{"id":3426,"date":"2019-07-08T08:00:25","date_gmt":"2019-07-08T06:00:25","guid":{"rendered":"https:\/\/www.jimbere.org\/amayagwa\/?p=3426"},"modified":"2023-06-19T11:49:09","modified_gmt":"2023-06-19T09:49:09","slug":"burundi-abakenyezi-ingaruka-zurukanywa-gusumba-abagabo","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/burundi-abakenyezi-ingaruka-zurukanywa-gusumba-abagabo\/","title":{"rendered":"Abakenyezi barakarirwa n\u2019ingaruka z\u2019urukanywa gusumba abagabo"},"content":{"rendered":"<p><strong>Ingaruka z\u2019inzoga ku bagabo no ku bagore si zimwe. Ivyo ntivyemezwa n\u2019ikinyamakuru Jimbere kuko nta bubasha kibifitiye ariko ni abahinga babinonosoye batugira ku muriri\u2026\u00a0\u00a0 <\/strong><\/p>\n<p>Ku vyirwa 24 vyakozwe ku migabane yose y\u2019isi, umwe mu bahinga babikoze yitwa Wang avuga yuko ukoranirije hamwe ingaruka zose zishobora kugirira nabi uwanyoye inzoga, uguhakwa kwicwa n\u2019inzoga vyirwiza incuro zirenga 1,5 ku mugore anywa ku munsi igarama 75 (Ni ukuvuga ibirahuri indwi vy\u2019inzoga) ugereranije n\u2019umugabo anywa inzoga zingana nk\u2019uko nyene. Ivyo biharuro birashobora kuduga ugasanga nk\u2019iyo umugore anyoye inzoga zikaze, ko zishobora kumuhitana ugasanga bigeze ku bice 2,5 mu gihe umukenyezi ashikanye igarama 100 z\u2019inzoga ku munsi.<\/p>\n<p>Abo banditsi b\u2019abahinga babandanya bemeza yuko imibiri y\u2019abakenyezi ibangamirwa cane n\u2019inzoga gusumba iy\u2019abagabo (nk\u2019akarorero uca usanga abakenyezi ari bo benshi barwaye indwara z\u2019igitigu). Iciyongerako ni uko\u00a0 abakenyezi ari bo usanga inzoga zaraciye agatete gusumba abagabo bazihereza.<\/p>\n<div id=\"attachment_3428\" style=\"width: 492px\" class=\"wp-caption alignright\"><a href=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Dr-D\u00e9sir\u00e9-Manirakiza-3.jpeg\"><img loading=\"lazy\" decoding=\"async\" aria-describedby=\"caption-attachment-3428\" class=\"wp-image-3428 \" src=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Dr-D\u00e9sir\u00e9-Manirakiza-3.jpeg\" alt=\"\" width=\"482\" height=\"641\" srcset=\"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Dr-D\u00e9sir\u00e9-Manirakiza-3.jpeg 812w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Dr-D\u00e9sir\u00e9-Manirakiza-3-226x300.jpeg 226w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Dr-D\u00e9sir\u00e9-Manirakiza-3-768x1021.jpeg 768w, https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-content\/uploads\/2019\/07\/Dr-D\u00e9sir\u00e9-Manirakiza-3-770x1024.jpeg 770w\" sizes=\"auto, (max-width: 482px) 100vw, 482px\" \/><\/a><p id=\"caption-attachment-3428\" class=\"wp-caption-text\">Umuhinga mu vy\u2019imibano Manirakiza Dezire<\/p><\/div>\n<p><strong>Umukenyezi yibungenze akwiye guheba inzoga<\/strong><\/p>\n<p>Nkuko vyemezwa na muganga Ngabirano Erike, iyo umukenyezi yibungenze akaguma yihereza inzoga bituma umwana adaheza ngo akure neza, ubwonko bwiwe burashobora kugira ibibazo ndetse bikanamugirira ingaruka mbi mu mibereho yiwe iyo amaze kuvuka. Ivyo bishoboka kubera ko inzoga ziva muri nyina zigaca mu maraso yiwe zigatera zirangurura mu ngovyi y\u2019umwana ari mu nda na yo ikaba iba iriko iragaburira ico kibondo.<\/p>\n<p>Naho biri uko, muganga Ngabirano avuga yuko abahinga batarashobora kwerekana urugero rw\u2019inzoga umuntu yibungenze atorenza kwihereza. Arongerako ati ni co gituma uwibungenze yoca yirinda inzoga kuko n\u2019aho yoba yibarutse zica mu maberebere umwana yonka na we akaba azinyoye.\u00a0 Muganga Ngabirano aributsa yuko n\u2019abiyumvira yuko imivinyu ata co yonona ko na yo nyene imeze nk\u2019inzoga kuko irimwo ubumara bwitwa Ethanor bubangamira amagara y\u2019abana mu gihe bakiri kw\u2019ibere.