya no gutuza izo nzoga kubera yuko zonona amagara y\u2019abantu hanyuma zikanabakurako ubuntu\u201d<\/em>.\u00a0 Aremeza ko ibikorwa bigenda neza kandi ko abazenga batorohewe na gato.<\/p>\n<p><strong>Abakora iyo nzoga bavuga ko baba bariko barondera icorirenza<\/strong><\/p>\n<p>Urwo rugamba ntirwigeze rworohera Superasi, ubu avuga yuko ata co acunguka: <em>\u201c Ubwambere ni je nigurishiriza icupa ku mafaranga 250 ariko ubu ndaranguza gusa bagaca baja kwiyungukira. Ndabikora gutyo kuko ntinya ko inyamiramabi zimfata zikanjana mw\u2019ibohero.\u201d<\/em><\/p>\n<p>Nk\u2019uko abajejwe intwaro baguma basemerera yuko iyo nzoga ifise ingaruka mbi nyinshi ku magara y\u2019abantu, Superasi ntabihakana\u00a0 na gatoyi ariko avuga yuko\u00a0 abayenga babigira kugira bashobore kurondera ico bagaburira imiryango. Superasi\u00a0 aheraheza agira ati: <em>\u201c Jewe ndubatse kandi mfise abana bane mbwirizwa kurera. Abajejwe intwaro aho gutuza burundu ikorwa n\u2019idandazwa ry\u2019ico kinyobwa bari bakwiye kudufasha tukaja hamwe tukaraba ukuntu twogikora twisunze amategeko\u201d<\/em>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>I Burundi inzoga nyinshi zikozwe mu buryo bwa kavukire. Kandi zica zija kudandarizwa ahabona. Izo nzoga canecane zikozwe mu bitoke nk\u2019isongo canke urwarwa. Ariko hari ho n\u2019izindi zibujijwe n\u2019amategeko ugaca usanga zica zinyobwa mu kinyegero.\u00a0 Turi ku mutumba NyangaBushaza mu Kirundo. Ciza Superasi\u00a0 atangura arunguruka mw\u2019ibarabara hamwe no hafi y\u2019inzu yiwe kugira ngo arabe neza [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":8,"featured_media":3434,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[213],"tags":[],"coauthors":[41],"class_list":["post-3433","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-ukubana"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3433","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/8"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3433"}],"version-history":[{"count":2,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3433\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3466,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3433\/revisions\/3466"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/3434"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3433"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3433"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3433"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3433"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}