<\/p>\n<p><strong>Iyo umukenyezi adohotse kw\u2019ibanga ryiwe ryo kwitaho ivyo mu rugo, urugo rurashobora gusambuka<\/strong><\/p>\n<p>Umuhinga mu vy\u2019imibano Manirakiza Dezire, iyo umukenyezi anywa inzoga akarenza, ingaruka mbi za mbere zibonekera mu rugo kuko hari ibikorwa nyamukuru ataba agishobora kurangura nko kwitaho ubuzima bwa minsi yose bw\u2019urugo, gusukura inzu, kurera abana, kubwiriza abakozi n\u2019ibindi vyinshi.<\/p>\n<p>Iyindi ngaruka ishobora gushika ku mukenyezi akunda cane urukanywa ni iyuko mu gihe anywa akarenza ashobora guhohoterwa ndetse hakanandurukiramwo n\u2019ivyo gufatwa ku nguvu. Arongera ati,\u00a0 inzoga umuntu azinyoye ari nyinshi ziragira ingaruka mbi haba ku bagore canke ku bagabo, ariko ingorane nyinshi zigira abagore. Iyindi ngorane igira gatatu uyo muhinga Dezire yatwiganiye ni iyijanye n\u2019ingene abarundi bitwararika urugo na canecane ko mu migenzo yacu umugabo ari we mutwe w\u2019urugo.<\/p>\n<p>Manirakiza abandanya yerekana yuko aha mu Burundi dufatiye ku mico n\u2019imigenzo yacu ko umugabo ari we aresha. Ivyo bigaca bijana n\u2019ukuntu kugira ngo umukobwa abe uwusonerwa mu kibano Ni uko ategerezwa gushobora kuronka umugabo , akubaka urugo akaronka n\u2019abana: <em>\u201c Ariko abagabo barinuba umugore yatwawe n\u2019inzoga kuko baca bashoka bibaza ko atazoshobora kwitwararika ibikorwa vyo mu rugo nk\u2019uko bitegekanijwe. Iciyongerako ni uko boca babona yuko uwo mugore yoba ari umugore yoroshe guhendwahendwa n\u2019abandi bagabo baba bashaka kumusambuza. Ku bagabo b\u2019abarundi rero kuzana umugore yihebeye akarwa bisa n\u2019ukwitega umutego kuko baba bazi yuko urwo rugo ruzohera amazimayongo ata co rushitseko. Umukenyezi anywa inzoga ni we akwiye gusuzuma ingendo yiwe kuko ni yo izomuha ikibanza mu kibano\u201d<\/em>.<\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Ingaruka z\u2019inzoga ku bagabo no ku bagore si zimwe. Ivyo ntivyemezwa n\u2019ikinyamakuru Jimbere kuko nta bubasha kibifitiye ariko ni abahinga babinonosoye batugira ku muriri\u2026\u00a0\u00a0 Ku vyirwa 24 vyakozwe ku migabane yose y\u2019isi, umwe mu bahinga babikoze yitwa Wang avuga yuko ukoranirije hamwe ingaruka zose zishobora kugirira nabi uwanyoye inzoga, uguhakwa kwicwa n\u2019inzoga vyirwiza incuro zirenga [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":5,"featured_media":378,"comment_status":"open","ping_status":"open","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"_monsterinsights_skip_tracking":false,"_monsterinsights_sitenote_active":false,"_monsterinsights_sitenote_note":"","_monsterinsights_sitenote_category":0,"footnotes":""},"categories":[203],"tags":[],"coauthors":[38,37],"class_list":["post-3426","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-amagara"],"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3426","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/users\/5"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=3426"}],"version-history":[{"count":9,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3426\/revisions"}],"predecessor-version":[{"id":3471,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/3426\/revisions\/3471"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media\/378"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=3426"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=3426"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=3426"},{"taxonomy":"author","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.jimberemag.org\/amayagwa\/wp-json\/wp\/v2\/coauthors?post=3426"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}